Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Guharūra 36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ishingirwa ry’abakobga basigaranywe iragi

1 Abakuru b’amazu ya ba sekuruza bo mu muryango wa Gileyadi mwene Makiri, Makiri mwene Manase, umwe mu miryango ya Yosefu, bīgira hafi, bavugira imbere ya Mose n’abatware, ari bo bakuru b’amazu ya ba sekuruza y’Abisirayeli,

2 bati Mugenzi, Uhoraho yakubariye kugabuza igihugu ubupfindo, ng’ ugihe Abisirayeli kw amashamvu; kandi mugenzi, Uhoraho yakubariye guha abakobga ba Selofehadi mwene wacu ishamvu yiwe.

3 None ni barongorwa n’umuntu wese wo mu yindi miryango y’ Abisirayeli, ishamvu yabo izokūrwa kw ishamvu ya ba sogokuruza, ishirwe kw ishamvu y’ umuryango bazojamwo: nukw izoba ikūwe ku mugabane twahawe kw ishamvu.

4 Maz’ umwaka wa yubile y’Abisirayeli ni washika, ishamvu yabo izoshirwa kw ishamvu y’umuryango bazoba baragiyemwo; nukw ishamvu yabo izoba ikūwe kw ishamvu y’umuryango wa ba sogokuruza.

5 Nuko Mose ashikiriza Abisirayeli ivyo Uhoraho amubariye, at’ Ab’ umuryango w’Abayosefu, ivyo bavuze n’ivy’ ukuri.

6 Iki ni co cagezwe Uhoraho ashinze ku vy’abakobga ba Selofehadi, ati Bararongorwa n’abo bagomba: ariko bo mu nzu yo mu muryango wa se.

7 Ntihaze hagire ishamvu iva mu muryango ngw ije mu wundi; arik’ umuntu wese wo mu Bisirayeli aze yame yīzīziye ishamvu yo mu muryango wa ba sekuruza.

8 Umukobga wese azogira ishamvu mu muryango wose w’Abisirayeli, az’ arongorwe n’uwo mu nzu yo mu muryango wa se, kugira ng’umuntu wese mu Bisirayeli agire ishamvu ya ba sekuruza.

9 Ntihaze hagire ishamvu iva mu muryango ngw ije mu wundi; kukw imiryango yose y’Abisirayeli izoba ikwiye kwīzīzira amashamvu yayo ubgayo.

10 Nukw abo bakobga ba Selofehadi babigenza nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.

11 Makila na Tirusa na Hogila na Miluka na Nowa, abo bene Selofehadi, barongorwa na basazabo.

12 Barongorwa n’abo mu mazu y’aba Manase mwene Yosefu, bituma ishamvu yabo iguma mu nzu ya se, mu muryango wabo.

13 Ivyo ni vyo vyagezwe n’amabgirizwa Mose yashikirije Abisirayeli atumwe n’Uhoraho, bari mu kiyaya c’i Mowabu kuri Yorodani, aharābana n’i Yeriko.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ