Guharūra 27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivyagezwe vy’ukuragwa kw’abakobga 1 Maz’ abakobga ba Selofehadi bīgira hafi. Selofehadi yari mwene Heferi, Heferi wa Gileyadi, Gileyadi wa Makiri, Makiri wa Manase, bo mu ruvyaro rwa Manase mwene Yosefu. Aya ni yo mazina y’abo bakobga ba Selofehadi: Makila na Nowa na Hogila na Miluka na Tirusa. 2 Bahagarara imbere ya Mose na Eleyazari umuherezi, n’imbere y’ abakuru, n’imbere y’ikoraniro ryose, ku muryango w’ihema ry’ ibonaniro, baravuga, 3 bati Data yapfiriye mu bugaragwa, kandi ntiyari muri rya koraniro ry’abīfatanije na Kora kugarariza Uhoraho, ariko yapfiriye mu vyaha vyiwe ubgiwe gusa; kandi nta bahungu yasize. 4 N’iki cotuma izina rya data rizimangana mu muryango, n’ukw atāsize umuhungu? N’uduhe kuzogira ishamvu mu b’i wacu. 5 Maze Mose ashīra Uhoraho amajambo yabo. 6 Uhoraho abarira Mose, 7 at’ Abakobga ba Selofehadi bavuze ivy’ ukuri; nuk’ uz’ ubahe kwegukira ishamvu mu b’i wabo; ubashikirize ishamvu ya se. 8 Kand’ ubarire Abisirayeli, ut’ Umuntu ni yapfa adasize umuhungu, umukobga wiwe az’ abe ari we mushikiriza ishamvu yiwe. 9 Na ho ni yaba adasize umukobga, muze mushikirize ishamvu yiwe abo bavukana. 10 Kandi ni yaba atagira abo bavukana, muze muyishikirize ba se wabo. 11 Kandi se ni yaba atagira abo bavukana, ishamvu yiwe muze muyishikirize mwene wabo arusha abandi kuba uwo hafi, ayegukire. Iryo rizobera Abisirayeli ibgirizwa bazohora bakurikira mu guca imanza, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose. Yosuwa agerwa kuzosubira mu gishingo ca Mose 12 Uhoraho abarira Mose, ati N’udūge uyu musozi wo muri Abarimu, witegereze igihugu nahaye Abisirayeli. 13 Maze ni waheza kukibona, nawe uzotāmbūra, uhamvye abanyu, nk’uko Aroni mukurwawe yabahambije; 14 kuko mwanse kwumvira ijambo ryanje muri mu bugaragwa bg’i Zini, hamwe ishengero ryitonganya, namwe ntimwerekanire ukwera kwanje imbere yabo kuri ya mazi. (Ayo ni ya mazi y’i Meriba h’i Kadeshi, mu bugaragwa bg’i Zini.) 15 Mose abarira Uhoraho, 16 at’ Uhoraho, Mana y’impwemu z’ abari n’umubiri bose, n’utoranye umuntu wo kuganza iri shengero, 17 wo kubaja imbere amaja n’ amaza, abaturutsa akabacūra: kugira ngw ishengero ryawe, Uhoraho, ryoye kumera nk’intama zitagira umwungere. 18 Uhoraho yishura Mose, ati Jana Yosuwa mwene Nuni, umuntu arimwo Mpwemu, umurambikekw ibiganza; 19 umuhagarike imbere ya Eleyazari umuherezi, n’imbere y’ ishengero ryose, umushikiririze igikorwa imbere yabo. 20 Kand’ umukebere ku cubahiro cawe, kugira ngw ishengero ryose ry’ Abisirayeli rihore rimwumvira. 21 Kand’ az’ ahore ahagarara imbere ya Eleyazari umuherezi, amutume kuza imbere yanje kumbaza, apfindishije Urimu; ijambo rya Eleyazari rize ribe ari ryo ribaturutsa, ribacūre, Yosuwa n’Abisirayeli bose, mbere n’ishengero ryose. 22 Nuko Mose abigenza nk’uk’ Uhoraho yamubariye; ajana Yosuwa, amuhagarika imbere ya Eleyazari umuherezi, n’imbere y’ ishengero ryose. 23 Amurambikakw ibiganza, amushikiriza ico gikorwa, nk’uk’ Uhoraho yari yabimubariye. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi