Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Ezira 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Abansi barondera inama zo kubabuza kwubaka

1 Maz’ abansi b’Abayuda n’ab’ Ababenyamini bumvise yukw abāvuye mu kinyago bubakira Uhoraho Imana y’Abisirayeli urusengero,

2 baca bēgēra Zerubabeli n’abakuru b’amazu ya ba sekuruza, barababgira, bat’ Enda dufatanye namwe kwubaka, kuko dusenga Imana yanyu nk’uko namwe muyisenga; kandi twamye tuyishikanira ibimazi uhereye ku ngoma ya Esarihadoni, umwami w’i Ashuri yatudūganye akatuzana ino.

3 Ariko Zerubabeli na Yosuwa n’abandi bakuru b’amazu ya ba sekuruza b’Abisirayeli barabishura, bati Nta ho duhuriye namwe, vyotuma dufatanya kwubaka ingoro y’Imana yacu, ariko ni twebge twenyene tuzokwubakira Uhoraho Imana y’Abisirayeli iyo ngoro, nk’uko Kuro umwami w’i Buperesi yabitugeze.

4 Maz’ abantu bo mur’ ico gihugu badendebura amaboko y’Abayuda, bama bababurabuza mu kwubaka.

5 Baha impēra abo kwigenera inama zo kubabuza gushitsa ivyo bagabiye; bikomeza birtyo igihe cose Kuro umwami w’i Buperesi yamaze ku ngoma, barinda bashitsa no ku ngoma ya Dariyo umwami w’i Buperesi nyene.

6 Mbere ku ngoma ya Ahasuwerusi, ari ho agishika ku ngoma nyene, bandika ivyo kurega ababa i Buyuda n’ab’ i Yerusalemu.


Abansi bandikira umwami babarega

7 Kandi no ku ngoma ya Aritazeruzi, Bishilamu na Mitiredati na Tabeyeli na bagenzi babo bandi bandikiye Aritazeruzi umwami w’i Buperesi; ico cete canditswe mu nyuguti z’Abasiriya no mu rurimi rwabo.

8 Rehumu umujanama na Shimushayi umukarani bandikira uwo mwami Aritazeruzi icete, barega ab’i Yerusalemu mur’ ubu buryo:

9 mbere Rehumu uwo mujanama na Shimushayi umukarani bafatanya kucandika na bagenzi babo bandi b’Abadinayi n’Abafarisatiki n’Abataripeli n’ Abafarisiti n’Abarikevi, n’Abanyababuloni n’Abashushanki n’ Abadehayi n’Abelamiti,

10 n’ ayandi mahanga yose Osinapari umunyacubahiro ahambaye yajabukanye hakuno akabagerēra mu gisagara c’i Samariya, no mu kindi gihugu co hakuno y’ uruzi.

11 Aya majambo n’amwe n’ayo mur’ ico cete bāmwandikiye, ngo Ku mwami Aritazeruzi, twebge abasavyi bawe bo hakuno y’uruzi turagize bgakeye.

12 Urazirikanye, Abayuda bāvuye iyo, bakaza bakadusanga i Yerusalemu, ubu bariko barasubira kwubaka ico gisagara kibi c’ikigarariji; bariko baruzuza uruzitiro, basana n’ amatanguriro.

13 None nyaguhora ku ngoma, umenye yukw iki gisagara ni cubakwa, inzitiro zaco zikuzura, ntibazotanga ikori, cank’ ikibuguro, cank’ ingorore; nukw iherezo ryavyo abami bazokehanirwa.

14 None rero kuko dutunzwe n’agasōsa kava i bgami, tukoya kuzohava tubona umwami akēngērwa, ni co catumye tugutumako, tukabikumenyesha,

15 kugira ngo barondere mu gitabo kidonda ivyagenda biba ku ngoma za ba sogokuruza. Nuko uzobisanga mur’ ico gitabo, kand’ uzomenya yukw ico gisagara ar’igisagara cama kigarariza, kikazana ubuhombe ku bami no ku bihugu vyabo, kikāma gitera umugararizo uhereye no mu bihe vya kera; mbere ni vyo vyatumye ico gisagara nyene gisangangurwa.

16 None rero nyaguhora ku ngoma, turakubūriye yukw ico gisagara ni cubakwa, inzitiro zaco zikuzura, ata mugabane uzoba ukironka hakuno y’uruzi.


Umwami avuga ko baba bararetse kwubaka

17 Maz’ umwami arungikira inyishu uwo mujanama Rehumu na Shimushayi umukarani na bagenzi babo baba i Samariya no mu bindi bihugu vyo hakurya y’ uruzi, ati N’amahoro. None rero

18 ca cete mwaturungikira barakinsomeye, ndagitahura neza.

19 Nuko nshinga yuko babiserangura; maze basanga ico gisagara mu bihe vya kera caragarariza abami koko, ubugarariji n’ubugāba vyaraboneka muri co.

20 Kandi ngo Hābamw’ abami bakomeye cane bāganza i Yerusalemu n’ igihugu cose co hakurya y’uruzi, ngo bagatorezwa ikori n’ikibuguro n’ingorore.

21 Nuko rero ni mushinge icagezwe bareke kwubaka, ico gisagara coye kwubakwa, gushitsa aho jewe nyene nzoryīkūrira mu kanwa.

22 Kandi mwame mugavye ntimureburure mur’ ivyo, kugira ngw ikibi ntikigwire, abami bagakehanirwa.

23 Nukw ico cete c’umwami Aritazeruzi kimaze gusomerwa uwo mujanama Rehumu na Shimushayi umukarani na bagenzi babo, baca baja i Yerusalemu, ah’ Abayuda bari, bababuza kwubaka ku bubasha no ku kagōbēro.

24 Nukw igikorwa c’ingoro y’ Imana ir’i Yerusalemu barakireka, gushitsa mu mwaka ugira kabiri Dariyo umwami w’i Buperesi ari ku ngoma.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ