Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

Ezira 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Bubaka igicaniro c’Imana

1 Maz’ ukwezi kugira indwi kubonetse, kand’ Abisirayeli bamaze kwibera mu bisagara vyabo, abantu bakoranira i Yerusalemu icarimwe.

2 Maze Yosuwa mwene Yehozadaki ahagararana na bagenzi biwe b’abaherezi na Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na bagenzi biwe, bubaka igicaniro c’ Imana y’Abisirayeli co kwoserezakw ibimazi, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose umuntu w’Imana.

3 Ico gicaniro bacubaka aho cahora, kuko bari batewe ubgoba n’abantu bo mur’ ivyo bihugu; bacoserezak’ Uhoraho ibimazi vyo mu gitondo n’ivyo ku mugoroba.


Baziririza imisi mikuru y’insago

4 Bagira imisi mikuru y’insago, nk’uko vyanditswe, batanga ibimazi vyo kwoswa vyo ku musi n’ umusi, nk’ukw igitigiri cavyo kiri, uko vyari vyarashinzwe ngo babikurikiranye uko bukeye;

5 hanyuma bakomeza gutanga ibimazi vyo kwoswa vy’intasība, n’ivyo mu mboneko z’amezi, n’ivy’ imisi mikuru yose yerejwe Uhoraho, n’ ivyo umuntu wese yagomba gushikanira Uhoraho ishikanwa bivuye ku mutima ukunze.

6 Guhēra ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi ni ho batanguye kwosereza Uhoraho ibimazi, arikw itanguriro ry’urusengero rwiwe ntiryaribgashirweho.

7 Kandi bagerera abubatsi n’ababaji amahera, ab’i Sidoni n’ab’i Tiro babagerera ivyo kurya n’ibinyobga n’ amavuta, kugira ngo bazane ibiti vy’amasederi, babikūre i Lebanoni babizane ku kiyaga babishikane i Yopa, bakurikiye ibgirizwa ryashinzwe na Kuro Umwami w’i Buperesi.


Bubaka amatanguriro y’urusengero

8 Nuko mu mwaka ugira kabiri uhereye aho bashikiye ku kibanza c’ingoro y’Imana i Yerusalemu, mu kwezi kwa kabiri, ni ho Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa mwene Yehozadaki batanguriye gukora, bafatanije n’abandi bagenzi babo b’abaherezi n’ Abalewi, n’abavuye mu kinyago bose bakaza i Yerusalemu; bashirah’ Abalewi, uhereye ku bamaze imyaka mirongwibiri no kuja hejuru, kugira ngo bahagarikire igikorwa c’ingoro y’Uhoraho.

9 Maze Yosuwa arīnega hamwe n’abahungu biwe na bagenzi biwe, na Kadimiyeli n’abahungu biwe, ari bo bandurutse kuri Yuda, baja gukoresha abakozi bakora igikorwa c’ingoro y’Imana, bafatanije na bene Henadadi n’ abahungu babo n’Abalewi bagenzi babo.

10 Abubatsi bamaze kwubaka itanguriro ry’urusengero rw’Uhoraho, bashirah’ abaherezi, bambaye impuzu z’ubuherezi nyene, bafise inzumbete, n’Abalewi bo mu ba Asafu, bafise ivyo kuvuza vyitwa matowazi, ngo bahimbaze Uhoraho nk’uko vyagezwe na Dawidi umwami w’Abisirayeli.

11 Bakaririmba bahāniranwa, bahimbaza Uhoraho bamushima, bat’ Erega ni mwiza, kukw imbabazi agirira Abisirayeli zamah’ ibihe bidashira. Maz’ abantu bose bashira amajwi hejuru, barasemerera batazira Uhoraho, kukw itanguriro ry’ingoro y’Uhoraho rimaze gushirwaho.

12 Ariko benshi mu baherezi n’Abalewi n’abakuru b’ amazu ya ba sekuruza, mber’ abatāma bose bari barabonye ingoro ya mbere, babonye itanguriro ry’iya kabiri rishinzwe imbere yabo, bararira cane baraboroga; arikw abandi benshi bavuza urwamo rw’akanyamuneza;

13 kand’ abantu ntibashobora gutandukanya urwamo rw’umunezero n’ urwamo rw’amarira; kukw abantu bayogora n’amajwi arenga, urwamo rwabo rukagera kure.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ