Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Kuvayo 27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ igicaniro co kwoserezakw ibimazi

1 Kand’ uz’ ubāze igicaniro mu giti c’umushita, uburebure bgaco bube amatambge atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bube atanu nyene; ico gicaniro kize kingane impande zose. Kand’ uburebure bgaco bg’igihagararo buze bube amatambge atatu.

2 Ku nkokora zaco ukw ari zine uz’ ugihe amahembe, ayo mahembe yaco az’ abāzirwe kuri co, abe kimwe na co; uheze ucomekekw imiringa.

3 Kand’ uz’ ugicurire inzavya zo kuyoreramw’ umunyota waco, n’ibintu vyo kuwuyoza, bo n’imibehe yaco, n’ivyo kwōkōza inyama, n’ivyo kurahuza: ivyo bintu vyaco vyose ubicure mu miringa.

4 Uz’ ugicurire ikintu c’insobane kimeze bga rusenga, ugicuze mu miringa; kand’ ico kintu kimeze nk’urusenga, uz’ ugitērekw ibigombo bine ku nkokora zaco ukw ari zine, ubicuze mu miringa.

5 Ugishire musi y’ igikugīrwa gikīkūje ico gicaniro, kugira ngo gihēre hasi, kigarukire ahacagatije ico gicaniro nyene.

6 Kand’ uz’ ubāzire ico gicaniro iminiho, iyo miniho uyibāze mu giti c’umushita, uyomekekw imiringa.

7 Iyo miniho yaco ize yinjizwe mur’ ivyo bigombo, ibe mu mbavu zaco zompi mu kukirerura.

8 Uz’ ukibāze mu mbaho, ukigire igisamāre: nk’uk’ uvyerekewe kur’ uyu musozi, az’ abe ari ko bakibāza.


Ivy’ urugo rw’ihema

9 Kand’ uz’ ukore urugo rw’ iryo hema: ku ruhande ruhera i bumanuko, urwo rugo ruze rube urw’ impuzu zibamvye, zijishwe mu nyuzi zera derere nziza zihinzwe neza, uburebure bgazo bg’amakika yo kur’ urwo ruhande buze bube amatambge ijana y’ ukuboko uciriye mu nkokora.

10 Ibirimbi zimanitsweko bize bibe mirongwibiri, n’ibitereko vyavyo vyo kubinegamwo bibe mirongwibiri nyene, bicuzwe mu miringa: imisumari yo kuri vyo iz’ icurwe mw ifeza, bo n’imitambikwa yo kuri vyo.

11 No ku ruhande ruhera i burārūko n’uko, haze habe impuzu zibamvye, uburebure bgazo bg’amakika buze bube amatambge ijana nyene, n’ibirimbi vyazo bize bibe mirongwibiri, n’ibitereko vyavyo bibe mirongwibiri nyene bicuzwe mu miringa; imisumari yo kuri vyo iz’ icurwe mw ifeza, bo n’imitambikwa yo kuri vyo.

12 Kand’ ubgaguke bg’ urwo rugo, ahahera i burengerazuba, haze habe impuzu zibamvye z’amatambge mirongwitanu, ibirimbi vyazo bize bibe cumi, n’ibitereko vyavyo bibe cumi nyene.

13 Kand’ ubgaguke bg’urwo rugo, ahahera i burasirazuba, buze bube amatambge mirongwitanu.

14 Ku ruhande rumwe ruhera kw irembo haze habe impuzu zibamvye z’amatambge cumi n’atanu; ibirimbi vyazo bize bibe bitatu, n’ibitereko vyavyo bibe bitatu nyene.

15 Ku rundi ruhande haze habe impuzu zibamvye z’amatambge cumi n’atanu; ibirimbi vyazo bize bibe bitatu, n’ibitereko vyavyo bibe bitatu nyene.

16 Kand’ irembo ry’ urwo rugo rize rigire igihuzu co kuhakinga c’amatambge mirongwibiri, kijishwe mu nyuzi z’amasufe no mu z’amashigisha no mu zisa n’agahama, no mu zera derere nziza zihinzwe neza, kijererenzwekw amabara n’abahinga; bo n’ ibirimbi bine bitambagije, n’ibitereko vyavyo bine nyene.

17 Ibirimbi vyose vy’urwo rugo vy’ impande zose bize bifatanywe n’ imitambikwa icuzwe mw ifeza, n’imisumari yo kuri vyo ibe ifeza nyene, n’ibitereko vyavyo vyo kubinegamwo bicurwe mu miringa.

18 Uburebure bg’ amakika y’urwo rugo impande zompi buze bube amatambge ijana, n’ ubgaguke bgarwo bg’amakika buze bube amatambge mirongwitanu impande zompi, uburebure bgarwo bg’igihagararo buze bube amatambge atanu, ruze rube urw’ impuzu zijishwe mu nyuzi zera derere nziza zihinzwe neza, kand’ ibitereko vy’ibirimbi vyarwo bize bicurwe mu miringa.

19 Ibikoreshwa vyose vy’iryo hema vy’ ibikorwa vyaryo vyose, bo n’imambo zaryo zose, n’imambo zose z’urugo, bize bicurwe mu miringa.


Ivy’ amavuta y’itara

20 Kand’ uz’ ubarire Abisirayeli bakuzanire amavuta y’umwisengesure avuye muri elayo zisekuwe, ya ca giterekwakw amatara, kugira ngo haze hame har’ itara ryaka.

21 Mw ihema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu gikingiye vya Bishinga intahe, abe ari ho Aroni n’abana biwe bazokwama baritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, jewe Uhoraho, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo. Iryo rize ribe ibgirizwa ry’intahava ryo kwitonderwa n’Abisirayeli ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ