Hoseya 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Abisirayeli bazokwambukanwa ar’ inyagano 1 Sigaho kunezerwa, ewe Isirayeli, nk’ukw abanyamahanga bīnezererewe; kuko wīgize maraya, ukava ku Mana yawe, wakunze impēra z’ubumaraya ku mbuga zose zanikira impeke. 2 Ivyuzuye ku mbuga no mu māto ntibizobatunga, kandi vino y’umubira izobashirako. 3 Ntibazoguma mu gihugu c’Uhoraho; ariko Efurayimu azosubira muri Egiputa, bazorīra ivyo kurya bihumanye muri Ashuri. 4 Ntibazosukira Uhoraho ibiturire vya vino, kand’ ibimazi vyabo ntibizomuhimbara: ivyo kurya vyabo bizobabera nk’ibiryazagu vy’abagandaye; abazobiryako bose bazoba bahumanye; kukw ivyo kurya vyabo bizoba ivyo kubīmarira ipfa gusa, ntibizokwinjira mu ngoro y’Uhoraho. 5 Mbega muzogira mute, ku musi mukuru washinzwe, no ku musi w’ikoraniro ry’Uhoraho? 6 Ehe rāba bahunze kugesezwa, yamara Egiputa hazobarundarunda, bazohambga i Mofu; ibintu vyabo vy’amafeza vyabahimbara bizorengwako n’ibisuru; n’amahwa azomera mu ngo zabo. 7 Imisi yo kuzirwa kwabo irashitse, imisi yo gusubirizwa mu nkōko irashitse; Abisirayeli bazobimenya; ūvugishwa n’Imana yabaye igipfu, ūvugishwa na Mpwemu yāsaze, basarishijwe n’isinzi ry’ibigabitanyo vyawe, n’uk’ ubgansi ari bginshi. 8 Efurayimu n’umushibamyi yīmīra Imana yanje: arik’ ūvugishwa n’Imana we, umutego w’abatezi b’inyoni uri mu nzira ziwe zose, n’urwanko rumutanga mu ngoro y’Imana yiwe. 9 Bīhumanije birengereje: izokwibuka ibigabitanyo vyabo, izobahanira ivyaha vyabo, nk’uko vyabaye mu gihe c’i Gibeya. 10 Igihe nabona Abisirayeli, bari bameze nk’inzabibu ziri mu bugaragwa; ba sogokuruza nababonye bameze nk’insukoni z’isega zo ku musukoni ugitangura kwama: ariko bāgiye kuri Bayali y’i Peyori, bīyegurira ako gatētereza, bahinduka umuziro nk’ico nyene bakunze. 11 Abefurayimu na bo nyene, ubgiza bgabo buzoguruka nk’inyoni: nta wuzovyara, nta wuzogira inda, canke ngw ayisame. 12 Naho borera abana babo, nzobabahēkūra, ntihaze hagire umuntu asigara: mbere bazobona ibara igihe nzoba mbataye! 13 Abana ba Efurayimu, nk’uko nababonye, bagerewe kuba iminyago: mbere Efurayimu, ubgiwe azosokorora abana biwe abahe umwicanyi. 14 Uhoraho, n’ubahe — mbe wobaha iki? N’ubahe gukorokesha inda, n’amabere agadutse! 15 Ibigabitanyo vyabo vyose vyagaragariye i Gilugali; ni ho nabazinukiwe; kubg’ ibigabitanyo vy’ivyo bakoze nzobirukana mu nzu yanje; sinzoba nkibakunda ukundi: abaganwa babo bose n’ abagarariji. 16 Abefurayimu baciwe musi, imizi yabo irūmye, nta co bazokwama; mbere naho bovyara, nzotikiza uruvyaro bakunda rwo mu nda zabo. 17 Imana yanje izobata kure, kuko batayumviye; kandi bazoba inyererezi mu mahanga. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi