Guharūra 21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Mose amanika inzoka icuzwe mu miringa 1 Umwami w’i Aradi w’Umunyakanani, wo mu gihugu c’i Negebu, yumva kw Abisirayeli baje bazananye inzira itumbereye Atarimu, arabarwanya, afata mpiri bamwe muri bo. 2 Abisirayeli basezeranira Uhoraho isezerano, bati Ni wagabura aba bantu mu maboko yacu, tuzokomvomvora ibisagara vyabo. 3 Uhoraho yumvira Abisirayeli, agabura abo Banyakanani mu maboko yabo; babakomvomvorana n’ibisagara vyabo: aho hantu haca hitwa Horuma. 4 Bavuduka ku musozi Hori, bajana inzira ija ku Kiyaga Gitukura kugira ngo bagendane urubibe rw’igihugu ca Edomu; abantu bīhebūzwa cane n’urwo rugendo, 5 batonganya Imana na Mose, bati Mwadukūriye iki muri Egiputa, mukatuzana gupfira mur’ ubu bugaragwa? kw ata vyo kurya tuharonka, ata n’amazi ariho, kandi tubihiwe n’ibi vyo kurya bitagira ikimazi. 6 Maz’ Uhoraho atērēra abantu inzoka z’ubumara buturira, zirabakomora; abantu benshi bo mu Bisirayeli barapfa. 7 Abantu baza kuri Mose, bati Twakoze icaha, kuko twatonganije Uhoraho nawe; udusabire k’Uhoraho, adukūremw’ izi nzoka. Nuko Mose arabasabira. 8 Maz’ Uhoraho abarira Mose, ati Cura inzoka isa n’izo, uyimanike ku giti c’intumba, maz’ uwakomowe wese ni yayirāba, arakira. 9 Nuko Mose acura inzoka mu miringa, ayimanika ku giti c’ intumba, maz’ uwo inzoka yariye wese, yarāba iyo nzoka y’umuringa, agakira. 10 Abisirayeli barahaguruka, basagaza ahitwa Oboti. 11 Bavuduka Oboti, basagaza ahitwa Iye‐abarimu, mu bugaragwa burābana n’i Mowabu ku ruhande rw’i burasirazuba. 12 Bavudukayo, basagaza ku mwonga witwa Zeredi. 13 Bavudukayo, basagaza hakurya ya Arunoni rwo mu bugaragwa, ruturuka mu gihugu c’ Abamori: kuko Arunoni ari rwo rugabano rw’i Mowabu, rugabanya Mowabu n’Abamori. 14 Ni co gituma vyaravuzwe mu gitabo c’Intambara z’Uhoraho, ngo Vahebu h’i Sufa, Bo n’imyonga yo kuri Arunoni, 15 N’agahanamo ko ku myonga Kamanuka kerekeye ah’i Ari hatabamye, Kakegamira urugabano rw’i Mowabu. 16 Bavudukayo bashika i Beri; aho ni ha handi Beri Uhoraho yabaririra Mose, ati Koranya abantu, ndabahe amazi; 17 Abisirayeli bagaca baririmba iyi ndirimbo, bati Dudubiza, wa Riba! Ni murivugirize impundu! 18 Iri ni ryo riba ryimbge n’abaganza, Abakomeye baganza abantu bimbishije icumu ry’ubugabe, N’inkoni zabo. Bahaguruka mur’ ubgo bugaragwa, bashika i Matana; 19 bavuduka i Matana, bashika i Nahaliyeli; bavuduka i Nahaliyeli bashika i Bamoti; 20 bavuduka i Bamoti bashika ku mwonga uri mu gihugu c’i Mowabu, hafi y’agatwe ka Pisiga gahanamiye ubugaragwa. Abisirayeli batsinda Sihoni na Ogi 21 Abisirayeli batuma intumwa kuri Sihoni umwami w’Abamori, ngo zimubgire, 22 ziti Bareke bace mu gihugu cawe; ngo Ntibazokevya ngo bagire umurima cank’ uruzabibu bakandagiramwo, canke ngo banywe ku mazi yo mu mariba; ngo Bazogumya inzira y’iroro gushitsa aho bazorangiriza igihugu cawe. 23 Ariko Sihoni ntiyakundira Abisirayeli ko baca mu gihugu ciwe; akoranya ingabo ziwe zose, aja kubategera mu bugaragwa. Ashitse i Yahasi, arumana na bo. 24 Abisirayeli bamutsindisha inkota, baca begukira igihugu ciwe, uhereye ku ruzi Arunoni ugashitsa ku ruzi Yaboki, bakagarukira ku gihugu c’Abamoni: kuko Yazeri hāri ku rugabano rw’Abamoni. 25 Abisirayeli banesha ivyo bisagara vyose, baba mu bisagara vyose vy’Abamori, i Heshiboni no mu bisagara vyose bihereranye na ho. 26 Kukw i Heshiboni war’ umurwa wa Sihoni umwami w’Abamori, yari yararwanije umwami w’i Mowabu wo ku ngoma yahise, akamunyaga igihugu ciwe cose gushitsa kuri Arunoni. 27 Ni co gituma abatika ibitiko bavuga, bati Ni muze i Heshiboni, muhubake, Umurwa wa Sihoni n’ukomezwe: 28 Kuk’ umuriro waturutse i Heshiboni, Urubeya rukaba rwavuye ku murwa wa Sihoni, Rugatōngōra Ari h’i Mowabu, Gushitsa no ku baba ku mpinga z’imisozi yo kuri Arunoni. 29 Ewe Mowabu, ubonye ibara! Murageseye, mwa bantu ba Kemoshi! Yagabuye abahungu biwe baba impunzi, N’abakobga biwe baba inyagano Ya Sihoni umwami w’Abamori. 30 Twarabarashe: i Heshiboni baratikira gushitsa n’i Diboni, Twaragesheje dushitsa n’i Nofaki, Hafi y’i Medeba. 31 Uko ni kw Abisirayeli babaye mu gihugu c’Abamori. 32 Maze Mose atuma gutata i Yazeri, banesha ibisagara vyaho, birukana Abamori bābayo. 33 Barahindukira, baradūga, bajana inzira ija i Bashani: Ogi umwami w’i Bashani abategesha ingabo ziwe zose; intambara irumanira ahitwa Edireyi. 34 Uhoraho abarira Mose, ati Ntumutinye, kuko ndamugabuye mu maboko yawe, bo n’ingabo ziwe zose n’igihugu ciwe; nawe uz’ umugirire nk’uko wagiriye Sihoni umwami w’Abamori, yaba i Heshiboni. 35 Nuko bamukekana n’ abahungu biwe n’abantu biwe bose, ntihasigara n’uwa kirazira: baraheza begukira igihugu ciwe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi