Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Hoseya 6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imana ihinyuza ukwihana kw’imirenzako

1 Enda ni muze, dusubire k’Uhoraho, kukw ari we yadutabaguye kandi ni we azotuvūra; ni we yadukubise kandi ni we azodusomōra.

2 Imisi ibiri ishize azoduhēmbūra: ku musi ugira gatatu azoduhagurutsa, tube bazima imbere yiwe.

3 Enda tumenye Uhoraho, tugire umwete wo kumumenya; nk’uk’ umutwenzi ata cowubuza kuza, ni ko na we azoza: azotuzako nk’imvura, nk’ imvura y’umutasuro inyosheje hasi.

4 Ewe Efurayimu, mbega nkugire nte? Nawe nyene Yuda, ndakugire nte? Kuk’ urukundo munkunda rumeze nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’ urume ruta mu kanya gato.

5 Ni co gituma nzobatemagurisha abavugishwa nanje; nzobicisha amajambo yo mu kanwa kanje; kand’ imanza mbaciriye zizokwira hose nk’umuco.

6 Ereg’ imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi, n’ukummenya jewe Imana, kuruta ibimazi vyoshejwe.

7 Ariko bo, bishe isezerano nka Adamu: aho ni ho bāndyarukiye.

8 Gileyadi n’igisagara c’inkozi z’ibibi, cayoberanijwe n’amaraso.

9 Nk’ukw ibitero vy’abambuzi biryamira umuntu, ni k’umurongo w’abaherezi wicira abantu mu nzira ija i Shekemu: bakora ivy’ ubugesera.

10 Mu nzu ya Isirayeli nahabonye ikintu c’ubuyobe: aho ni ho habonekeye ubusambanyi muri Efurayimu, ni ho Isirayeli yahumaniye.

11 Kandi nawe, Yuda, urindirijwe igihe c’iyimbura, igihe nzogarukana abantu banje bajanywe ar’ inyagano.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ