Kuvayo 17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Igitandara c’i Horebu kivamw’ amazi 1 Ishengero ryose ry’ Abisirayeli riva mu bugaragwa bg’i Sini, bagenda baratāhīra, nk’ uk’ Uhoraho yabageze, barinda bashika i Refidimu, basagazayo. Abantu basanga nta mazi ariho yo kunywa. 2 Maz’ abantu batonganya Mose, bati Duhe amazi, tunywe. Mose arababaza, ati Muntonganiriza iki? N’iki kibateye kugerageza Uhoraho? 3 Abantu bahicirwa n’inyota, bidodombera Mose, bati Wadukūriye iki muri Egiputa kutwicisha inyota, twe n’abana bacu n’ibitungwa vyacu? 4 Maze Mose atakambira Uhoraho, ati Mbeg’ aba bantu ndabagire nte? ko bashigaje gatoya bakantera amabuye. 5 Uhoraho abarira Mose, ati Ca imbere y’abantu, ujane bamwe mu bakuru b’Abisirayeli; witwaze na ya nkoni wakubitishije rwa ruzi, ugende. 6 Ehe rāba nanje ndahagarara imbere yawe hariya ku gitandara c’i Horebu; nawe uheze uje gukubita ico gitandara, amazi aca yisuka avuye muri co, abantu banywe. Nuko Mose abikora artyo imbere y’abakuru b’Abisirayeli. 7 Yita aho hantu Masa na Meriba kukw Abisirayeli bamutonganije, kandi kuko bagerageje Uhoraho, bakabaza ngo Mbeg’ Uhoraho ari muri twebge, canke ntari muri twebge? Abamaleki batera Abisirayeli 8 Maze haza Abamaleki, baterera Abisirayeli i Refidimu. 9 Mose abarira Yosuwa, ati Dusobanurire abantu, ubajane murwanye Abamaleki; nanje ejo nzohagarara ku mpinga y’umusozi, nitwaje ya nkoni y’Imana. 10 Yosuwa agira nk’uko Mose yamubariye nyene, aja kurwanya Abamaleki: Mose na Aroni na Huri baradūga, baja ku mpinga y’uwo musozi. 11 Maze Mose iy’ amanitse amaboko Abisirayeli baranesha: ngw ayamanure, Abamaleki bakanesha. 12 Maz’ amaboko ya Mose araruha; bābīra ibuye, bararimutega, aryicarako; Aroni na Huri bagumya amaboko yiwe, umwe ku ruhande rumwe, uwundi ku rundi: amaboko yiwe araguma gushitsa izuba rirenze. 13 Yosuwa aririkisha inkota abantu bose b’Abamaleki. 14 Uhoraho abarira Mose, ati Ni wandike ivyo mu gitabo, bibe icibutso; ubibarire Yosuwa, ubimwumvishe, yuko nzozimanganya ukumenyekana kw’Abamaleki, bībagirane mu bo musi y’ijuru bose. 15 Maze Mose yubaka igicaniro, acita Yehovanisi: 16 aravuga, at’ Uhoraho yamanitse ukuboko arahira kw azorwanya Abamaleki, kuva ku runganwe rumwe gushitsa ku rundi, birtyo birtyo. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi