Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Kuvayo 22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivyagezwe vyo ku bisuma, n’ ibindi bindi

1 Umuntu ni yiba inka cank’ intama, akayibāga cank’ akayishōra, inka az’ ayirihe zitanu, intama ayirihe zine.

2 Umusuma ni basanga amena, bakamutsindaho, uwamwishe amaraso yiwe ntaz’ amukore.

3 Arik’ ūzomwica izuba rirashe, amaraso yiwe azomukora. Umusuma akwiye kuriha; na ho ni yaba adafise ico ariha, agurwe ahōrwa ubusuma bgiwe.

4 Ni yaramuka afatanywe inyibano ikibona, ar’ inka cank’ indogoba cank’ intama, az’ ayitangane n’iyindi y’imperekeza.

5 Umuntu ni yōnēsha umurima cank’ imizabibu, akareka ico atunze kikōna umurima w’uwundi, az’ amurihe ku murima wiwe ibirusha ibindi kuba vyiza, canke ku mizabibu yiwe irusha iyindi kuba myiza.

6 Umuriro ni waccroka, ugafata uruzitiro rw’amahwa, ukarandagata, hagasha imikama y’ ingano, cank’ izigihagaze, cank’ umurima wose, uwacanye uwo muriro ntaz’ abure kubiriha.

7 Umuntu ni yabītsa mugenzi we amahera cank’ ibindi bintu, bikībirwa i we, uwavyivye ni yaboneka az’ arihe ibingana na vyo kabiri.

8 Uwavyivye n’ataboneka, nyen’ urwo rugo aze imbere y’ Imana, kugira ngo bamurahize kw atākojeje ukuboko ku bintu vya mugenzi we.

9 Mu vyo kugungana vyose, naho yoba inka, cank’ indogoba, cank’ intama, cank’ impuzu, cank’ ikindi kintu cose cazimiye, umuntu akagifata, akavuga, ati Ngiki! urubanza rw’ abo bompi rujanwe ku Mana, uwo Imana izocira urubanza kw’ atsinzwe, az’ arihe uwo wundi ikingana na co kabiri.

10 Umuntu ni yabītsa mugenzi we indogoba cank’ inka cank’ intama cank’ ikindi gitungwa cose, kigapfa canke kikavunika canke kikanyagwa, ata muntu abibona;

11 indahiro aja kurahira izina ry’ Uhoraho iz’ abe ari yo ibarangiriza, yukw atākojeje ukuboko ku bintu vya mugenzi we; nyene vyo ayemere, uwo ntārinde kumuriha.

12 Ariko ni hagira icībirwa i we, az’ akirihe nyene co.

13 Na ho ni catabagurwa n’igikōko, azane ikirangara kibishingira intahe; ntārinde kuriha iyatabaguwe.

14 Canke ni hagira igitungano umuntu atīra mugenzi we, kikavunika canke kigapfa, nyene co atari ho ari, uwo ntaz’ abure kukiriha.

15 Ariko nyene co ni yahaba, uwo ntaz’ akirihe, ni yaba yagitanze ku mpēra, iyo mpēra nyene izoba ibaye indihano.

16 Umuntu ni yahendagiza umwigeme ataribgasabge, akaryamana na we, ntaz’ abure kumukwa ngw abe umugore wiwe.

17 Ariko se ni yanka kumumushingira, na ho nyene atange inkwano nk’uko bahora bakwa abandi bigeme.

18 Umurozikazi ntimuze mumureke ngw abeho.

19 Ūzoryamana n’igitungano ntaz’ abure kwicwa.

20 Ūzotanga ikimazi, akagiha iyindi mana, atari jewe Uhoraho jenyene, az’ arandurwe rwose.

21 Umunyamahanga ntimuze mumugirire nabi, canke ngo mumuhahaze, kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa.

22 Ntihaze hagire umupfakazi cank’ impfuvyi mucuranguza.

23 Ni mwagira ico mubacuranguzako na gitoya, bakantakambira, sinzobura kwumviriza ugutakamba kwabo;

24 maz’ uburake bganje bukaziriringa, nkabīcīsha inkota, abagore banyu bagasigara ar’ abapfakazi, n’abana banyu bakaba impfuvyi.

25 Ni hagira ūgurāna amahera umuntu uw’ ari we wese wo mu bantu banje, w’umubanyi wiwe w’umworo, ntaz’ amwugarize mu kumwishuza, kandi ntaz’ amucire ay’ inyungu.

26 Ni hagira ūkīzūra impuzu ya mugenzi we kukw amuheraniye, izuba ntirirenge atayimushubije:

27 kukw ari yo yipfuka yonyene, ari wo mwambaro wo ku mubiri wiwe; none yokwiyorosa iki? Ni yantakambira, nzomwumviriza, kuko nd’ umunyembabazi.

28 Ntihaze hagire ūrogota kuri jewe Imana, canke ngw avume umukuru wo mu bgoko bganyu.

29 Ntimuze mutebagane kunshikanira ku vyo mwakikinyuye, ari ku vyo mwejeje, ari ku binyobga vyanyu. Imfura zanyu z’ abahungu muze muzimpe.

30 Abe ari ko muzokora no ku nka zanyu no ku ntama zanyu: iy’ uburiza iz’ imarane na nyina imisi ndwi, ku musi ugira umunani muze muyimpe.

31 Muzoba abantu b’abagabo nirobanuriye; kandi ntimuze murye ku nyama z’ikirangara kiri mu gahinga, iz’ ari zo zose, ariko muze muziterere imbga.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ