Guharūra 29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivy’ umusi mukuru uvuzwakw inzamba 1 Mu kwezi kw’indwi, ku musi wakwo wa mbere, muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera; ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako: muze muwugire umusi wo kuvuzakw inzamba. 2 Muze muwutangekw ikimazi co kwoswa c’ umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho; kize kibe imasa y’ umukangara imwe, n’impfizi y’ intama imwe, n’abana b’intama ndwi b’amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga, 3 hamwe n’ishikanwa ry’ifu bigendanye, ifu igogōretse ivanzwe n’ amavuta ya elayo; iryo ku masa ribe ibigiracumi bitatu vy’ingero yitwa efa, iryo ku mpfizi y’intama ribe ibigiracumi bibiri vya efa nyene, 4 iryo ku mwana w’intama umwe‐umwe mur’ abo, ukw ar’ indwi, ribe ikigiracumi kimwe. 5 Muze mutange n’impfizi y’impene imwe kw ikimazi gitangirwa ivyaha, co kubabera impongano. 6 Muze muvyongere kuri ca kimazi co kwoswa gihora gitangwa iy’ ukwezi kubonetse, hamwe n’ishikanwa ry’ifu bigendanye, vyongerwe no kuri ca kimazi co kwoswa c’intasība, hamwe n’ishikanwa ry’ifu bigendanye, bo n’ amashikanwa y’ibiturire agendanye n’ivyo vyose, nk’uko bishinzwe; bibe umubabge umota neza, ikimazi gitōngōrwa n’umuriro nshikaniwe jewe Uhoraho. Ivy’ umusi mukuru w’impongano 7 Ku musi w’icumi w’ukwo kwezi kw’indwi muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera; muze mwame muwibabazako, kandi ntimuze mugire igikorwa na kimwe muwukorako; 8 ariko muze mutange ikimazi co kwoswa munshikaniye jewe Uhoraho, c’umubabge umota neza; kize kibe imasa y’umukangara imwe, n’ impfizi y’intama imwe, n’abana b’intama ndwi b’amasuguru, batarengeje umwaka; muze mubitange bitagira agasembga. 9 Muze mubitangane n’ishikanwa ry’ ifu bigendanye, ifu igogōretse ivanzwe n’amavuta ya elayo; iryo ku masa ribe ibigiracumi bitatu vya efa, iryo ku mpfizi y’intama ribe ibigiracumi bibiri vya efa nyene, 10 iryo ku mwana w’intama umwe‐umwe mur’ abo, ukw ar’ indwi, ribe ikigiracumi kimwe. 11 Mutange n’impfizi y’impene imwe kw ikimazi gitangirwa ivyaha; muze muvyongere ku kimazi gitangirwa ivyaha c’impongano, no kuri ca kimazi co kwoswa c’intasība, no kw ishikanwa ry’ifu bigendanye, no ku mashikanwa y’ibiturire agendanye na vyo. Ibimazi bitangwa mu misi mikuru y’Insāgo 12 Kandi ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwo kwezi kw’indwi muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera; ntimuze mugire igikorwa kiruhisha muwukorako, kandi muze mumare imisi ndwi muri mu misi mikuru yo kunyubaha, jewe Uhoraho. 13 Ku musi wayo w’intangamarāra muze mutange ikimazi co kwoswa, ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza; kize kibe amamasa y’imikangara cumi n’ atatu, n’impfizi z’intama zibiri, n’abana b’intama cumi na bane b’ amasuguru, batarengeje umwaka; bize bibe ibitagira agasembga. 14 Mubitangane n’ishikanwa ry’ ifu rigendana na vyo, ifu igogōretse ivanzwe n’amavuta ya elayo; iryo ku masa imwe‐imwe mur’ ayo, ukw ar’icumi n’atatu, ribe ibigiracumi bitatu vya efa, iryo ku mpfizi y’intama imwe‐imwe mur’ izo, ukw ari zibiri, ribe ibigiracumi bibiri vya efa nyene, 15 iryo ku mwana w’intama umwe‐umwe mur’ abo, ukw ar’ icumi na bane, ribe ikigiracumi kimwe. 16 Mutange n’impfizi y’impene imwe kw ikimazi gitangirwa ivyaha; muze muvyongere kuri ca kimazi co kwoswa c’intasība, no kw ishikanwa ry’ifu n’iry’ ibiturire, uko bigendana na co. 17 Bukeye ku musi ugira kabiri muze mutange amamasa y’imikangara cumi n’abiri, n’impfizi z’ intama zibiri, n’abana b’intama cumi na bane b’amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga; 18 mutangane n’ayo mamasa n’izo mpfizi z’intama n’ abo bana b’intama amashikanwa y’ifu n’ay’ ibiturire bigendana, nk’ukw igitigiri cavyo kingana, nk’uko bishinzwe. 19 Mutange n’impfizi y’impene imwe kw ikimazi gitangirwa ivyaha; muze muvyongere kuri ca kimazi co kwoswa c’intasība, no kw ishikanwa ry’ifu n’iry’ ibiturire, uko bigendana na co. 20 Bukeye ku musi ugira gatatu muze mutange amamasa cumi n’ imwe, n’impfizi z’intama zibiri, n’abana b’intama cumi na bane b’ amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga; 21 mutangane n’ayo mamasa n’izo mpfizi z’intama n’abo bana b’intama amashikanwa y’ifu n’ay’ ibiturire bigendana, nk’ukw igitigiri cavyo kingana, nk’uko bishinzwe. 22 Mutange n’impfizi y’impene imwe kw ikimazi gitangirwa ivyaha; muze muvyongere kuri ca kimazi co kwoswa c’intasība, no kw ishikanwa ry’ifu n’iry’ ibiturire, uko bigendana na co. 23 Bukeye ku musi ugira kane muze mutange amamasa cumi, n’impfizi z’intama zibiri, n’abana b’intama cumi na bane b’amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga; 24 mutangane n’ ayo mamasa n’izo mpfizi z’intama n’abo bana b’intama amashikanwa y’ifu n’ay’ ibiturire bigendana, nk’ukw igitigiri cavyo kingana, nk’uko bishinzwe. 25 Mutange n’impfizi y’impene imwe kw ikimazi gitangirwa ivyaha; muze muvyongere kuri ca kimazi co kwoswa c’intasība, no kw ishikanwa ry’ifu n’iry’ ibiturire, uko bigendana na co. 26 Bukeye ku musi ugira gatanu muze mutange amamasa cenda, n’impfizi z’intama zibiri, n’abana b’intama cumi na bane b’amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga; 27 mutangane n’ayo mamasa n’izo mpfizi z’intama n’abo bana b’intama amashikanwa y’ifu n’ay’ ibiturire bigendana, nk’ukw igitigiri cavyo kingana, nk’uko bishinzwe. 28 Mutange n’impfizi y’impene imwe kw ikimazi gitangirwa ivyaha; muze muvyongere kuri ca kimazi co kwoswa c’intasība, no kw ishikanwa ry’ifu n’iry’ ibiturire, uko bigendana na co. 29 Bukeye ku musi ugira gatandatu muze mutange amamasa munani, n’impfizi z’intama zibiri, n’abana b’intama cumi na bane b’ amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga; 30 mutangane n’ayo mamasa n’izo mpfizi z’intama n’abo bana b’intama amashikanwa y’ifu n’ay’ ibiturire bigendana, nk’ukw igitigiri cavyo kingana, nk’uko bishinzwe. 31 Mutange n’impfizi y’impene imwe kw ikimazi gitangirwa ivyaha; muze muvyongere kuri ca kimazi co kwoswa c’intasība, no kw ishikanwa ry’ifu n’iry’ ibiturire, uko bigendana na co. 32 Bukeye ku musi ugira indwi muze mutange amamasa ndwi, n’ impfizi z’intama zibiri, n’abana b’intama cumi na bane b’amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga; 33 mutangane n’ayo mamasa n’izo mpfizi z’intama n’abo bana b’intama amashikanwa y’ifu n’ay’ ibiturire bigendana, nk’ukw igitigiri cavyo kingana, nk’uko bishinzwe. 34 Mutange n’impfizi y’impene imwe kw ikimazi gitangirwa ivyaha; muze muvyongere kuri ca kimazi co kwoswa c’intasība, no kw ishikanwa ry’ifu n’iry’ ibiturire, uko bigendana na co. 35 Bukeye ku musi ugira umunani muze mugire ikoraniro ry’ agahebuza; ntimuze mugire igikorwa kiruhisha muwukorako; 36 ariko muze mutange ikimazi co kwoswa, ikimazi gitōngōrwa n’ umuriro, umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho; kize kibe imasa imwe, n’impfizi y’intama imwe, n’abana b’intama ndwi b’ amasuguru, batarengeje umwaka, batagira agasembga; 37 ishikanwa ry’ifu n’ishikanwa ry’ibiturire vyo kugendana n’iyo masa n’iyo mpfizi y’intama n’abo bana b’intama, bize bibe nk’ukw igitigiri c’ivyo bimazi kingana, nk’ uko bishinzwe. 38 Mutange n’ impfizi y’impene imwe kw ikimazi gitangirwa ivyaha; muze muvyongere kuri ca kimazi co kwoswa c’intasība, no kw ishikanwa ry’ifu n’iry’ ibiturire, uko bigendana na co. 39 Ivyo abe ari vyo muzohora munshikanira, jewe Uhoraho, mu misi mikuru yanyu ishinzwe, muvyongeye ku bimazi vyanyu vyo kwoswa, no ku mashikanwa yanyu y’ifu no ku y’ibiturire, no ku bimazi vyanyu vy’ishimwe, ivyo mutangishwa no gushitsa isezerano canke n’uko muvyigombeye. 40 Nuko Mose ashikiriza Abisirayeli ivyo Uhoraho yamubariye vyose. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi