Guharūra 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ukw amahema y’Abisirayeli agerewe gushingwa 1 Uhoraho abarira Mose na Aroni, 2 at’ Abisirayeli baze bame bashinga amahema yabo, umuntu wese ku ruhande rw’ibendera y’i wabo, bateko baje ku kabendera karanga inzu ya ba sekuruza: basagaze bakīkūje ihema ry’ibonaniro impande zose. 3 I burasirazuba haze hasagaze ab’ ibendera y’igugu rya Yuda, nk’ukw imice yabo iri; umukuru w’Abayuda ni Nahashoni mwene Aminadabu. 4 Ingabo zāharūwe zabo zar’ ibihumbi mirongwirindwi na bine n’amajana atandatu. 5 Ab’ umuryango wa Isakari abe ari bo bahererana na bo; kand’ umukuru w’Abisakari ni Netaneli mwene Suwari: 6 ingabo zāharūwe zabo zar’ ibihumbi mirongwitanu na bine n’amajana ane. 7 Bakurikirwe n’umuryango wa Zebuloni; umukuru w’Abazebuloni ni Eliyabu mwene Heloni; 8 ingabo zāharūwe zabo zar’ ibihumbi mirongwitanu n’indwi n’amajana ane. 9 Bose na bose abāharūwe mw igugu rya Yuda bar’ ingabo ibihumbi ijana na mirongumunani na bitandatu n’amajana ane, nk’ukw imice yabo yakurikirana. Abo baze babe ari bo babanza guhaguruka. 10 Ku ruhande rw’i bumanuko haze habe igugu rya Reyubeni, n’ibendera yaryo, nk’ukw imice yabo iri; umukuru w’Abareyubeni ni Elisuri mwene Shedeyuri. 11 Ingabo zāharūwe zabo zar’ ibihumbi mirongwine na bitandatu n’amajana atanu. 12 Ab’ umuryango wa Simeyoni abe ari bo bahererana na bo; kand’ umukuru w’Abasimeyoni ni Shelumiyeli mwene Surishadayi: 13 ingabo zāharūwe zabo zar’ ibihumbi mirongwitanu n’icenda n’amajana atatu. 14 Bakurikirwe n’umuryango wa Gadi; umukuru w’Abagadi ni Eliyasafu mwene Ruweli: 15 ingabo zāharūwe zabo zar’ ibihumbi mirongwine na bitanu n’amajana atandatu na mirongwitanu. 16 Bose na bose abāharūwe mw igugu rya Reyubeni bar’ ingabo ibihumbi ijana na mirongwitanu na kimwe n’amajana ane na mirongwitanu, nk’ukw imice yabo yakurikirana. Abo baze babe aba kabiri mu kugenda. 17 Hanyuma haze hagende ihema ry’ibonaniro, rijane n’igugu ry’Abalewi, rigendere hagati y’ayandi magugu: uko bakurikirana mu gusagaza, abe ari ko bagenda, umuce wose mu gihimba cawo, ukw’ amabendera yayo akurikirana. 18 Ku ruhande rw’i burengerazuba haze habe igugu rya Efurayimu, n’ibendera yabo, nk’ukw imice yabo iri; umukuru w’Abefurayimu ni Elishama mwene Amihudi. 19 Ingabo zāharūwe zabo zar’ ibihumbi mirongwine n’amajana atanu. 20 Ab’ umuryango wa Manase abe ari bo bahererana na bo; kand’ umukuru w’Abamanase ni Gamaliyeli mwene Pedasuri: 21 ingabo zāharūwe zabo zar’ ibihumbi mirongwitatu na bibiri n’amajana abiri. 22 Bakurikirwe n’umuryango wa Benyamini; umukuru w’Ababenyamini ni Abidani mwene Gideyoni: 23 ingabo zāharūwe zabo zar’ ibihumbi mirongwitatu na bitanu n’amajana ane. 24 Bose na bose abāharūwe mw igugu rya Efurayimu bar’ ingabo ibihumbi ijana n’umunani n’ijana rimwe, nk’ukw imice yabo yakurikirana. Abo baze babe aba gatatu mu kugenda. 25 Ku ruhande rw’i burārūko haze habe igugu rya Dani, n’ibendera yabo, nk’ukw imice yabo iri; umukuru w’Abadani ni Ahiyezeri mwene Amishadayi. 26 Ingabo zāharūwe zabo zar’ ibihumbi mirongwitandatu na bibiri n’amajana ndwi. 27 Ab’ umuryango wa Asheri abe ari bo bahererana na bo; kand’ umukuru w’Abasheri ni Pagiyeli mwene Okirani: 28 ingabo zāharūwe zabo zar’ ibihumbi mirongwine na kimwe n’amajana atanu. 29 Bakurikirwe n’umuryango wa Nafutali; umukuru w’Abanafutali ni Ahira mwene Enani: 30 ingabo zāharūwe zabo zar’ ibihumbi mirongwitanu na bitatu n’amajana ane. 31 Bose na bose abāharūwe mw igugu rya Dani bar’ ingabo ibihumbi ijana na mirongwitanu n’indwi n’amajana atandatu. Abo baze babe ababaherukira mu kugenda, bakurikire amabendera yabo. 32 Abo ni bo bāharūwe mu Bisirayeli, nk’ukw amazu ya ba sekuruza ari: abāharūwe bose na bose bo mur’ ayo magugu, nk’ukw imice yabo yari, bar’ ibihumbi amajana atandatu na bitatu n’amajana atanu na mirongwitanu. 33 Arikw Abalewi ntibāharūranwa n’Abisirayeli, biba nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose. 34 Abisirayeli bakora kuno; basagaza baherereye ku mabendera yabo; ngo hagere kugenda bakagenda, umuntu wese agakomeza mu bo mu muryango wabo no mu bo mu nzu ya ba sekuruza, bakurikiye ivyo Uhoraho yabariye Mose vyose. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi