Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Kuvayo 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Mose atorwa n’umukobga wa Farawo

1 Umuntu wo mu muryango wa Lewi aragenda, arongora umukobga wo mu Balewi nyene.

2 Uwo mugore asama inda, avyara umuhungu: maz’ abonye uwo mwana kw ari mwiza, aramunyegeza kumara amezi atatu.

3 Atagishoboye kumuhisha, yābīra agatebo kajishwe mu nkorogoto, agahoma kaburimbi n’ishīshi; ashiramw’ uwo mwana, agashira mu rufunzo mu munyika ku ruzi.

4 Mushiki we aramwitangūra, ngw arābe ico yoba.

5 Maz’ umukobga wa Farawo amanuka kwiyuhagira mu ruzi, incoreke ziwe zigendagenda ku nkombe y’uruzi. Abona ka gatebo mu rufunzo, atuma incoreke yiwe kukazana.

6 Arakarumūra, asanga karimw’ umwana: kand’ uwo mwana yarikw ararira. Amutera akagongwe, at’ Uyu n’umwana wo mu Baheburayo.

7 Maze mushiki we abaza uwo mukobga wa Farawo, ati Mbega sinoja kukuronderera umugore wo mu Baheburayo ngw amukwonkereze?

8 Umukobga wa Farawo aramwishura, at’ Ego me, genda. Nuk’ uwo mukobga aragenda, ahamagara nyina w’uwo mwana.

9 Umukobga wa Farawo aramubarira, ati Jana uyu mwana, umunyonkereze, nzokugerera. Uwo mugore ajana uwo mwana, aramwonsa.

10 Umwana amaze gukura, amushīra umukobga wa Farawo, acika umwana wiwe. Amwita Mose, ati N’uko namukūye mu mazi.


Mose yishe Umunyegiputa, ahungira i Midiyani

11 Maze Mose amaze gukura, umusi ur’ izina agendera bene wabo, yitegereza ubugene batwazwa ituntu; abona Umunyegiputa akubita Umuheburayo w’i wabo.

12 Yeraguza hirya no hino, maz’ abonye kw ata wumubona, yica uwo Munyegiputa, umuvyimba awuhisha mu musenyi.

13 Bukeye bgaho, asubiye kwanduruka, agize artya aseruka ku bagabo babiri b’Abaheburayo barwana: abaza ūsindiye uwundi, ati N’iki gitumye ukubita mugenzawe?

14 Aramwishura, ati Ni nde yakugize umukuru cank’ umucamanza wacu? Mbeg’ ugomba kunyica nk’uko wishe wa Munyegiputa? Mose aratinya, arivuganya, ati N’ukuri vyaramenyekanye.

15 Farawo avyumvise, arondera uko yokwica Mose. Ariko Mose aramuhunga, ahungira mu gihugu c’i Midiyani: yicara i ruhande y’ iriba.

16 Kandi hār’ umuherezi w’i Midiyani yar’ afise abakobga ndwi: baraza, baravoma, buzuza ingomero, ngo bashore umukuku w’ intama wa se.

17 Haza abungere, barabirukana: ariko Mose ava hasi, arabatabara, ashora umukuku wabo.

18 Bashitse kwa se Ruweli, arababaza, ati Ko muje n’ ingoga uyu musi?

19 Bati N’ uk’ umuntu w’Umunyegiputa yadutabaye abungere, atakw atuvomera n’amazi, ashora umukuku.

20 Abaza abo bakobga, ati Non’ ari hehe? N’iki catumye musiga uwo muntu? Ni mumuhamagare, tumufungurire.

21 Maze Mose ashima kubana n’uwo muntu: na we arahava amuha umwigeme wiwe Zipora.

22 Avyara umuhungu, se amwita Gerushomu, ati Nabaye inyambukīra mu gihugu kitar’ icacu.


Umuniho w’Abisirayeli ushika ku Mana

23 Hashize igihe kirekire, umwami wa Egiputa aratanga: Abisirayeli banihishwa no kuba mu buja, barataka; ugutaka batakishwa n’ubgo buja kuradūga, gushika ku Mana.

24 Imana yumva amaborogo yabo, yibuka isezerano ryayo yasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo.

25 Imana yitegereza Abisirayeli, ibona uko bameze.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ