Guharūra 30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivyo gushitsa amasezerano 1 Mose abarira abakuru b’ imiryango y’Abisirayeli, at’ Iki ni co Uhoraho yashinze: 2 umugabo ni yasezeranira Uhoraho isezerano, cank’ akarahira indahiro, akībohesha ivyo araganye, ntaz’ ace mw ijambo ryiwe, arikw az’ ashitse ivyamuvuye mu kanwa vyose. 3 Kand’ umukobga ni yasezeranira Uhoraho isezerano, akībohesha ivyo araganye, akiri mu rugo kwa se mu bgigeme bgiwe; 4 se akumva ivyo asezeranye, n’ingene yibohesheje ivyo araganye, agapfa kwihorera akamureka, ayo masezerano yiwe yose azohama, bo n’ivyo yaraganye vyose yibohesheje. 5 Ariko se ni yamubuza kur’ uwo musi avyumviyeko, ntihazogira isezerano ryiwe rihama, canke na kimwe mu vyo yaraganye yari yibohesheje; Uhoraho azomuharira kuko se yamubujije. 6 Na ho ni yarongorwa akiri mur’ ayo masezerano, no mu vyo akanwa kiwe kātuntumukanye, akavyībohesha; 7 umugabo wiwe akavyumva, agapfa kwihorera akamureka kur’ uwo musi avyumviyeko; ayo masezerano yiwe azohama, bo n’ivyo yaraganye yibohesheje. 8 Arik’ umugabo wiwe ni yamubuza ku musi avyumviyeko, azoba akūyeh’ iryo sezerano yarimwo, n’ivyo akanwa kiwe kātuntumukanye, akavyibohesha; kand’ Uhoraho azomuharira. 9 Arikw isezerano ry’umupfakazi, canke ry’uwahukanye, ico azoba yībohesheje cose kizomuhambira. 10 Kand’ umugore ni yasezerana isezerano ari mu rugo, akībohesha ivyo araganye, akarahira, 11 umugabo wiwe akavyumva, agapfa kwihorera akamureka, ntamubuze; ayo masezerano yiwe yose azohama, bo n’ivyo yaraganye vyose yibohesheje. 12 Arik’ umugabo wiwe ni yavyanzuza ku musi avyumviyeko, ivyamuvuye mu kanwa vyose vy’ amasezerano n’ivyo yaraganye akavyibohesha, ntibizohama, kuk’ umugabo wiwe yavyanjuje; kand’ Uhoraho azomuharira. 13 Isezerano ryose n’indahiro yose yokwibohesha ngo yibabaze, umugabo wiwe ni we yobishinga canke ni we yobikūra. 14 Arik’ umugabo wiwe ni yapfa kwihorera uko bukeye uko bgije, akamureka, azoba akomeje amasezerano yiwe yose n’ivyo yaraganye vyose bimuhambiriye. Kw azoba yarihoreye akamureka ku musi avyumviyeko, azoba yarabishinze. 15 Ariko ni yavyanzuza amaze igihe yaravyumvise, azogībgako n’ibigabitanyo vy’umugore wiwe. 16 Ayo ni yo mabgirizwa Uhoraho yabariye Mose, yo ku vy’ umugabo n’umugore wiwe, no ku vy’ umukobga na se, umukobga akiri mu bgigeme bgiwe mu rugo kwa se. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi