Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Guharūra 18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ibikorwa vy’abaherezi n’ivy’ Abalewi bandi

1 Uhoraho abarira Aroni, ati Mwe n’abana bawe, bo n’inzu ya ba sogokuruza, ni mwebge muzobazwa ibigabitanijwe mu vy’Ahēra; mwe n’abana bawe muzobazwa n’ibigabitanijwe mu vy’ubuherezi bganyu.

2 Kandi bene wanyu, ab’ umuryango wa Lewi, umuryango wa sogokuruza, ubazane, mwīgirane hafi, bafatanye nawe, bagutumikire, iyo mur’ imbere y’ihema ry’Ibishinga intahe, wewe hamwe n’abana bawe.

3 Baze bitondere ivy’ ubajēje wewe, n’ivyo bajējwe vyose vyo mw ihema. Mugabo ntibaze bēgēre ibintu vy’Ahēra cank’ igicaniro, boye gupfa, canke namwe mugapfa.

4 Bazofatanya nawe, bitondere ivyo bajējwe vyo mw ihema ry’ibonaniro, ku vyo bazokora vyose vyo mw ihema: ntihaze hagire uwundi wese atar’ uwo muri bo abēgēra ngw avyitemwo.

5 Namwe muze mwitondere ivyo mujējwe vy’Ahēra n’ivy’ igicaniro, kugira ngo ntihaze hasubire kuza uburake ku Bisirayeli.

6 Rāba jewe nasobanuye Abalewi bene wanyu mu Bisirayeli bandi: nabahawekw ingabire, jewe Uhoraho, namwe murabagabirwa, ngo bakore igikorwa co mw ihema ry’ibonaniro.

7 Kandi nawe hamwe n’abana bawe muze mwitondere ivy’ubuherezi bganyu ku vy’igicaniro vyose no ku bir’ imbere ya ca gihuzu gikingīra Ahēra cane; ivyo abe ari vyo muzokora; mbahaye igikorwa c’ubuherezi bga ngabire: arik’ uwundi wese atar’ uwo muri mwebge yovyēgēra akavyitamwo, aze yicwe.


Ivyo gutunga abaherezi n’Abalewi

8 Uhoraho abarira Aroni, ati Rāba ndakujēje amashikanwa ngerewe; ivyo Abisirayeli bazorobanura vyose ni wewe mbihaye, mwe n’abana bawe, kuko mwarobanujwe amavuta, ngo bibe umuturi wanyu w’ibihe vyose.

9 Ibi ni vyo bizoba ivyawe vyo mu vyera cane bitar’ ivyo kwosa ku muriro: ishikanwa ryabo ryose bazonshikanira, ar’iry’ amafu, ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha, ar’ impongano, bizoba ar’ ivyera cane, bibe ivyawe n’abana bawe.

10 Uz’ ubirīre ahantu hēra cane; izinamuhungu wese wo mu bawe yemererwa kubiryako: bize bikubere ivyera.

11 Ibi na vyo nyene n’ivyawe mu mashikanwa yose ngerewe bazonshikanira: ivyo Abisirayeli bazoshikana vyose bizunguzwa, ndabiguhaye, mwe n’abahungu bawe n’abakobga bawe, bibe umuturi wanyu w’intahava: ūdahumanye wese wo mu b’inzu yawe yemererwa kubiryako.

12 Ku vy’ umushuzo vyose bazonzanira, jewe Uhoraho, ibirusha ibindi kuba vyiza, ari ku mavuta ya elayo, ari ku nzabibu, ari ku mpeke, ni wewe mbihaye.

13 Ivy’ amasega vyose bizokwera mu gihugu cabo bazonzanira, jewe Uhoraho, bizoba ivyawe: ūdahumanye wese wo mu b’inzu yawe yemererwa kubiryako.

14 Ikintu cose mpawekw inyegu mu Bisirayeli kizoba icawe.

15 Ic’ ubuzibūra cose mu bifise umubiri mpabga jewe Uhoraho, ari mu bantu, ari mu bitunzwe, bizoba ivyawe: mugabo, imfura zo mu bantu ntuz’ ubure kwāka incungu zo kuzicungura, bo n’uburiza bg’ibitunzwe na bgo n’ uko, ubgākire incungu.

16 Kandi ku vy’incungu zo kubacungura, uze wāke incungu uzocira uhereye ku bamaze ukwezi kumwe bavutse, iz’ ibe shekeli zitanu zagezwe ku y’Ahēra; kandi shekeli ni co kimwe na gera mirongwibiri.

17 Arik’ uburiza bg’ inka canke bg’intama canke bg’ impene, ntuze wāke incungu zabgo: izo zizoba izera; uz’ umije amaraso yazo ku gicaniro, wose ibinure vyazo kuba ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, bimbere umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho.

18 Inyama zazo zize zibe umwanya wawe, nk’ukw inkoro yo kuzunguzwa bo n’igikenye c’ukuguru kw’i buryo ar’ umwanya wawe.

19 Amashikanwa yose ngerewe yo mu vyera, ayo Abisirayeli bazonshikanira jewe Uhoraho, ndayaguhaye, mwe n’abahungu bawe n’ abakobga bawe, abe umuturi wanyu w’intahava. Iryo n’isezerano ritazohinduka imbere yanje kugeza ibihe bidashira, usezeraniwe, mwe n’uruvyaro rwawe.

20 Kand’ Uhoraho abarira Aroni, ati Ntuz’ ugire ishamvu mu gihugu c’Abisirayeli, canke ng’ugire umugabane muri bo: ni jewe mugabane wawe n’ishamvu yawe mu Bisirayeli.

21 Abalewi ehe mbahaye ibigiracumi vyose Abisirayeli batanga, kuba ari vyo biba ishamvu yabo, ndabibahaye kw impembo y’ibikorwa bakora vyo mw ihema ry’ ibonaniro.

22 Kandi guhēra ubu, Abisirayeli ntibaze basubire kwēgēra iryo hema ry’ibonaniro, kugira ngo ntibīshirekw icaha kikabazanira gupfa.

23 Arikw Abalewi az’ abe ari bo bakora ibikorwa vyo mw ihema ry’ibonaniro, kandi ni bo bazobazwa ivyo bagabitanije muri vyo. Ivyo bize bibabere icagezwe c’intahava, uk’ urunganwe rwanyu ruzogenda rukurikirana, yukw Abalewi batazohabga ishamvu mu Bisirayeli.

24 Kukw ibigiracumi Abisirayeli bazotanga kw amashikanwa bangereye, jewe Uhoraho, mbihaye Abalewi kuba ari vyo biba ishamvu yabo: ni co gitumye mbabarira yukw ata shamvu bazogira mu Bisirayeli.


Amashikanwa Abalewi na bo bakwiye gushikana

25 Uhoraho abarira Mose,

26 ati Kandi barira Abalewi, uti Ni mwāka Abisirayeli vya bigiracumi mbahaye kuba ari vyo biba ishamvu yanyu bivuye kuri bo, uti Nuko namwe muze mutange kuri vyo ishikanwa mumugereye, ribe ikigiracumi c’ivyo bigiracumi nyene.

27 Ut’ Iryo shikanwa mumugereye rizobaharūrwako nk’ aho muritanze ku mihūre yo ku mbuga, canke ku mitobe ya vino yuzuye amato.

28 Ut’ Ukw az’ abe ari ko namwe mumushikanira ishikanwa mumugereye ryo kuri vya bigiracumi vyose mwāka Abisirayeli, uti Kand’ iryo shikanwa mumugereye muze murihe Aroni umuherezi.

29 Uti Ku vyo muhabga vyose, muze mukūrekw ivyo mumushikanira mwamugereye; uti Ku birusha ibindi kuba vyiza, az’ abe ari ho mumukūrira umugabane wiwe wera.

30 Kand’ ubabarire, uti Ni mwaheza gukūramw’ ibirusha ibindi kuba vyiza mwamugereye, ibisigaye mwebge Abalewi muzobiharūrwako nk’ah’ ar’ ivyo mwirimiye, nk’imihūre yo ku mbuga, canke nk’imitobe iri mu mato.

31 Muzobirīra aho mugomba hose, mwe n’abo mu ngo zanyu; kukw ar’ impembo zanyu muhemberwa ibikorwa mukorera mw ihema ry’ibonaniro.

32 Uti Ni mwaheza gukūramw’ ibirusha ibindi kuba vyiza mwamugereye, nta caha kizobabako ku bisigaye: ut’ Ariko ntimuze mukengereze ivyera Abisirayeli batanga, kugira ngo ntimupfe.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ