Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Guharūra 19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ivy’ ikimazi c’inka y’iriza y’akagajo

1 Uhoraho abarira Mose na Aroni,

2 at’ Ibi ni vyo bibgirijwe n’icagezwe jewe Uhoraho nshinze: Barira Abisirayeli bakuzanire inka y’iriza y’akagajo itagira ibara cank’ agasembga, itigeze gukoreshwa igikorwa na kimwe.

3 Muyihe Eleyazari umuherezi, ijanwe inyuma y’aho mushagaje, ikerererwe imbere yiwe.

4 Maze Eleyazari umuherezi akoze urutoke mu maraso yayo, ahagarare ahatumberanye n’umuryango w’ihema ry’ibonaniro, ayacucagire ibihetangabo ndwi.

5 Iyo nka iheze ituririrwe aho nyene imbere yiwe; iturirwe yose, uhereye ku rusato rwayo n’inyama zayo n’ubuseri bgayo n’amayezi yayo.

6 Maz’ umuherezi yābīre ingegene y’igiti c’isederi, n’utubabi twa ezobu, n’utunyuzi dusa n’agahama, abiterere hagati mu muriro ah’ iyo nka ituririwe.

7 Uwo muherezi aheze amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abone gusubira aho mushagaje, akomeze abe ūhumanye gushitsa ku mugoroba.

8 Uwayituriye na we nyene amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.

9 Umuntu adahumanye ayore umunyota w’iyo nka, awubīke inyuma y’aho mushagaje, ahantu hadahumanye, ubīkirwe ishengero ry’Abisirayeli, ngo baze bawutobe mu mazi, abe ayo guhumanura: ivyo bizoba ivyo gukūra ivyaha.

10 Ūyoye umunyota wayo amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba. Ivyo bize bibere Abisirayeli n’ umunyamahanga aba muri bo, ibgirizwa ry’intahava.

11 Ūzokora ku kiziga c’umuntu uw’ ari we wese azoba ahumanye kumara imisi ndwi:

12 aze yihumanuze ayo mazi ku musi ugira gatatu no ku wugira indwi, abone guhumanuka; ariko n’atihumanura kur’ uwo musi ugira gatatu no ku wugira indwi, ntazoba ahumanutse.

13 Ūzokora ku kiziga c’umuntu uw’ ari we wese, ntiyihumanuze, azoba ahumanije ihema ryanje, jewe Uhoraho; uwo muntu az’ acibge mu Bisirayeli. Kw azoba atāmījwekw ayo mazi ahumanura, azoba agihumanye: azoba akirik’ ubuhumane bgiwe.

14 Iki ni co cagezwe co ku muntu aguye i we mw ihema: umuntu wese azokwinjira mur’ iryo hema, n’ūzoba yari muri ryo wese, bazoba bahumanye kumara imisi ndwi.

15 Kand’ ikintu cose gisanzwe kirāngāye, kitarumijek’ umutemere, kizoba gihumanye.

16 Kand’ umuntu azoba ari ku gahinga, agakora ku kiziga c’ umuntu yishwe n’inkota, canke ku kindi kiziga cose, canke kw igufa ry’umuntu, canke ku mva, azoba ahumanye kumara imisi ndwi.

17 Ūhumanye bamukamatire kuri wa munyota wa ca kimazi co gukūra ivyaha caturiwe, bawutobe mu mazi yavomwe mu mbizi, babikoreye mu rwavya.

18 Umuntu adahumanye aheze yābīre utubabi twa ezobu, atujobeke mur’ ayo mazi, ayacucagire kuri rya hema, no ku mbombovu zose, no ku bantu bāri muri ryo, no ku wakoze kw igufa canke ku wishwe canke ku kiziga kindi canke ku mva.

19 Kand’ uwo muntu adahumanye az’ acucagire k’ūhumanye ku musi ugira gatatu no ku wugira indwi: nuko ku musi ugira indwi amuhumanure; na we aheze amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, maze ku mugoroba azoba ahumanutse.

20 Arik’ umuntu azoba ahumanye, ntiyihumanuze, uwo muntu az’ acibge mw ishengero, kukw azoba ahumanije Ahēra hanje, jewe Uhoraho; ayo mazi ahumanura kw azoba atayamijweko, azoba agihumanye.

21 Iryo rize ribabere ibgirizwa ry’ intahava. Kand’ ūzoba acucagiye ayo mazi ahumanura az’ amesure impuzu ziwe; ūzoyakorako azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.

22 Kand’ ikintu cose ūhumanye azokorako na co kizoba gihumanye: ūzogikorako azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ