Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Kuvayo 16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Uhoraho aha Abisirayeli manu

1 Ishengero ryose ry’Abisirayeli bavuduka i Elimu, bataha mu bugaragwa bg’i Sini, buri hagati ya Elimu na Sinayi, hari ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwezi gukurikira ukwo baviriye mu gihugu ca Egiputa.

2 Ishengero ryose ry’Abisirayeli bidodombera Mose na Aroni mur’ ubgo bugaragwa,

3 barababarira, bat’ Uhoraho iy’ apfuma atwicira mu gihugu ca Egiputa, tucīteretse inkono z’inyama, tukirya ivyo kurya tugahāga; none mwadukūyeyo mutuzana mur’ ubu bugaragwa kugira ngw iri shengero ryose mutwicishe inzara.

4 Maz’ Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, ngira ngo ndabacuncuburire umutsima uvuye mw ijuru: uko bukeye abantu baze bame baja kwegeranya ivy’ uwo musi, kugira ngo mbagerageze ndābe yuko bitondera ivyagezwe vyanje, canke ko batavyitondera.

5 Kandi ku wa gatandatu, igihe basorongora ivyo bazanye, bazosanga harimw’ ibingana kabiri n’ivyo bahora bazana.

6 Nuko Mose na Aroni babarira Abisirayeli bose, bati Ku mugoroba ni ho muja kumenya yuk’ Uhoraho ari we yabakūye mu gihugu ca Egiputa;

7 kandi mu gitondo ni ho muzobona icubahiro c’Uhoraho: kuko yumvise ingene mumwidodombera; natwe ga twar’ iki, aho mutwidodombera?

8 Mose arababgira, at’ Ivyo murabibona igihe Uhoraho aja kubaha inyama zo kurya kur’ uyu mugoroba, mu gitondo akazobaha umutsima, mukarya mugahāga; kuk’ Uhoraho yumvise imyidodombo yanyu mumwidodombera; natwe twar’ iki? erega si twebge mwidodombera, mwidodombera Uhoraho.

9 Maze Mose abarira Aroni, ati Barira ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, uti Ni mwīgire hafi imbere y’ Uhoraho, uti Kuko yumvise imyidodombo yanyu.

10 Nuko Aroni akirikw aravugana n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, bahindukiye babona mu bugaragwa ubgiza bg’ Uhoraho bgiyerekaniye muri ca gicu.

11 Uhoraho abarira Mose,

12 ati Numvise imyidodombo y’ Abisirayeli; non’ ubabarire, uti Kur’ uyu mugoroba murarya inyama, kandi mu gitondo muzorya umutsima, muhāge: uti Muzoca mumenya kw ari we Uhoraho Imana yanyu.

13 Nuko ku mugoroba inkware ziraza, zigwa aho bashagaje, zirahazimya; mu gitondo buca ikime gitonze impande zaho zose.

14 Ikime kimaze guta, hasi aho mu bugaragwa haboneka utuntu duto‐duto nk’utuvunguka, duto‐duto nk’ikime cavuze.

15 Abisirayeli babibonye, barabazanya, bat’ Ibi n’ibiki? kuko batāmenye ivy’ ari vyo. Mose arababgira, at’ Uwo n’umutsima Uhoraho abahaye kw ivyo kurya.

16 Ibi ni vyo Uhoraho yavuze, at’ Umuntu wese yegeranye ibihwanye n’igisa ciwe, kand’ ajanire abo mw ihema ryiwe ingero yitwa omeru imwe‐imwe ku muntu ku muntu, nk’ ukw igitigiri c’abantu banyu kingana.

17 Abisirayeli babigenza bartyo, baravyegeranya, bamwe begeranya vyinshi, abandi bike.

18 Babigeze kuri ya ngero yitwa omeru, uwegeranije vyinshi asanga nta co asāguye; uwegeranije bike asanga nta co akehaniwe: umuntu wese asanga yegeranije ibihwanye n’igisa ciwe.

19 Maze Mose arabīhaniza, ati Ntihagire umuntu abirāza.

20 Yamara Mose ntibamwumvira: bamwe babirāzako, basanga vyaboze, binyagara inyo. Mose arabarakira.

21 Nuko bama bavyegeranya uko bukeye, umuntu wese ibihwanye n’igisa ciwe: izuba ngo risasike, bikayaga.

22 Maze ku wa gatandatu begeranya ivyo kurya bingana kabiri n’ivyo bahora bazana: umuntu wese agira omeru zibiri‐zibiri; abakuru bose b’iryo shengero baraza babibarira Mose.

23 Arababarira, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, at’ Ejo uzoba umusi wo kuruhūka, w’isabato irobanuriwe Uhoraho; ni bagende barondere ivyo bagomba, bateke ivyo bagomba; ibisāgutse babibīke, babirāze.

24 Nuko barabirāza nk’uko Mose yabageze; ntivyabora, ntivyagwa urunyo na rumwe.

25 Mose arababgira, at’ Uyu musi murye ivyo, kuk’ uyu musi ar’ uw’ isabato y’Uhoraho; uyu musi ntimubibona ku musozi.

26 Mu misi itandatu muzokwama muvyegeranya, arik’ ūgira indwi n’ uw’ isabato: kuri wo ntibizoboneka.

27 Ariko kur’ uwo musi ugira indwi bamwe mu bantu baja kuvyegeranya, barabibura.

28 Uhoraho abaza Mose, ati Muzogeza hehe kwanka kwitondera ivyagezwe vyanje n’amabgirizwa yanje?

29 Rāba, jewe Uhoraho ko nabahaye isabato, ni co catumye mbaha ivyo kurya vy’imisi ibiri ku wa gatandatu. Umuntu wese n’agume ah’ ari, ntihagire umuntu ayegayega ku musi ugira indwi.

30 Nuko ku w’indwi abantu bararuhuka.

31 Ab’ inzu ya Isirayeli bita utwo tuntu manu: twasa n’utubuto tw’agati kitwa gadi, kandi twera de: twasōsa nk’udutsima turimw’ ubūki.

32 Mose arababgira, at’ Iki ni co Uhoraho yabageze, at’ Ingero ya omeru yuzuye manu ibīkirwe ab’ urunganwe rwanyu uko ruzogenda rukurikirana, kugira ngo baze barābe umutsima yabagaburiye mu bugaragwa, igihe yabakūra mu gihugu ca Egiputa.

33 Mose abarira Aroni, ati Jana urwavya, urusukemwo manu yuzuye omeru imwe, urutereke imbere y’Uhoraho, kugira ngo rubīkirwe ab’urunganwe rwanyu uko ruzogenda rukurikirana.

34 Nuko Aroni arutereka imbere y’ Ibishinga intahe, ngo rwameho, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.

35 Abisirayeli bamara imyaka mirongwine barya manu, bageza aho bashikiye mu gihugu kirimw’ abantu; barya manu bashitsa aho bagereye ku rugabano rw’igihugu c’i Kanani.

36 Ingero yitwa efa irimw’ izitwa omeru cumi.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ