Guharūra 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivy’ amatara n’igitereko cayo 1 Uhoraho abarira Mose, 2 ati Barira Aroni, uti Ni washira ya matara ku gitereko cayo, uz’ uyatereke kuri co ukw ari ndwi, uburyo butuma abonesha imbere yaco. 3 Nuko Aroni abigenza artyo; ashira ayo matara ku gitereko, uburyo butuma abonesha imbere yaco, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose. 4 Uku ni kw ico gitereko cākozwe: cari gicuzwe mw izahabu; car’ igicurano uhereye ku ntebe yaco ugashitsa no ku bimeze nk’amashurwe biri kuri co; nk’ukw icitegererezo cari kiri, Uhoraho yeretse Mose, uko ni ko Mose yacurishije ico gitereko. Abalewi barobanurirwa Uhoraho 5 Uhoraho abarira Mose, 6 ati Robanura Abalewi mu Bisirayeli, ubahumanure. 7 Uku abe ari k’ugenza mu kubahumanura: ubacucagire amazi y’impongano y’ivyaha, bamweshe urupfuhe ku mubiri wabo wose ahamobga, bamesure impuzu zabo, bihumanure. 8 Maze bābīre imasa y’umukangara, n’ishikanwa ry’ifu bigendanye, ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo; wābīre n’ iyindi masa y’umukangara nyene kw ikimazi co gutangirwa ivyaha. 9 Maz’ uzane Abalewi imbere y’ihema ry’ibonaniro, ukoranye n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli. 10 Kand’ igihe uzanye Abalewi imbere yanje jewe Uhoraho, Abisirayeli babarambikekw ibiganza. 11 Aroni aheze atange Abalewi kw ishikanwa rijungujwe imbere yanje, rishikanywe n’Abisirayeli, babe abo gukora igikorwa canje, jewe Uhoraho. 12 Maz’ Abalewi barambike ibiganza mu ruhanga rw’ ayo mamasa, uheze utange imwe kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, iyindi kw ikimazi co kwoswa, bibe ivyo nshikaniwe jewe Uhoraho, kw impongano y’Abalewi. 13 Maz’ ushire Abalewi imbere ya Aroni n’ abana biwe, ubatange babe ishikanwa rijungujwe nshikaniwe jewe Uhoraho. 14 Ukw abe ari k’urobanura Abalewi mu Bisirayeli bandi: Abalewi babe abanje niharije. 15 Hanyuma y’ivyo Abalewi babone kuza ngo bakore ibikorwa vy’ihema ry’ibonaniro; nuk’ ubahumanure, ubatange kw ishikanwa rijungujwe. 16 Kukw abo mbahawe mbeguriwe mu Bisirayeli bandi; kuko mbitoranirije ngo basubire mu gishingo c’ubuzibūra bgose, ari bgo bana b’imfura bose b’Abisirayeli. 17 Kukw imfura zose z’Abisirayeli ar’ izanje, uhereye ku bantu no ku buriza bg’ibitunzwe: ku musi nicirakw abana bose b’imfura bo mu gihugu ca Egiputa ni ho navyirobanuriye. 18 None ntwaye Abalewi ngo basubire mu gishingo c’abana bose b’imfura b’Abisirayeli. 19 Kandi ntanze Abalewi, mbahaye Aroni n’abana biwe, mbakūye mu Bisirayeli bandi, ngo bakore igikorwa c’ihema ry’ibonaniro mu gishingo c’Abisirayeli, ngo babatangire impongano, kugira ngo hoye gutera ikīza na kimwe mu Bisirayeli, iyo begereye Ahēra. 20 Uko ni ko Mose na Aroni n’ ishengero ryose ry’Abisirayeli bagenjeje ku Balewi: Abisirayeli babagenza nk’uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose ku vyabo. 21 Nukw Abalewi biyuhagira ivyaha, bamesura impuzu zabo; Aroni abatanga kw ishikanwa rijungujwe imbere y’Uhoraho, kand’ abatangira impongano ngo bahumanuke. 22 Hanyuma y’ivyo Abalewi babona kuza gukora ibikorwa vyabo vy’ ihema ry’ibonaniro, bagabga na Aroni n’abana biwe; ivy’ Abalewi babigenza nk’uk’ Uhoraho yari yarabariye Mose ku vyabo. 23 Uhoraho abarira Mose, 24 at’ Ibi ni vyo ngeze ku Balewi: abamaze imyaka mirongwibiri n’ itanu no kuja hejuru baze binjire mw ibango ry’igikorwa c’ihema ry’ ibonaniro. 25 Ni bageza imyaka mirongwitanu baze bakūkuruke mur’ iryo bango ry’ico gikorwa, ntibasubire gukora nk’ ababibazwa; 26 ariko bashobora kwifashiriza bagenzi babo mu vy’ ihema ry’ibonaniro, ku vyo bājējwe, ariko ntibaze bagire igikorwa na kimwe babazwa. Ukw abe ari k’ugenza Abalewi mu vyo bājējwe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi