Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Hoseya 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ingene Abisirayeli bihumanije

1 Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe Bisirayeli: ereg’ Uhoraho afitaniye imibūrano na ben’ igihugu, kukw ata kuyoboka kuri mu gihugu, cank’ imbabazi, cank’ ukumenya Imana.

2 Nta kindi kiriho, atar’ ukurahira n’ukubesha n’ukwica n’ukwiba n’ugusambana, no kumena amazu, n’ amaraso ahōrwa ayandi.

3 Ni co gituma igihugu kirira, abakibamwo bagahondobera, bo n’ibikōko vyo mw ishamba n’ibisīga vyo mu kirēre; mbere n’amafi yo mu kiyaga na yo agakamangana.

4 Ariko nta muntu abirwanya, nta wubihana: kuk’ ubgoko bgawe ata co batandukanyeko n’abaherezi baho.

5 Uzotsitara ku murango, umuvugishwa na we atsitarane nawe mw ijoro: kandi nzokwica nyoko.

6 Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.

7 Uko bākomeje kugwira, ni ko bārushirije kuncumurako; icubahiro cabo nzogihindura ibitētērwa.

8 Ivyaha vy’abantu banje ni vyo vyo kurya vyabo; bashira imitima ku bigabitanyo vyabo.

9 Nuko nk’uko bimeze ku banyagihugu, ni ko bizomera ku baherezi: nzobahana kubg’ ingeso zabo, mbasubirize mu nkōko ivy’ ibikorwa vyabo.

10 Maze bazorya ntibahāge, basambane ntibagwire: kuko bampemukiye, jewe Uhoraho.

11 Ubusambanyi na vino n’umubira wayo bimara ubgenge.

12 Abantu banje bagisha inama igiti gusa, kand’ inkoni yabo ni yo ibaragurira; impwemu y’ubumaka yarabajimije, bagenda ata co barenga, bātaye Imana yabo.

13 Bacumitira ibimazi ku mpinga z’imisozi, bakosereza imibavu ku turambi, musi y’ibiti vy’imyeloni n’ivy’ imilebeni n’ivy’ imyela, kuko bigira ibitūtu vyiza; ni co gituma abakobga banyu bīgira ba maraya, n’abakazana banyu bagasambana.

14 Sinzohana abakobga banyu ni bīgira ba maraya, cank’ abakazana banyu ni basambana; kukw abagabo ubgabo bīhererana n’abasambanyikazi, bagatanga ibimazi bafatanije na ba maraya; nuk’ ubgoko butagira ubgenge buzoheneberezwa.

15 Ewe Isirayeli, naho wīgize maraya, ntucumuze Yuda; kandi ntimukaje i Gilugali, canke ngo mudūge i Betaveni, canke ngo murahire uguhoraho kwanje Uhoraho.

16 Isirayeli yabaye ikiganda nk’ inka y’ishashi y’ikiganda: non’ Uhoraho yobaragira nk’umwagazi w’intama ahantu h’amaramvya?

17 Efurayimu yifatanije n’ibigirwamana: n’umureke!

18 Ibinyobga vyabo vyacitse umururazi: basambana ubudahumeka; abatware babo bakunda ibiteye isoni birenze urugero.

19 Igihuhuta cabatwaye mu mababa yaco; kandi bazomāramāzwa n’ibimazi vyabo.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ