Ivyahishuwe 21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ijuru rishasha n’isi nshasha 1 Mbona ijuru risha n’isi nsha: kukw ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye, n’ikiyaga nticari kikiriho. 2 Mbona umurwa wera, Yerusalemu musha, wururuka uva mw ijuru ku Mana, witeguwe nk’uk’ umugeni asharizwa umugabo wiwe. 3 Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’ Eh’ ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’ izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’ Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo. 4 Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’ urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’ amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize. 5 Īvyagira kuri ya ntebe iravuga, iti Rāba vyose ndabihindura bisha. Kand’ it’ Andika, kukw ayo majambo ar’ ayo kwizerwa n’ay’ ukuri. 6 Kand’ irambarira, iti Karabaye. Ndi Alufa na Omega, itanguriro n’iherezo. Ūfise inyota nzomuha kunywa kw isōko y’amazi y’ubugingo ku buntu. 7 Ūnesha azoragwa ivyo, nanje nzoba Imana yiwe, na we azoba umwana wanje. 8 Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri. Yerusalemu wo mw ijuru 9 Haza umwe wo muri ba bamarayika ndwi, bari bafise za nzavya ndwi zuzuye ivyago ndwi vy’iherezo, avugana nanje arambgira, ati Ngwino nkwereke umugeni, umugore wa wa Mwagazi. 10 Anjana ku musozi munini muremure ndi muri Mpwemu, anyereka umurwa wera Yerusalemu, wururuka uva mw ijuru ku Mana, 11 ufise ubgiza bg’Imana. Ugukayangana kwawo gusa n’ukw’ ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro kinini cane, nk’akabuyenge kitwa yasipi, kabonerana nk’icirore, 12 uzigujwe n’urugo runini rurerure rufise ibirimba cumi na bibiri, no mu birimba harih’ abamarayika cumi na babiri, kandi hār’ amazina yanditsweko, ni yo y’imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli. 13 Ahahera i burasirazuba har’ ibirimba bitatu; ahahera i burārūko har’ ibirimba bitatu; ahahera i bumanuko har’ ibirimba bitatu; ahahera i burengerazuba har’ ibirimba bitatu. 14 Urugo ruziguje uwo murwa rufise amatanguriro cumi n’abiri, yanditswekw amazina cumi n’abiri y’intumwa cumi na zibiri za wa Mwagazi. 15 Uwavugana nanje yar’ afise irenga ry’izahabu ry’ikigeresho, kugira ngw agere uwo murwa n’ibirimba vyawo n’urugo rwawo. 16 Uwo murwa ungana impande zose, uburebure bungana n’ubgaguke. Ageresha uwo murwa rya renga, ageramwo stadiyo ibihumbi cumi na bibiri: uburebure bg’umurambararo n’ubgaguke n’uburebure bg’igihagararo birangana. 17 Agera urugo rwawo, rushikana amatambge ijana na mirongwine n’ane, y’ukuboko uciriye mu nkokora, nk’ukw itambge ritambishwa ukuboko kw’umuntu ringana, ni kw iry’ umumarayika ringana. 18 Urugo rwawo rwubakishijwe yasipi, umurwa war’ izahabu ishize inkamba imeze nk’ibirahuri bishize inkamba nyene. 19 Amatanguriro y’urugo rwa wa murwa yar’ asharijwe n’amabuye y’amoko yose y’utubuyenge tw’igiciro kinini. Ibuye ry’itanguriro rya mbere ryari yasipi, irya kabiri ryari safiro, irya gatatu ryari kalukedoni, irya kane ryari simaragido, 20 irya gatanu ryari sarudonikisi, irya gatandatu ryari sarudiyo, iry’ indwi ryari kirusolito, iry’ umunani ryari berulo, iry’ icenda ryari topazi, iry’ icumi ryari kirusopuraso, iry’ icumi na rimwe ryari huwakinto, iry’ icumi na kabiri ryari ametusito. 21 Kand’ ibirimba, ukw ar’ icumi na bibiri, vyar’ imaragarita cumi na zibiri: ikirimba kimwe cubakishijwe imaragarita imwe, birtyo birtyo. Irango rya wa murwa ryar’ izahabu nziza, isa n’ibirahuri bibonerana. 22 Kandi sinabonye urusengero kuri wo, kuk’ Umwami Imana ishobora vyose na wa Mwagazi ari bo rusengero rwawo. 23 Kandi wa murwa nturinda kwākirwa n’izuba canke n’ukwezi, kuk’ ubgiza bg’Imana ari bgo buwākira, kandi wa Mwagazi ari we tara ryawo. 24 Kand’ amahanga azogendera mu muco wawo, abami bo kw isi bazozanay’ ubgiza bgabo. 25 Ibirimba vyawo ntibijishwa na rimwe, kukw ata joro ribayo. 26 Kandi bazozanay’ ubgiza n’icubahiro vy’amahanga. 27 Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi