Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Ivyakozwe 28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Inzoka ikomora Paulo, ntiyagira ic’ aba

1 Tumaze gukira, tumenya ico kizinga yuko citwa Melita.

2 Abanyamahanga badebagura baratubukabuka bitangaje, baducanira umuriro, batwākīra twese, kubg’ imvura n’imbeho vyāriho.

3 Ariko Paulo amaze gusenya umuganda w’inkwi, arazikomānya, inzoka iva mu muriro, imukomora ku kuboko.

4 Abo badebaguzi babonye ico gikōko cenena ku kuboko kwiwe, baravugana, bat’ Uyu muntu ntabuze kuba umwicanyi; kandi naho yakize ikiyaga, Īdaca urwa nkunzi ntimukundiye kw abaho.

5 Arikw akunkumurira ico gikōko mu muriro, ntiyagira ic’ aba.

6 Ba bandi barereka kw avyimba, canke kw agwa bukumbi: ariko bamara umwanya munini babireretse, babonye ata co abaye, barahindura, bati N’imana.


Paulo akiza se w’umukuru w’ico kizinga

7 Hafi y’aho hantu hār’ amatongo y’umukuru w’ico kizinga, yitwa Pubiliyo, aratwākīra, atuzimāna neza imisi itatu.

8 Se wa Pubiliyo yar’ arwaye inyonko kand’ agacibgamw’ amaraso, maze Paulo yinjira i we, arasenga, amurambikakw ibiganza, aramukiza.

9 Ivyo bibaye, abandi bari n’indwara bo mur’ ico kizinga baraza, arazibakiza.

10 Baduha icubahiro mu buryo bginshi; maze mu gihe co kujabuka kwacu bashira mu bgato ivyo dukennye.


Bamaze kujabuka bashika i Roma

11 Tuhamaze amezi atatu, tuvudukayo mu bgato bgari bgavuye muri Alekisanderiya, bgari bumaze iyo misi y’urushana ku kizinga, ikimenyetso cabgo car’ Imana z’Amahasa.

12 Dufata i Surakusa, tuhamara imisi itatu.

13 Turahava, turazinguka, dufata i Regiyo. Hashize umusi umwe umuyaga uturutse i bumanuko urahehera, tugenda imisi ibiri, dufata i Puteyoli.

14 Tuhasanga bene Data bamwe, baratwinginga ngo tumarane na bo imisi ndwi: uko ni ko twashitse i Roma.

15 Bene Data b’i Roma bumvise inkuru yacu, baza kudusanganirira ahitwa Akaguriro ka Apiyo, n’ahitwa Amaduka Atatu: Paulo ababonye ashima Imana, umutima urarema.

16 Tumaze gushika Roma, umugabisha w’abasoda ijana ashikiriza imbohe umugabisha w’abasoda bahora bashibama kwa Kayisari: ariko bakundira Paulo kuba ukwiwe, ari kumwe n’umusoda amurinda.


Paulo yigisha Abayuda b’i Roma

17 Imisi itatu ishize ahamagara abakuru bo mu Bayuda abakoraniriza hamwe; bamaze gukorana, arababarira, ati Bagabo bene Data, naho ntāgize ikibi nakoze ku bgoko bgacu canke ku migenzo ya ba sogokuruza, bāmpaye Abaroma nd’imbohe, bamvanye i Yerusalemu.

18 Na bo bamaze kuncunaguza, bashaka kundekura, kukw ata nyanduruko yambonetseko yo kunyicisha.

19 Arikw Abayuda batagaye, numva nkwiye kwitwara kuri Kayisari; ariko s’uko mfise ico ndega ubgoko bgacu.

20 Ivyo ni vyo nabatumiyeko ngo tuvugane tubonāna: kukw ivyo Abisirayeli bizigira kuzobona ari vyo vyatumye mboheshwa uyu munyororo.

21 Na bo baramwishura, bati Nta vyete twāronse bivuye i Yudaya bivuga ivyawe, kandi bene Data baje nta watubariye inkuru mbi yawe, canke ngw akuvuge nabi.

22 Ariko turagomba kwumva ivyo wiyumvira, kukw ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.

23 Basezerana na we umusi, baza iy’ ari ari benshi, mu nzu bamuhaye, arabibasobanurira, ashingira intahe ivy’ ubgami bg’Imana, abemeza ivya Yesu, abikuye mu vyagezwe vya Mose no mu vy’ abāvugishwa n’Imana, ahēra mu gitondo ashitsa ku mugoroba.

24 Maze bamwe bemera ivyo avuze, abandi ntibāvyemera.

25 Batemeranije ubgabo barataha, Paulo asubiye kuvuga ijambo rimwe, at’ Ivyo Mpwemu Yera yabaririye ba sogokuruza banyu mu kanwa k’uwavugishwa n’Imana Yesaya, yabivuze neza,

26 ati Ja kur’ ubgo bgoko, Uti Kwumva muzokwumva, ariko ntimuzoruha mubitahura; Kurāba muzorāba, ariko ntimuzoruha muvyihweza.

27 Kuk’ umutima w’ubu bgoko ucuramye, Amatwi yabo akaba ari bihurugutwi, Amaso yabo bakayahumiriza: Ngo ntibarābishe amaso, Ntibumvishe amatwi, Ntibatahurishe imitima, Ngo bahindukire, Mbakize.

28 Nuko mumenye yukw ako gakiza k’Imana kārungitswe ku banyamahanga: kand’ abo bazokwumva. [

29 Amaze kuvuga artyo, Abayuda bagenda bahāririzanya bikomeye.]

30 Amara mu nzu yiwe yatangiye ikibuguro imyaka ibiri yiramvuriye: yama yākīra abaje kumugendera bose,

31 akabahanūra mu vy’ubgami bg’Imana, akigisha ivy’ Umwami Yesu Kristo, ashize amanga rwose, ata wumubuza.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ