Guharūra 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Icagezwe co ku banduza abandi 1 Uhoraho abarira Mose, 2 ati Barira Abisirayeli, bakūre aho mushagaje umunyamibembe n’ ūfise igisokoro n’ūhumanijwe no gukora ku muvyimba, uw’ ari we wese, 3 ar’ icitwa izinamuhungu cank’ izinamukobga, mubakūreho, mubashire hirya y’aho mushagaje, kugira ngo ntibahahumanye, kand’ ari ho mba hagati. 4 Nukw Abisirayeli babigenza bartyo, babashira hirya y’aho bashagaje; nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose, baba ari ko bakora. Ivy’ indihano 5 Uhoraho abarira Mose, 6 ati Barira Abisirayeli, ut’ Umugabo cank’ umugore ni yakora icaha cose mu vy’abantu bagenda bakora, agatsindwa n’urubanza; 7 aze yature icaha yakoze, arihe n’ico kintu uko kingana, camukwegeye gutsindwa, kand’ akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, akirihe uwo yagiriye nabi. 8 Ariko nyene kugirirwa nabi, namb’ ata mwene wabo wo hafi yasize, yokirihwa, indihano ya wa wundi yatsinzwe iz’ ibe iyanje Uhoraho, ihabge umuherezi, ayigerekekw impongano y’impfizi y’intama, bayimutangirekw impongano. 9 Umugabane wose uzoshingūrwa ku vyēra vyose Abisirayeli bashikana, bazanira umuherezi, uz’ ube uwiwe. 10 Ivy’ umuntu wese arobanuye ngw abitange, bize bibe ivy’ umuherezi; mber’ ic’ umuntu aha umuherezi cose kizoba iciwe. Icagezwe co guha akāvyi umugore afūhiwe n’umugabo 11 Uhoraho abarira Mose, 12 ati Barira Abisirayeli, ut’ Umugore ni yareka kurāba umugabo wiwe, akamucumurako, 13 uwundi mugabo akaryamana na we, bikazīkwa, umugabo wiwe ntabimenye, uwo mugore akaba ahumanye, ntihaboneke ūmwagiriza, canke ngw afatwe akibikora; 14 umugabo wiwe agafatwa n’ifūhe, agafūhira umugore wiwe, yahumanye, canke yofatwa n’ifūhe, agafūhira umugore wiwe, kand’ atāhumanye; 15 nuk’ uwo mugabo akwiye kujana umugore wiwe ku muherezi, amujanane n’ishikanwa amutangiriye ry’ikigiracumi c’ingero yitwa efa y’ifu ya sayiri; ntaz’ ayisukekw amavuta, canke ngw ayishirekw imibavu, kukw ar’ ishikanwa ry’ifu rizanywe kubg’ ifūhe, ar’ ishikanwa ry’icibutso, cibutsa ibigabitanyo. 16 Umuherezi amwīgize hafi, amushire imbere yanje Uhoraho: 17 uwo muherezi aheze yābīre amazi yejejwe mu kintu c’ikibumbano, yābīre no ku mukungugu wo hasi mw ihema, awushire mur’ ayo mazi. 18 Ashire uwo mugore imbere yanje, amuhamburure umushatsi, amutereke mu maboko rya shikanwa ry’ifu ry’icibutso, ari ryo shikanwa rizanywe kubg’ ifūhe. Uwo muherezi afate mu ntoke ayo mazi y’umururazi atera umuvumo. 19 Uwo muherezi aheze arahize uwo mugore, amutongēre, at’ Asangw’ ata mugabo wundi mwaryamanye, canke ng’ ube wararetse kurāba umugabo wawe, ukihumanya, kand’ ukiganzwa na we, aya mazi y’umururazi atera umuvumo ntagire ico akugira. 20 Arikw asangwa wararetse kuba ari we urāba, kand’ ari we akikuganza, ukihumanya, hakaba har’ uwundi mugabo mwaryamanye atar’ uwawe— 21 uwo muherezi aheze arahize uwo mugore indahiro yo kwivuma, amutongēre, at’ Uhoraho aguhindure ikivume n’indahiro mu bgoko bganyu, bitewe n’ukw akunyunyuye ikibero, akagaragamvya inda yawe. 22 Kandi n’aya mazi atera umuvumo araja mu mara yawe, agaragamvye inda yawe, anyunyure ikibero cawe. Nuk’ uwo mugore yitabirize, ati Amen, amen! 23 Uwo muherezi aheze yandike iyo mivumo mu gitabo, ayogeshe ayo mazi arura, iyajemwo, 24 aheze anyweshe uwo mugore ayo mazi arura atera umuvumo, ayo mazi atera umuvumo amujemwo, umururazi wayo umutere uburibge. 25 Uwo muherezi acishemwo, akūre rya shikanwa ry’ifu rizanywe kubg’ ifūhe mu maboko y’uwo mugore, arizungurize imbere yanje Uhoraho, arijane aje ku gicaniro, 26 arikamatek’ urushi rumwe rwo kuba icibutso caryo, arwosereze ku gicaniro, abone kunywesha uwo mugore ayo mazi. 27 Ni yamara kuyamunywesha, bizomera birtya: ni yaba yarahumanye, akaba yacumuye ku mugabo wiwe, ayo mazi atera umuvumo amushitsemwo azomuhindukira umururazi, agaragambe inda, anyunyuke ikibero, ahinduke ikivume mu bgoko bgabo. 28 Arik’ uwo mugore ni yaba atāhumanye, ntiyandure, azoba yēze, ntibizomubuza gusama inda. 29 Ico ni co cagezwe c’ifūhe, ku mugore akiganzwa n’umugabo wiwe, akareka kuba ari we arāba, akīhumānya, 30 no ku mugabo afatwa n’ifūhe, agafūhira umugore wiwe. Uwo mugabo az’ ashire uwo mugore imbere yanje Uhoraho, umuherezi amukorere ibishinzwe n’ico cagezwe vyose. 31 Uwo mugabo azoba atsinze ntazoba yaragabitanije, uwo mugore ni we azogībgako n’ukugabitanya kwiwe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi