Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Itanguriro 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivya Kayini na Abeli

1 Kand’ uwo mugabo abana na Eva umugore wiwe; nukw asama inda, avyara Kayini, aravuga, ati Ndonse umuhungu kubg’ Uhoraho.

2 Asubizako, avyara murumuna we Abeli. Abeli aba umwungere w’intama, Kayini aba umurimyi.

3 Igihe kiragera, Kayini azana ishikanwa ku vyeze mu ndimiro, ngw abishikanire Uhoraho.

4 Abeli na we azana ku ntungwa z’uburiza zo mu mukuku wiwe, no ku binure vyazo. Uhoraho yākīrira Abeli ishikanwa ryiwe,

5 ariko ntiyākīrira Kayini ishikanwa ryiwe. Maze Kayini araraka cane, mu maso hiwe harijirwa.

6 Uhoraho abaza Kayini, ati N’iki kikurakije, kandi n’iki gitumye wijiriwe mu maso?

7 Ni wakora neza ntuzokwemerwa? ariko n’utākora neza, icaha kibunze ku rugi: kandi ni wewe cifuza, arik’ ukwiye kukinesha.

8 Nuko Kayini abarira Abeli murumuna we, ati Ngo dusohoke tuje mu gahinga. Maze bari mu gahinga, Kayini agurukira kuri Abeli murumuna we, aramwica.

9 Uhoraho abaza Kayini, ati Abeli murumunawe ari hehe? Aramwishura, ati Ndabizi? Nar’ umwungere wa murumunanje?

10 Na we aramubaza, at’ Ico wakoze ico n’igiki? Ijwi ry’amaraso ya murumunawe ririko rirantakambirira kw isi.

11 Uhereye none ubaye ikivume, ugerewe kuyerēra kure y’aho hantu hasamitse akanwa kaho kwākīra amaraso ya murumunawe ukuboko kwawe kwavishije.

12 Kuva ubu ni warima isi ntizogira ico ikumerera; uzogenda urāraguza, ur’ inyererezi mw isi.

13 Kayini abgira Uhoraho, at’ Igihano umpaye kirenze ico nokwihanganira.

14 Rāba, uyu musi unyirukanye kw isi, nshiburiwe kure yo mu nyonga hawe; nzogenda ndāraguza, nd’ inyererezi mw isi, kand’ ūzombona wese azonyica.

15 Uhoraho aramwishura, ati Ni co gituma uwokwica Kayini azobihanirwa kurenza we ibihetangabo ndwi. Uhoraho ashira ikimenyetso kuri Kayini, kugira ng’ ūzomubona ntamwice.

16 Nuko Kayini ava imbere y’Uhoraho, aba mu gihugu c’i Nodi, ku ruhande rwa Edeni ahahera i burasirazuba.

17 Maze Kayini abana n’umugore wiwe, asama inda, avyara Henoki, yubaka igisagara, acita Henoki, acitiranije n’ umwana wiwe.

18 Henoki avyara Iradi: Iradi avyara Mehuyayeli: Mehuyayeli avyara Metushayeli: Metushayeli avyara Lameki.

19 Lameki yābīra abagore babiri: umwe yitwa Ada uwundi Zila.

20 Ada avyara Yabalu, ni we sekuruza w’abungere b’inka bagenda baba mu mahema.

21 Murumuna we yitwa Yubalu, ni we sekuruza w’abavuzi b’inanga n’imyironge.

22 Zila na we avyara Tubali‐Kayini, umucuzi w’ikintu cose c’ubugi kiva mu miringa no mu vyuma. Mushiki wa Tubali‐Kayini ni Nayama.

23 Lameki abarira abagore biwe, at’ Ewe Ada na Zila, ni munyumve, Bagore ba Lameki, ni mwumvirize amajambo yanje! Kuko nishe umugabo ndamwihōye uruguma ankomerekeje, N’umusore ndamwihōye igipfupfuri.

24 Asangwa uwokwishe Kayini yobihaniwe ibihetangabo ndwi, N’ukuri uwokwica Lameki yobihanirwa ibihetangabo mirongwirindwi n’indwi!

25 Adamu yongera kubana n’ umugore wiwe, avyara umuhungu, amwita Seti, ati Kukw Imana inshumbushije urundi ruvyaro mu gishingo ca Abeli, kuko Kayini yamwishe.

26 Seti na we arahava avyara umuhungu, amwita Enoshi: ico gihe abantu ni ho batanguriye kwambaza izina ry’Uhoraho.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ