Kuvayo 21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivyagezwe vyo ku bagurano na ba shebuja 1 Ibi ni vyo vyagezwe uzobashikiriza. 2 Ni hagira ūgura umugurano w’Umuheburayo nka we, az’ amujākarire imyaka itandatu: mu mwaka ugira indwi az’ arekurwe, yībēre mu mwidegemvyo, ata co yicunguje. 3 Namb’ azoba yaraje wenyene, agende wenyene; namb’ azoba yazananye n’umugore, ajane na we. 4 Kandi shebuja namba yaramuhaye umugore, bakavyarana abahungu cank’ abakobga, nya mugore n’abana biwe bazosigara ar’ aba shebuja, na we agende wenyene. 5 Arik’ uwo mugurano ni yavuga amaramaje, ati Nkunda databuja n’umugore wanje n’abana banje, singomba kurekurwa ngo nje mu mwidegemvyo: 6 shebuja amuzane aho ndi, jewe Imana, aheze amuhagarike ku rugi canke ku gishimaryango, amutoboze ugutwi umugera; uwo az’ arinde apfa akimujākariye. 7 Umuntu ni yashōra umwana wiwe w’umukobga akaja kuba umugurano, igihe kigeze ntaz’ arekurwe nk’uko barekura abagurano b’abagabo. 8 Ariko n’atātunganira shebuja, yari yaramurongoye, shebuja aze yemere acungurwe. Ariko kumugura n’abanyamahanga ntivyemerwa, kukw azoba yaramwononye. 9 Canke ni yamuha umuhungu wiwe, amutere itēka nk’uko yogiriye umukobga wiwe. 10 Na ho ni yamuharika uwundi, ntaz’ ahaze umutēko wiwe w’ inyama yamugereye cank’ imyambaro yiwe, cank’ imbu ziwe. 11 Ni yaramuka atiriganye mur’ ivyo ukw ari bitatu, uwo mugore az’ arekurwe gusa, ata mahera atanzwe. Ivyagezwe vy’uwishe umuntu 12 Ūkubise uwundi, agapfa, ntaz’ abure kwicwa. 13 Arik’ uwobigira atavyitumye, ari jewe Imana ntumye amugwa mu maboko, nzokurangira ah’ azohungira. 14 Arik’ umuntu ni yatera mugenzi we ibigirankana, ngw amwice mu bugunge, muze mumukūre ku gicaniro canje, kugira ngo yicwe. 15 Ūkubise se canke nyina, ntaz’ abure kwicwa. 16 Uwivye umuntu ngw amushōre, ar’ ūmaze kumugura, cank’ ar’ ūmufatanywe, ntaz’ abure kwicwa. 17 Ūvumye se canke nyina, ntaz’ abure kwicwa. 18 Abantu ni barwana, umwe agatera uwundi ibuye, cank’ akamusekura igipfunsi, akamara imisi arwaye, ariko ntapfe: 19 amaze gusubira kuvyuka, akāndārira ku kibando, uwamukubise ntaze yicwe, arikw az’ amurihe imisi amaze arwaye, atekw amuvūze, kugeza akize neza. 20 Umuntu ni yakubita inkoni umugurano wiwe, cank’ umuguranokazi, akamugwa mu maboko, ntaz’ abure guhanwa; 21 ariko ni yasība rimwe canke kabiri atarahwera, ntaz’ abihanirwe: kuko vyar’ ibintu vyiwe. 22 Abantu ni barwana, bagaca ku mugore akuriwe, bigatuma inda yiwe ikoroka, ariko ntāgire ikindi aba: ūmuciyeko ntaz’ abure kuriha ico umugabo w’uno mugore azomucira cose; az’ arihe nk’ ukw abacamanza bazoshinga. 23 Ariko ni yagira ikindi aba, uz’ ugere k’ubugingo buhōrwa ubundi, 24 ijisho rihōrwe irindi, iryinyo rihōrwe irindi, igikonjo gihōrwe ikindi, ikirenge gihōrwe ikindi, 25 ubushe buhōrwe ubundi, uruguma ruhōrwe urundi, umushishu w’inkoni uhōrwe uwundi. 26 Umuntu ni yakubita umugurano wiwe cank’ umuguranokazi, akamumena ijisho, amurekure yidegemvye kukw amumennye ijisho. 27 Kandi ni yakubita umugurano wiwe cank’ umuguranokazi, akamuhongora iryinyo, amurekure yidegemvye kukw amuhongoye iryinyo. Ivyagezwe vyo ku nka zica 28 Ni hagira inka yica umugabo cank’ umugore, agashika, iyo nka ntiz’ ibure kwicishwa amabuye, kandi ntiz’ iribge; ariko nyene yo ntaz’ ashirwe mu rukinja. 29 Arikw iyo nka ni yaba yar’ isanzwe yica, nyene yo bakaba baramwihanije, ntayizigame, ikica umugabo cank’ umugore, agashika, iyo nka ize yicishwe amabuye, na nyene yo na we bamwice. 30 Na ho ni bamwaka indihano, atange ico bazomucira cose, kugira ngw acungure ubugingo bgiwe. 31 Naho yokwica umwana w’umuntu, ar’ umuhungu cank’ umukobga, nyene yo agirwe nk’ukw ico cagezwe kivuga. 32 Arikw inka ni yica umugurano cank’ umuguranokazi, nyene yo az’ arihe shebuja w’uno shekeli z’ifeza mirongwitatu, iyo nka na yo ize yicishwe amabuye. 33 Umuntu ni yarumūra urwobo rwo kubīka amazi, canke ni yarwimba ntarurumye, inka ikarukorokeramwo cank’ indogoba; 34 nyene rwo az’ arihe ico yar’ imaze, ahe nyene yo amahera, umuvyimba ube uwa nyen’ urwobo. 35 Inka y’umuntu ni yica iy’ uwundi, igahwera, iyishe iyindi bayigure, bagabure ivyo iguzwe, n’ umuvyimba na wo nyene bawugabure. 36 Na ho ni vyaba bizwi kw iyo nka yar’ isanzwe yica, nyene yo ntayizigame, ntaz’ abure kuyiriha iyindi, umuvyimba ukaba uwiwe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi