Guharūra 20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Mose akora icaha, akubita igitandara 1 Ishengero ryose ry’Abisirayeli rishika mu bugaragwa bg’i Zini mu kwezi kwa mbere: abo bantu bamara igihe i Kadeshi. Miriyamu agwaho, bamuhamba aho nyene. 2 Iryo shengero ribura amazi: bakoranira kurwanya Mose na Aroni. 3 Abo bantu batonganya Mose, baramubarira, bat’ Es’ iyo dupfa ca gihe bene wacu bapfira imbere y’Uhoraho! 4 Kandi mwazaniye iki ishengero ry’ Uhoraho mur’ ubu bugaragwa, ngo tubugwemwo, twe n’ivyo dushoreye? 5 Mwadukūriye iki muri Egiputa, mukatuzana aha hantu habi? S’ahantu harimwa, s’ahantu hamera imisukoni cank’ imizabibu cank’ amakomamanga; kandi ntihagira n’amazi yo kunywa. 6 Mose na Aroni bava imbere y’iryo koraniro, baja ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, barapfukama barūnama; maz’ ubgiza bg’ Uhoraho burababonekera. 7 Uhoraho abarira Mose, 8 at’ Abīra ya nkoni, muheze mukoranye iryo shengero, mwe na Aroni mukurwawe, mubaririre igitandara imbere yabo gisendanishe amazi yaco; ubakūrire amazi mur’ ico gitandara, uhe iryo shengero n’ ivyo bashoreye amazi yo kunywa. 9 Nuko Mose yābīra iyo nkoni, ayikūye imbere y’Uhoraho, uko yamubariye. 10 Mose na Aroni bakoraniriza iryo koraniro imbere y’ico gitandara, maze Mose arababarira, ati Ni mwumve, mwa bagarariji mwe! Mbega twebge twobakūrira amazi mur’ iki gitandara? 11 Mose araheza amanika ukuboko, akubita ico gitandara inkoni yiwe kabiri: amazi menshi aca arasendanisha, iryo shengero riranywa, bo n’ivyo bashoreye. 12 Uhoraho abarira Mose na Aroni, ati Ko mutanyizeye, ngo mwerekane ukwera kwanje imbere y’Abisirayeli, ntimugishikanye iri koraniro mu gihugu nemeye ko nzobaha. 13 Ayo ni yo mazi y’i Meriba, kukw Abisirayeli batonganije Uhoraho, akerekanira ukwera kwiwe muri bo. Abanyedomu bankira Abisirayeli guca mu gihugu cabo 14 Bar’ i Kadeshi, Mose atuma intumwa ku mwami wa Edomu, ngo zimubgire, zit’ Isirayeli murumunawe ng’ Urazi amagorwa babonye yose, 15 ingene ba sekuruza bamanutse muri Egiputa, bakahamara igihe kirekire, Abanyegiputa bakabagirira nabi, bose uhereye no kuri ba sekuruza. 16 Maze batakambiye Uhoraho, yumva ijwi ryabo, atuma umumarayika, abakūra muri Egiputa. Ngo Non’ ehe rāba, bar’ i Kadeshi, igisagara co ku rubibe rwawe. 17 Ngo N’ubemerere bace mu gihugu cawe; ngo Ntibazogira umurima cank’ uruzabibu bacamwo, canke ngo banywe ku mazi yo mu mariba; ngo Bazogumya inzira y’iroro, ngo Ntibazokevya ngo baje i buryo cank’ i bumoso, gushitsa aho bazorangiriza igihugu cawe. 18 Umwami wa Edomu arishura, at’ Eka ntimuzoca mu gihugu canje, nobategesha inkota. 19 Abisirayeli barishura, bati Tuzoca mu nzira y’iroro gusa, kandi twebge n’ivyo dushoreye ni twanywa amazi yo mu gihugu cawe, tuzotanga ic’ uzocira: reka twihitire gusa, nta kindi tuzokora. 20 Arabahakanira, at’ Eka ntimuzohaca. Umwami wa Edomu abategesha ingabo nyinshi, ziri n’ubuhizi bginshi. 21 Uko ni k’umwami wa Edomu yanse kw Abisirayeli baca mu gihugu ciwe; ni co catumye Abisirayeli bahindukira bakahareka. Urupfu rwa Aroni 22 Bava i Kadeshi, baragenda; ishengero ryose ry’Abisirayeli rishika ku musozi Hori. 23 Uhoraho abaririra Mose na Aroni ku musozi Hori, ku rubibe rw’igihugu ca Edomu, 24 ati Aroni agiye gutāmbūra, ahamvye ababo; ntakigiye mu gihugu nemeye guha Abisirayeli, kuko mwanse kwumvira ijambo ryanje, muri ku mazi y’i Meriba. 25 Jana Aroni na Eleyazari umwana wiwe, ubadūgane umusozi Hori: 26 uheze wambure Aroni imyambaro yiwe, uyambike Eleyazari umwana wiwe; aho ni ho Aroni aja gupfira, ahamvye ababo. 27 Nuko Mose abigenza nk’uk’ Uhoraho yamubariye: badūga uwo musozi Hori, ishengero ryose rirorēra. 28 Mose yambura Aroni imyambaro yiwe, ayambika Eleyazari umwana wiwe; maze Aroni apfira ngaho, ku mpinga y’uwo musozi. Mose na Eleyazari baramanuka. 29 Ishengero ryose ribonye ko Aroni apfuye, iyo nzu yose ya Isirayeli bamara imisi mirongwitatu bamuririra. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi