Hoseya 13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ishavu Imana ifitiye Efurayimu kubg’ ivyaha vyiwe 1 Efurayimu iy’ avuze hose, hāba guhinda agashitsi; yigize agahambaye mu Bisirayeli; arikw igihe yacumuye kubga Bayali, yaciye apfa. 2 Noneho bagenda barushiriza gukora ivyaha, kandi bikoreye ibishushanyo mu mafeza yabo babivugutiye mu nkero, ni vyo bigirwamana bīgeneye mu bgenge bgabo, vyose ar’ ibikorwa vy’abahanga; bavuga ivyavyo, bati Ni babicumitire ibimazi! Abagabo bagasoma ayo mamasa y’ibigirwamana. 3 Ni co gituma bazoba nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’urume ruta mu kanya gato, babe nk’ umuguruka utwawe n’agashururu, kandi nk’umwotsi ufumba uva mu ziko. 4 Yamara ni jewe Uhoraho Imana yawe uhereye igihe waviriye mu gihugu ca Egiputa; nta yindi mana n’imwe mwari muzi atari jewe, kandi nta wundi Mukiza atari jewe. 5 Nakumenye igihe wari mu bugaragwa, mu gihugu c’ikigatwa cinshi. 6 Ukw imyimiro yabo yar’ iri, ni ko bāhāga; bārahāga, maz’ imitima yabo ikīshira hejuru, bituma bānyibagira. 7 Ni co catumye mbamerera nk’intambge, kandi nkabategera ku nzira nk’ingwe. 8 Nzobasimbirako mmeze nk’igikōko citwa idubu gisahuwe ivyana vyaco, nzotabagura urubambanda rwōrōshe imitima yabo: aho ni ho nzobatsontsomerera nk’intambge; ibikōko vy’inkazi bizobaromagira. 9 Erega n’ukwihamagarira guhona, ewe Isirayeli, k’unyikunkumuye, wikunkumuye umutabazi wawe! 10 Mbeg’ umwami wawe ari hehe, ngw agukize mu bisagara vyawe vyose? N’abashingantahe bawe bari hehe, abo wasavye ngo baguhe umwami n’abaganwa? 11 Naguhaye umwami mfise umwikomo, maze ndamukunyaga ndatse. 12 Ibigabitanyo vya Efurayimu bitekagiwe hamwe; icaha ciwe kirabītswe. 13 Azofatwa n’ibise nk’ivy’ umugore aramutswe: n’umwana w’imburabgenge; kukw igihe co kuvuka kigeze, ntava mu menshi ngw avuke. 14 Nzobacungura mbakūre mu bubasha bg’i kuzimu; nzobagōmbōra mbakūre mu rupfu: wa rupfu we, ikīza watera kiri hehe? Wa kuzimu we, kwa guhonnya kwawe kuri hehe? Arik’ ukwihana kwabo guhishijwe inyonga zanje. 15 Naho yorondoka muri bene se, umuyaga uturutse i burasirazuba uzoza, ni wo muyaga w’Uhoraho udūga uvuye mu bugaragwa; isōko yiwe izokamuka, iriba ryiwe rigaduke: azonyagwa itunga ry’ibintu vyiwe vyose vy’imbombovu bihimbaye. 16 Samariya hazogibgako n’ibigabitanyo vyaho, kuko bāgararije Imana yabo: bazoririkwa n’inkota: abana babo b’inzoya bazomenagurirwa hasi, kand’ abagore babo bakuriwe bazofomozwa. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi