Guharūra 17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Kunaga kw’inkoni ya Aroni 1 Uhoraho abarira Mose, 2 ati Barira Abisirayeli baguhe inkoni, umuryango wa ba sekuruza wose utange imwe‐imwe, zitangwe n’abakuru bose b’imiryango ya ba sekuruza, izo nkoni zose na zose zibe cumi na zibiri: uheze wandike izina ry’umuntu wese ku nkoni yiwe. 3 Kandi ku nkoni y’Abalewi wandikekw izina rya Aroni: kuko hazoba inkoni imwe‐imwe y’umukuru wese w’ umuryango wa ba sekuruza. 4 Uheze uzirambike mw ihema ry’ibonaniro imbere y’Ibishinga intahe, aho nama mbonanira namwe. 5 Maz’ umuntu nzotoranya, inkoni yiwe izonaga: uko ni ko nzoherengeteza imyidodombo Abisirayeli babidodombera, ndayīkūre mu matwi. 6 Nuko Mose abibarira Abisirayeli, maz’ abakuru babo bamuha izo nkoni, umukuru wese atanga imwe‐imwe, nk’ukw amazu ya ba sekuruza angana, inkoni zose na zose ziba cumi na zibiri, zirimw’ inkoni ya Aroni. 7 Mose arambika izo nkoni imbere y’Uhoraho mw ihema ry’Ibishinga intahe. 8 Bukeye bgaho Mose yinjira mur’ iryo hema ry’Ibishinga intahe; agize ngw ararāba, asanga inkoni ya Aroni yatangiwe inzu ya Lewi yanaze, ipfunditse amapfundo, isambuye amashurwe, yamyeko shakedi zihishiye. 9 Maze Mose asohora izo nkoni zose zar’ imbere y’Uhoraho, azijana ah’ Abisirayeli bose bari: barazītegereza, umuntu wese yābīra inkoni yiwe. 10 Uhoraho abarira Mose, ati Subiza inkoni ya Aroni imbere ya vya Bishinga intahe, kugira ngw ibīkirwe kubera ba bagarariji ikimenyetso: ubone guherengeteza imyidodombo yabo banyidodombera, boye gupfa. 11 Mose agenza kuno: uk’ Uhoraho yamugeze, aba ari kw akora. 12 Abisirayeli babarira Mose, bat’ Ehe turashize, turapfuye, eka mbere turapfuye twese. 13 Ūgize ngw arīgira hafi, ngo yēgēre ihema ry’Uhoraho, aca apfa: mbega twese tugiye gupfa, dushire? |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi