Ezira 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ezira abarirwa kw abantu b’Imana bifatanije n’abanyamahanga 1 Nukw ivyo vyose birangiye, abakuru baraza barambarira, bat’ Abisirayeli n’abaherezi n’ Abalewi ntibitandukanije n’abantu bo mur’ ibi bihugu, ariko bakora ivy’ ubuyobe, ivy’ Abanyakanani n’ivy’ Abaheti n’ivy’ Abaferizi n’ivy’ Abayebusi n’ivy’ Abamoni n’ivy’ Abanyamowabu n’ivy’ Abanyegiputa n’ivy’ Abamori; 2 kuk’ ubgabo bābiriye abageni bo muri bo, bakabashingira n’abahungu babo, bigatuma uruvyaro rwera rusukirana n’urw’ abantu bo mur’ ibi bihugu; mber’ abakuru n’abashingantahe ni bo babaye aba mbere mur’ ico gicumuro. 3 Maze numvise ivyo nitantamurirakw imvune bo n’umutamana, nishikura umushatsi nishikura n’ ubganwa, nicara numiwe. 4 Maz’ aho ndi hakoranira abahindishwa agashitsi bose n’amajambo y’ Imana y’Abisirayeli, kubg’ igicumuro c’abavuye mu kinyago; nkomeza kwicara numiwe, gushitsa ku gihe co gutanga ikimazi ca ni kera. Ezira asenga yātura ivyaha vyakozwe n’abantu b’Imana 5 Ikimazi ca ni kera kimaze gushikanwa, mva hasi aho nari nicaye ntēterewe, imvune yanje n’ umutamana wanje ar’ ibitabagurike; nca nkubita amavi hasi, nayira amaboko Uhoraho Imana yanje; 6 ndavuga, nt’ Ewe Mana yanje, isoni ziriko zirammwa, mu maso hanje hāhīndānye, bimbuza kukwunamurirakw amaso, Mana yanje, kukw ibigabitanyo vyacu bigwiriye, bikaba umurengera, ivyo twakoze biradutsinze, vyarundanye bigera mw ijuru. 7 Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza twamye dukora ibidutsinda vyinshi cane, gushitsa na bugingo n’ubu; kand’ ibigabitanyo vyacu ni vyo vyatumye twe n’abami bacu n’ abaherezi bacu tugaburwa mu maboko y’abami bo mu bindi bihugu, tukagenda twicwa n’ inkota, tukajanwa tur’ imbohe, tukanyagwa utwacu, tukaba ibimāramāre nk’uko bimeze uyu musi. 8 Ariko noneho mur’ aka kanya gatoya Uhoraho Imana yacu atweretse ikigongwe ciwe, adusigariza amasigarira, adushimangiye nk’umusumari Ahēra hiwe, kugira ngw akeshe amaso yacu, aduhēmbūre buhoro mu bugurano bgacu. 9 Kuko na none tur’ abagurano; arikw Imana yacu ntiyaduhebeye mu bugurano bgacu, arikw itugirira ikigongwe, yerekana imbabazi kuri twebge imbere y’abami b’i Buperesi, iraduhēmbūra, kugira ngo dusubire twubake ingoro y’Imana yacu, kandi ngo dusane ahasenyutse hayo, ngw iduhe n’uruzitiro rudukikije i Buyuda n’i Yerusalemu. 10 None ga Mana yacu, ivyo ko vyabaye birtyo, twovuga iki kandi? Ko twaretse ivyagezwe vyawe, 11 ivyo washingiye mu basavyi bawe wavugisha, ukavuga, ut’ Igihugu mugiyemwo ngo mucegukire n’igihugu candujwe n’ibizira vy’amahanga yo mur’ ivyo bihugu, n’ivy’ ubuyobe bakora, bacujuje ubuhumane bgabo hose iyo kiva kikagera; 12 kand’ uti Ntimuze mushingirane na bo, ntimuze mwigere mubendeza ivy’ amahoro cank’ ivyiza, kugira ngo mubone kugira inkomezi, murye ivyiza vyo mu gihugu, muzokiraga n’abana banyu kibe inyegu yabo ibihe vyose. 13 None rero kw ivyo vyose bidushitseko, tukaba dutsinzwe n’ivyo twakoze vyinshi, tuzize ingeso zacu mbi, nawe Mana yacu ukaba utaduhannye igihano cari gikwiranye n’ibigabitanyo vyacu, kuk’ udushigarije amasigarira angana artya, 14 mbega twongeye kurenga ivyagezwe vyawe, dushingirana n’abanyamahanga bakora ivyo bintu vy’ ubuyobe? Ntuca uturakira kugeza uturanduye, ntihagire amasigarira canke n’uwa kirazira? 15 Uhoraho Mana y’Abisirayeli, ni wewe ugororoka; kuko twebge dusigaye tur’ amasigarira, nk’uko bimeze uyu musi; rāba tur’ imbere yawe dutsinzwe n’urubanza; ivyo ni vyo bituma tudashobora guhagarara imbere yawe. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi