Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Guharūra 26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Baharūra Abisirayeli ubugira kabiri

1 Hanyuma y’ico kīza, Uhoraho abarira Mose na Eleyazari mwene Aroni umuherezi,

2 ati Harūra igitigiri c’ishengero ryose ry’Abisirayeli, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri ukaja hejuru, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari, abo mu Bisirayeli bose bashobora kurwana mu ntambara.

3 Nuko Mose na Eleyazari umuherezi barabibabarira bari mu kiyaya c’i Mowabu kuri Yorodani, aharābana n’i Yeriko,

4 bati Muharūre abamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru. Babigira nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose. Abisirayeli bāvuye mu gihugu ca Egiputa bār’ aba:

5 Bene Reyubeni, imfura ya Isirayeli, n’aba: Henoki, ni we gishitsi c’inzu y’Abahenoki; na Palu, ni we gishitsi c’inzu y’Abapalu;

6 na Hesironi, ni we gishitsi c’inzu y’Abahesironi; na Karumi, ni we gishitsi c’inzu y’ Abakarumi.

7 Ayo ni yo mazu y’ Abareyubeni. Abāharūwe bo muri bo bār’ ibihumbi mirongwine na bitatu, n’amajana ndwi na mirongwitatu.

8 Aba Palu ni Eliyabu:

9 aba Eliyabu ni Nemuweli na Datani na Abiramu. Uwo Datani na Abiramu ni bo ba bandi bāri bāratoranijwe mw ishengero, bagahava barwanya Mose na Aroni, bafatanije n’umuce wa Kora, igihe bāgarariza Uhoraho,

10 isi ikāsama, ikabamirana na Kora, hamwe wa muce wifatanya na bo wapfa, umuriro ukayigiza abagabo amajana abiri na mirongwitanu, bakaba akābarore.

11 Arikw abana ba Kora ntibāpfuye.

12 Bene Simeyoni, nk’ukw amazu yabo ari, n’aba: Nemuweli ni we gishitsi c’inzu y’Abanemuweli; na Yamini, ni we gishitsi c’inzu y’Abayamini; na Yakini, ni we gishitsi c’inzu y’Abayakini;

13 na Zera, ni we gishitsi c’inzu y’Abazera; na Sauli, ni we gishitsi c’inzu y’Abasauli.

14 Ayo ni yo mazu y’Abasimeyoni: bose bār’ ibihumbi mirongwibiri na bibiri n’amajana abiri.

15 Bene Gadi, nk’ukw amazu yabo ari, n’aba: Sefoni, ni we gishitsi c’inzu y’Abasefoni; na Hagi, ni we gishitsi c’inzu y’Abahagi; na Shuni, ni we gishitsi c’ inzu y’Abashuni;

16 na Ozini, ni we gishitsi c’inzu y’Abozini; na Eri, ni we gishitsi c’inzu y’Aberi;

17 na Arodi, ni we gishitsi c’inzu y’Abarodi; na Areli, ni we gishitsi c’inzu y’Abareli.

18 Ayo ni yo mazu y’Abagadi, nk’ukw abāharūwe bari, ukw ar’ ibihumbi mirongwine n’amajana atanu.

19 Bene Yuda ni Eri na Onani; ariko Eri na Onani bāpfiriye mu gihugu c’i Kanani.

20 Bene Yuda bābaye ibishitsi vy’amazu n’aba: Shela, ni we gishitsi c’inzu y’Abashela; na Peresi, ni we gishitsi c’inzu y’Abaperesi; na Zera, ni we gishitsi c’inzu y’Abazera.

21 Aba Peresi n’aba: Hesironi, ni we gishitsi c’inzu y’Abahesironi; na Hamuli, ni we gishitsi c’inzu y’ Abahamuli.

22 Ayo ni yo mazu y’aba Yuda, nk’ukw abāharūwe bari, ukw ar’ ibihumbi mirongwirindwi na bitandatu n’amajana atanu.

23 Bene Isakari, nk’ukw amazu yabo ari, n’aba: Tola, ni we gishitsi c’inzu y’Abatola; na Puva, ni we gishitsi c’inzu y’Abapuva;

24 na Yashubu, ni we gishitsi c’inzu y’Abayashubu; na Shimuroni, ni we gishitsi c’inzu y’Abashimuroni.

25 Ayo ni yo mazu y’aba Isakari, nk’ukw abāharūwe bari, ukw ar’ ibihumbi mirongwitandatu na bine n’amajana atatu.

26 Bene Zebuloni, nk’ukw amazu yabo ari, n’aba: Seredi, ni we gishitsi c’inzu y’Abaseredi; na Eloni, ni we gishitsi c’inzu y’Abeloni; na Yakileli, ni we gishitsi c’inzu y’Abayakileli.

27 Ayo ni yo mazu y’aba Zebuloni, nk’ukw abāharūwe bari, ukw ar’ ibihumbi mirongwitandatu n’amajana atanu.

28 Bene Yosefu, nk’ukw amazu yabo ari, ni Manase na Efurayimu.

29 Aba Manase n’aba: Makiri, ni we gishitsi c’inzu y’Abamakiri; Makiri yavyaye Gileyadi; Gileyadi ni we gishitsi c’inzu y’Abagileyadi.

30 Aba Gileyadi n’aba: Yezeri, ni we gishitsi c’inzu y’Abayezeri; na Heleki, ni we gishitsi c’inzu y’Abaheleki;

31 na Asiriyeli, ni we gishitsi c’inzu y’ Abasiriyeli; na Shekemu, ni we gishitsi c’inzu y’Abashekemu;

32 na Shemida, ni we gishitsi c’inzu y’Abashemida; na Heferi, ni we gishitsi c’inzu y’Abaheferi.

33 Selofehadi mwene Heferi ntiyavyaye abahungu, ariko yavyaye abakobga; amazina y’abo bakobga ba Selofehadi ni Makila na Nowa na Hogila na Miluka na Tirusa.

34 Ayo ni yo mazu y’aba Manase: abāharūwe bo muri bo bār’ ibihumbi mirongwitanu na bibiri n’ amajana ndwi.

35 Aba ni bo ba Efurayimu, nk’ ukw amazu yabo ari: Shutela, ni we gishitsi c’inzu y’Abashutela; na Bekeri, ni we gishitsi c’inzu y’Ababekeri; na Tahani, ni we gishitsi c’inzu y’Abatahani.

36 Aba Shutela n’aba: Erani, ni we gishitsi c’inzu y’Aberani.

37 Ayo ni yo mazu y’aba Efurayimu, nk’ukw abāharūwe bari; bār’ ibihumbi mirongwitatu na bibiri n’amajana atanu. Abo ni bo ba Yosefu, nk’ukw amazu yabo ari.

38 Bene Benyamini, nk’ukw amazu yabo ari, n’aba: Bela, ni we gishitsi c’inzu y’Ababela; na Ashibeli, ni we gishitsi c’inzu y’Abashibeli; na Ahiramu, ni we gishitsi c’inzu y’Abahiramu;

39 na Shufamu, ni we gishitsi c’inzu y’Abashufamu; na Hufamu, ni we gishitsi c’inzu y’Abahufamu.

40 Aba Bela ni Arudi na Namani: Arudi ni we gishitsi c’inzu y’Abarudi, Namani ni we gishitsi c’inzu y’Abanamani.

41 Abo ni bo ba Benyamini, nk’ukw amazu yabo ari: abāharūwe bo muri bo bār’ ibihumbi mirongwine na bitanu n’amajana atandatu.

42 Aba ni bo bene Dani, nk’ukw amazu yabo ari: Shuhamu, ni we gishitsi c’inzu y’Abashuhamu. Abo ni bo bābayemw’ amazu y’aba Dani, nk’ukw amazu yabo ari.

43 Ab’ amazu yose y’Abashuhamu, nk’ukw abāharūwe bari, bār’ ibihumbi mirongwitandatu na bine n’ amajana ane.

44 Bene Asheri, nk’ukw amazu yabo ari, n’aba: Imuna, ni we gishitsi c’inzu y’Abimuna; na Ishivi, ni we gishitsi c’inzu y’Abishivi; na Beriya, ni we gishitsi c’inzu y’Ababeriya.

45 Mu ba Beriya, Heberi ni we gishitsi c’inzu y’Abaheberi, na Malukiyeli, ni we gishitsi c’inzu y’Abamalukiyeli.

46 Umukobga wa Asheri yitwa Sera.

47 Ayo ni yo mazu y’aba Asheri, nk’ukw abāharūwe bari; bār’ ibihumbi mirongwitanu na bitatu n’amajana ane.

48 Bene Nafutali, nk’ukw amazu yabo ari, n’aba: Yakiseli, ni we gishitsi c’inzu y’Abayakiseli; na Guni, ni we gishitsi c’inzu y’Abaguni;

49 na Yeseri, ni we gishitsi c’inzu y’Abayeseri; na Shilemu, ni we gishitsi c’inzu y’Abashilemu.

50 Abo ni bo bābayemw’ amazu y’aba Nafutali, nk’ukw amazu yabo ari: abāharūwe bo muri bo bār’ ibihumbi mirongwine na bitanu n’amajana ane.

51 Abo ni bo bāharūwe bo mu Bisirayeli: bose na bose bār’ ibihumbi amajana atandatu na kimwe n’amajana ndwi na mirongwitatu.

52 Uhoraho abarira Mose,

53 at’ Abo az’ abe ari bo bagabanganywa igihugu kibe ishamvu yabo, nk’ukw igitigiri c’amazina yabo kingana.

54 Umuryango munini uz’ uwuhe ishamvu nini, umutoya uwuhe ishamvu ntoya; umuryango wose uz’ uhabge ishamvu ihwanye n’ igitigiri c’abāharūwe bo muri wo.

55 Arikw ico gihugu kize kigabuzwe ubupfindo; nk’ukw amazina y’imiryango ya ba sekuruza ari, az’ abe ari ko bahegukira.

56 Nk’uk’ ubupfindo buzokwerekana, az’ abe ari k’umuryango wose ugabanganirizwa ishamvu yawo, ari munini ari mutoya.

57 Abāharūwe bo mu Balewi, nk’ ukw amazu yabo ari, n’aba: Gerushoni, ni we gishitsi c’inzu y’Abagerushoni; na Kohati, ni we gishitsi c’inzu y’Abakohati; na Merari, ni we gishitsi c’inzu y’Abamerari.

58 Aya ni yo mazu y’aba Lewi: inzu y’Abalibuni, n’iy’ Abaheburoni, n’iy’ Abamahili, n’iy’ Abamushi, n’iy’ Abakora. Kandi Kohati ni we se wa Amuramu.

59 Muka Amuramu yitwa Yokebedi, yari mwene Lewi, yavukiye muri Egiputa. Bavyarana na Amuramu Aroni na Mose na Miriyamu mushiki wabo.

60 Aroni na we abo yavyaye ni Nadabu na Abihu na Eleyazari na Itamari.

61 Ariko Nadabu na Abihu bāpfuye ca gihe bosereza Uhoraho imibavu ku muriro urahuwe ahandi.

62 Abāharūwe bo muri bo b’izinamuhungu wese, uhereye ku bamaze ukwezi kumwe bavutse, ukaja hejuru, bār’ ibihumbi mirongwibiri na bitatu. Kandi ntibāharūranwa n’Abisirayeli bandi, kukw ata shamvu bahawe mu bandi Bisirayeli.

63 Abo ni bo bāharūwe na Mose na Eleyazari umuherezi; bāharūye Abisirayeli bari mu kiyaya c’i Mowabu kuri Yorodani, aharābana n’i Yeriko.

64 Ariko muri bo ntihari hakigira n’umwe mu bāharūwe na Mose na Aroni umuherezi, igihe bāharūrira Abisirayeli mu bugaragwa bg’i Sinayi.

65 Kuk’ Uhoraho yari yaravuze ivyabo, ati Bazogwa mu bugaragwa nta kabuza. Ntihasigara n’umwe muri bo, atari Kalebu mwene Yefune, na Yosuwa mwene Nuni.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ