Guharūra 32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Abareyubeni n’Abagadi basaba guhabga ishamvu yabo hakuno ya Yorodani 1 Abareyubeni n’Abagadi bari bafise ibitayega vy’isinzi. Babonye igihugu c’i Yazeri n’ic’i Gileyadi kw ar’ ahantu h’amaragiro meza, 2 abo Bagadi n’ Abareyubeni baragenda babarira Mose na Eleyazari umuherezi n’ abakuru b’ishengero, 3 bati Ataroti n’i Diboni n’i Yazeri n’i Nimura n’i Heshiboni n’i Eleyale n’i Sebamu n’i Nebo n’i Beyoni, 4 igihugu Uhoraho yaneshereje ishengero ry’Abisirayeli, n’igihugu c’amaragiro, kandi twebge abasavyi bawe tur’ abanyenka. 5 Bati Namb’ utugiriye neza, emera ko duhabga iki gihugu kw ishamvu, twebge abasavyi bawe: nturinde kutujabutsa Yorodani. 6 Mose yishura Abagadi n’Abareyubeni, ati None se bene wanyu baze baje mu ntambara, namwe mwiyicariye hano? 7 N’iki gitumye murandura imitima y’Abisirayeli, kugira ngo ntibajabuke ngo baje mu gihugu Uhoraho yabahaye? 8 Uko ni ko na ba so bakoze, hamwe nabatuma gutata ico gihugu, nd’i Kadeshi‐baruneya. 9 Kukw igihe bādūga, bakaja mu gihogoro citwa Eshikoli, bakitegereza ico gihugu, bāhavuye barandura imitima y’Abisirayeli, ngo boye kuja mu gihugu Uhoraho yabahaye. 10 Maz’ uburake bg’ Uhoraho bgaciye buziriringa kur’ uwo musi, ararahira, 11 ati N’ ukuri hakazogira n’umwe mu bagabo bādūze bava muri Egiputa, uhēreye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, azobona ico gihugu nari nararahiye Aburahamu na Isaka na Yakobo ko nzokibaha, kuko batankurikiye muri vyose; 12 ati Shiti Kalebu mwene Yefune Umukenizi, na Yosuwa mwene Nuni, kuko bo bankurikiye muri vyose. 13 Nuk’ uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, abaha kuyerēra mu bugaragwa hirya no hino kumara imyaka mirongwine, gushitsa ah’ urwo runganwe rwose rw’abakoze ibibi imbere y’Uhoraho rwakunkumukiye. 14 None namwe musubiye mu gishingo ca ba so, mur’ uruvyaro rw’inkozi z’ibibi, kugira ngo mwongereze uburake bg’Uhoraho arakiye Abisirayeli. 15 Kuko ni mwakīkama, mukareka kumukurikira, na we azokwongera kurekera Abisirayeli mu bugaragwa ukundi gusha, namwe muzoba mwicishije iri hanga ryose. 16 Maze baramwēgēra, baramubgira, bat’ Erega hano twohaca amarāro gusa y’amasho yacu n’imikuku, tukubaka n’ibisagara vy’aho dusiga abana; 17 ariko twebge ubgacu tuzoba twiteguye ibirwanishwa, kugira ngo tugende imbere y’abandi Bisirayeli, gushitsa aho tuzoba tumaze kubashikana ahabo; kand’ abana bacu basigare baba mu bisagara bizitiwe kubgo gutinya ben’ igihugu. 18 Ntituzoruha tugaruka mu ngo zacu, umuntu wese mu Bisirayeli atarashikīra ishamvu yiwe. 19 Erega tweho nta shamvu tuziga hamwe na bo hakurya ya Yorodani, canke hirya yaho, kukw ishamvu yacu tuyihawe ngaha hakuno ya Yorodani, ahahera i burasirazuba. 20 Mose arabishura, ati Ni mwakora murtyo, mugahitana ibirwanishwa mukaja mu ntambara imbere y’Uhoraho, 21 umuntu wese muri mwebge mukajabuka Yorodani imbere y’Uhoraho mwitwaje ibirwanishwa, mukageza ah’ azoba amaze kwirukana abansi biwe, 22 agatsinda ico gihugu; hanyuma muzobona kugaruka, ata gicumuro muriko imbere y’Uhoraho n’imbere y’Abisirayeli; kand’ iki gihugu kizoba ishamvu yanyu imbere y’Uhoraho. 23 Ariko ni mutākora murtyo, muzoba mucumuye k’Uhoraho; kandi mumenye neza yukw icaha canyu kizobahama. 24 Nuko ni mwubake ibisagara vy’aho musiga abana, muce n’amarāro y’intama zanyu; muheze mukore ivyo muvuze. 25 Abagadi n’Abareyubeni bishura Mose, bati Mugenzi, twebge abasavyi bawe tuzokora nk’uk’ utubariye. 26 Abana bacu n’abagore bacu n’imikuku yacu n’ amatungo yacu yose bizoguma ngaha mu bisagara vy’i Gileyadi; 27 ariko twebge abasavyi bawe tuzojabuka, twitwaje ibirwanishwa vy’intambara uko tungana, tuje mu rugamba imbere y’Uhoraho, nk’uk’ uvuze, mugenzi. 28 Nuko Mose ashikiriza ivyabo Eleyazari umuherezi na Yosuwa mwene Nuni, n’abakuru b’amazu ya ba sekuruza, ukw amazu angana mu miryango y’Abisirayeli; 29 arababarira, at’ Abagadi n’ Abareyubeni ni bajabukana namwe Yorodani, bitwaje ibirwanishwa vy’intambara imbere y’Uhoraho, igihugu mukagitsinda; nuko muze mubahe igihugu c’i Gileyadi kw ishamvu. 30 Ariko ni batajabukana namwe bitwaje ibirwanishwa, baze bahabge ishamvu muri mwebge mu gihugu c’i Kanani. 31 Abagadi n’Abareyubeni baramwishura, bati Nk’uk’ Uhoraho atubariye, twebge abasavyi bawe, ni ko tuzobigenza. 32 Tuzojabuka twitwaje ibirwanishwa imbere y’Uhoraho, tuje mu gihugu c’i Kanani, arikw ishamvu twegukiye tuzoyigira hakuno ya Yorodani. 33 Nukw Abagadi n’Abareyubeni n’igihimba c’umuryango wa Manase mwene Yosefu, Mose abaha igihugu ca Sihoni umwami w’Abamori, n’igihugu ca Ogi umwami w’i Bashani; igihugu cose akibahāna n’ibisagara vyaco n’intara zavyo, ukw ivyo bisagara bigikwiragiyemwo. 34 Abagadi bubaka i Diboni, n’i Ataroti, n’i Aroweri, 35 n’i Ataroti‐shofani, n’i Yazeri, n’i Yogibeha, 36 n’i Beti‐nimura, n’i Beti‐harani: ivyo bisagara bavyubakira inzitiro z’ amabuye, bacira amasho yabo amarāro. 37 Abareyubeni bubaka i Heshiboni, n’i Eleyale, n’i Kiriyatayimu, 38 n’i Nebo, n’i Bayali‐meyoni, bahindura amazina yavyo; bubaka n’i Sibuma: ivyo bisagara bubatse bavyita ayandi mazina. 39 Aba Makiri mwene Manase baja i Gileyadi, barahatsinda, birukana Abamori bāhaba. 40 Nuko Mose aha aba Makiri mwene Manase i Gileyadi, barahagerēra. 41 Kandi Yayiri wo mu ba Manase na we aragenda, atsinda ibisagara vyaho, avyita ibisagara vya Yayiri. 42 Na Noba aragenda, atsinda i Kenati n’imihana ihereranye na ho, ahita i Noba kimwe n’izina ryiwe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi