Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Itanguriro 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ukw icaha caje mw isi

1 Inzoka yarusha ubugunge ibikōko vyose vyo mw ishamba Uhoraho Imana yaremye. Ibaza uwo mugore, iti Mbega n’ivy’ ukuri koko yukw Imana yavuze, ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mur’ iri tongo?

2 Umugore yishura iyo nzoka, at’ Ivyama ku biti vyo mur’ iri tongo twemererwa kubirya:

3 arikw ivyama ku giti kiri hagati mw itongo, ni vy’Imana yatubujije, ngo ntitubiryeko, canke ngo tunabikoreko, kugira ngo twoye gupfa.

4 Iyo nzoka yishura uwo mugore, iti Haba n’intete ntimuzopfa;

5 kukw Imana izi yuk’ umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk’ Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi.

6 Uwo mugore abonye ico giti yukw ar’ ikibereye kuribga, kandi ko gihimbaye mu jisho, ar’ igiti co kwifuzwa kimenyesha ubgenge, yamura ku vyo camye, arabirya, ahako n’umugabo wiwe bāri kumwe, na we ararya.

7 Amaso yabo bompi arihweza, bamenya yuko bagenda amēnya, badandikanya ibibabi vy’imisukoni, bīronkeramw’ uducocerwa.

8 Bumva ijwi ry’Uhoraho Imana agendagenda mur’ iryo tongo mu gihe c’akayaga ko ku kagoroba: uwo muntu n’umugore wiwe binyegeza mu biti vyo mur’ iryo tongo, ng’Uhoraho Imana ntababone.

9 Uhoraho Imana ahamagara uwo muntu, aramubaza, at’ Uri hehe?

10 Aramwishura, ati Numvise ijwi ryawe mw itongo, ndatinya, kuko ndi gusa, ndinyegeza.

11 Aramubaza, ati Ni nde yakubariye ko wambaye ubusa? Mbega wariye kuri ca giti nakubujije kuryako?

12 Uwo muntu aramwishura, at’ Umugore wampaye ngo tubane, ni we yampaye ku vya ca giti, ndarya.

13 Uhoraho Imana abaza uwo mugore, at’ Ico wakoze ico n’igiki? Uwo mugore aramwishura, at’ Inzoka yampenze, ndabirya.

14 Uhoraho Imana abarira iyo nzoka, ati K’ukoze ivyo, ubaye ikivume mu bitungano vyose no mu bikōko vyose vyo mw ishamba: uzohora ukwega inda hasi, uzorya umukungugu imisi yose y’ukubaho kwawe.

15 Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri.

16 Kand’ abarira uwo mugore, ati Nzogwiza rwose umubabaro wawe ufise inda; uzokwama uvyara abana ubabara; kand’ umugabo wawe uzomuhoranira inyota, na we azokuganza.

17 Abarira Adamu na we, ati Ko wumviye umugore wawe, ukarya ku giti nari narakubujije, nti Ntuze ukiryeko: uzaniye ivu umuvumo; uzokwama urya ibirivamwo ubiruhiye, imisi yose y’ukubaho kwawe;

18 rizohora rikumerera imikere n’ibitovu, arik’ uzotungwa n’ibirimano vyo mu ndimiro;

19 kwirirwa urabira akuya ni kwo kuzoguhesha ivyo kurya uz’ urinde usubira mw ivu, kukw ari ryo wakūwemwo: ur’umukungugu, kand’ umukungugu ni wo uzosubiramwo.

20 Uwo muntu yita umugore wiwe Eva, kukw ari we nyina w’abari n’ubugingo bose.

21 Uhoraho Imana aronkera Adamu n’umugore wiwe imyambaro y’insāto, arabambika.

22 Uhoraho Imana aravuga, at’ Eh’ uyo muntu ahindutse nk’imwe muri twebge, ku vyo kumenya iciza n’ikibi: none rero yohava atuma ukuboko, akamura no ku giti c’ubugingo, akarya, akazokwamah’ ibihe bidashira.

23 Ni co catumye Uhoraho Imana amukūra mur’ iryo tongo ryo muri Edeni, ngw aje kurima ivu yakūwemwo.

24 Nuko yirukana uwo muntu; kandi mu ruhande ruhera i burasirazuba rw’iryo tongo ryo muri Edeni, ahashira Abakerubi, bo n’inkota yaka umuriro, itangatanze impande zose, ngw itangīre inzira ija kuri ca giti c’ubugingo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ