Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Guharūra 31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abisirayeli batsinda Abamidiyani

1 Uhoraho abarira Mose,

2 ati Subiriza Abamidiyani mu nkōko ku vyo bāgiriye Abisirayeli; hanyuma uzotāmbūra, uhamvye abanyu.

3 Nuko Mose abarira abantu, ati Ni musobanure abantu muri mwebge bo kuja mu ntambara, mubahe ibirwanishwa, baje gutera Abamidiyani, kubgo kwīhōra kw’ Uhoraho, babasubirize mu nkōko.

4 Mu muryango wose wo mu miryango y’Abisirayeli mukūremw’ ingabo igihumbi‐igihumbi, mubarungike gutera.

5 Nuko mu bihumbi vy’Abisirayeli basobanura mu muryango wose igihumbi‐igihumbi, ziba ingabo ibihumbi cumi na bibiri zitwaje ibirwanishwa.

6 Nuko Mose arungika izo ngabo gutera, ukw ar’ igihumbi‐igihumbi mu miryango yose; abarungikana na Finehasi mwene Eleyazari umuherezi, ajanye ibintu vyera n’inzumbete zo kuvuzwa ijwi rirengēra.

7 Nuko barwana n’Abamidiyani, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose; bica uw’ izinamuhungu wese.

8 Kand’ ukūye abandi bishe, bica abami b’Abamidiyani, ni bo aba: Ewi, na Rekemu, na Tsuri, na Huri, na Reba, abo bami b’Abamidiyani ukw ari batanu; kandi na Balamu mwene Beyori bamwicisha inkota.

9 Abisirayeli bafata mpiri Abamidiyanikazi n’abana babo; banyaga inka zabo zose n’imikuku yabo yose, basahura n’ibintu vyabo vyose.

10 Baturira ibisagara bābamwo vyose, n’insāgo zose bari bashagajemwo.

11 Batabarukana isahu yose n’iminyago yose y’ abantu n’ibigenda.

12 Abafashwe mpiri n’iminyago n’amasahu babizanira Mose na Eleyazari umuherezi n’ikoraniro ry’Abisirayeli, aho bashagaje mu kiyaya c’i Mowabu, kuri Yorodani, aharābana n’i Yeriko.


Abatabarutse babarirwa kwihumanura

13 Mose na Eleyazari umuherezi, n’abakuru bose b’iryo shengero, babasanganirira inyuma y’aho bashagaje.

14 Maze Mose arakira abagabisha b’ingabo, abagaba ibihumbi n’abagaba amajana, batabarutse mu ntambara.

15 Arababaza, ati Mbeg’ abagore n’abakobga mwabaretse bose?

16 Ereg’ abo ni bo bacumuje mwebge Abisirayeli k’Uhoraho ngo mumuhemukire mu vyabaye i Peyori, babitewe n’inama za Balamu, bituma ikīza gitera ishengero ry’Uhoraho.

17 Nuko rero ni mwice umuhungu wese mu bana, n’umugore n’umukobga wese yigeze kuryamana n’umugabo.

18 Arikw abigeme bose batigeze kumenya icitwa umugabo abe ari bo mureka, mubītungire.

19 Kandi namwe ubganyu, mugume inyuma y’aho dushagaje, muhasagaze kumara imisi ndwi; uwishe wese, n’uwakoze ku muvyimba wese, aze yihumanure ku musi ugira gatatu no ku wugira indwi, mwihumanurane n’abo mwafashe mpiri.

20 Muhumanure n’imyambaro yose, n’ivyakozwe mu nsāto vyose, n’ivyajishwe mu bgoya bg’impene vyose, n’ibintu vyose vy’ibibāzano.

21 Maze Eleyazari umuherezi abarira izo ngabo zitabarutse, at’ Ibi ni vyo icagezwe Uhoraho yageze Mose kibgiriza:

22 kw ibintu vyo mw izahabu n’ivyo mw ifeza n’ivyo mu miringa n’ivyo mu vyuma n’ivyo mw ibāti n’ivyo mw isāsu,

23 ibintu vyose birinda umuriro, muze mubicishe mu muriro, bibone guhumanuka; ariko kandi mubihumanuze na ya mazi yo guhumanura; na vy’ ibintu bitarinda umuriro muze mubinyuze mur’ ayo mazi.

24 Maze ku musi ugira indwi muze mumesūre impuzu zanyu, muzoba muhumanutse, hanyuma mubone kugaruka aho dushagaje.

25 Uhoraho abarira Mose,

26 ati Harūra igitigiri c’iminyago yanyazwe y’abantu n’ibigenda, mwe na Eleyazari umuherezi n’abakuru b’amazu ya ba sekuruza, ukw amazu angana mw ishengero.

27 Uheze ugabanye iminyago mu bitigiri bibiri bingana; kimwe gihabge abahizi batabarutse, ikindi gihabge ishengero ryose.

28 Maze mu gitigiri gihawe abahizi batabarutse, munsobanuriremw’ indogōzo yanje, jewe Uhoraho: ibe kimwe‐kimwe mu majana atanu, uhereye ku bantu, no ku nka, no ku ndogoba, no ku mikuku;

29 ubikūre mu gitigiri cabo, ubihe Eleyazari umuherezi, bibe ishikanwa munshikaniye.

30 Kandi mu gitigiri gihawe ishengero ry’ Abisirayeli musobanure kimwe‐kimwe muri mirongwitanu, uhereye ku bantu, no ku nka, no ku ndogoba, no ku mikuku, mbere ku bigenda vyose; ubihe Abalewi, ari bo bājejwe ivy’ ihema ryanje, jewe Uhoraho.

31 Nuko Mose na Eleyazari umuherezi babigenza nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.

32 Kand’ iminyago abo bahizi bari banyaze, iyar’ isigaye ikiriho zar’ intama ibihumbi amajana atandatu na mirongwirindwi na bitanu,

33 n’ inka ibihumbi mirongwirindwi na bibiri,

34 n’indogoba ibihumbi mirongwitandatu na kimwe,

35 n’ abantu ibihumbi mirongwitatu na bibiri vy’abakobga batigeze kumenya icitwa umugabo.

36 Igitigiri c’umugabane abatabarutse bahawe car’ intama ibihumbi amajana atatu na mirongwitatu n’indwi n’ amajana atanu:

37 izo Uhoraho yirogōjemwo zar’ amajana atandatu na mirongwirindwi na zitanu;

38 inka na zo bahawe zar’ ibihumbi mirongwitatu na bitandatu; izo Uhoraho yirogōje muri zo zari mirongwirindwi na zibiri;

39 indogoba na zo bahawe zar’ ibihumbi mirongwitatu n’amajana atanu; izo Uhoraho yirogōje muri zo zari mirongwitandatu n’imwe.

40 Mu bantu banyaze, abo bahawemwo bār’ ibihumbi cumi na bitandatu; abo Uhoraho yirogōje muri bo bari mirongwitatu na babiri.

41 Nuko Mose ashikiriza Eleyazari umuherezi izo ndogōzo, ni ryo shikanwa ryari rigerewe Uhoraho, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.

42 Umugabane w’abandi Bisirayeli, uwo Mose yashigaje ku wo abatabarutse bahawe,

43 uwo mugabane w’ishengero war’ intama ibihumbi amajana atatu na mirongwitatu n’indwi n’amajana atanu,

44 n’inka ibihumbi mirongwitatu na bitandatu,

45 n’indogoba ibihumbi mirongwitatu n’amajana atanu,

46 n’abantu ibihumbi cumi na bitandatu.

47 Nuko kur’ uwo mugabane w’Abisirayeli Mose akūra kimwe‐kimwe muri mirongwitanu, uhēreye ku bantu no ku bigenda vyose, abiha Abalewi, ari bo bājejwe ivy’ ingoro y’Uhoraho, nk’uk’ Uhoraho yari yaramubariye.

48 Maz’ abagabisha b’imitwe y’ingabo, abagaba ibihumbi n’ abagaba amajana, bēgēra Mose,

49 baramubarira, bati Twebge abasavyi bawe twaharūye ingabo tugaba, dusanga ntihabuzemwo n’umwe, uko tungana.

50 None tuzaniye Uhoraho ishikanwa ry’ utugenegene tw’izahabu ku vyo twaronse: utwambarwa mu bizigira no ku maboko, n’impeta, n’ utwo kwambara ku matwi, n’utwo mw izosi, vyo gutangakw impongano y’amagara yacu imbere y’Uhoraho.

51 Nuko Mose na Eleyazari umuherezi babākīrira ayo mazahabu: yose yar’ utugenegene tw’uducurano.

52 Ayo mazahabu yose, ayo bagereye gushikanira Uhoraho, abo bagabisha bagaba ibihumbi n’abagaba amajana bashikanye, uburemerezi bgayo bgari shekeli ibihumbi cumi na bitandatu n’amajana ndwi na mirongwitanu.

53 Kuk’ umuntu wese mur’ izo ngabo yari yisahuriye isahu.

54 Nuko Mose na Eleyazari umuherezi bākīra ayo mazahabu y’abo bagabisha bagaba ibihumbi n’abagaba amajana, bayajana mw ihema ry’ibonaniro, kugira ngw abere Abisirayeli icibutso co kwibukwako imbere y’Uhoraho.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ