Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

EZEKIYELI 9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ingen’ agatikizo kāteye i Yerusalemu, hakarokoka abashizwekw ikimenyetso

1 Maz’ asemererera mu matwi yanje n’ijwi rirenga, at’ Abafise ubushobozi ku gisagara ni mubīgize hafi, umuntu wese afise ikirwanishwa c’icicanyi mu kuboko kwiwe.

2 Nuko haza abantu batandatu baciye mu nzira yo mu kirimba co haruguru cārābana n’i burārūko, umuntu wese afise ikirwanishwa c’icicanyi mu kuboko kwiwe; kandi hagati muri bo har’ umuntu yambaye impuzu zera, afise agahembe karimwo wino yo kwandikisha, akambaye kw itako. Nuko baraza, bahagarara i ruhande y’igicaniro c’umuringa.

3 Kand’ ubgiza bg’Imana y’Abisirayeli bgari buvuye ku mukerubi aho bgahora, bushika mw itangaza ry’ irebe ry’ingoro: maz’ ihamagara uwo muntu yari yambaye impuzu zera, afise ka gahembe karimwo wino yo kwandikisha, akambaye kw itako.

4 Nuk’ Uhoraho aramubgira, ati Genda unyuragire hagati mu gisagara, muri Yerusalemu, ushire ikimenyetso mu ruhanga rw’abantu banihishwa n’ ibizira vyose bikorerwa hagati muri co, bikabariza.

5 Ba bandi ababgira numva, ati Ni mugende muce mu gisagara mumukurikiye, muririke: ijisho ryanyu ntirigire uwo riziguriza, ntihagire n’uwo mugirira akagongwe:

6 mwice mutikize umutāma n’umusore n’ umwigeme n’abana bato n’ abagore: ariko ntihagire umuntu n’umwe mwēgēra mu barikw ico kimenyetso; kandi muhēre ku rusengero rwanje rwera. Baca bahēra kuri ba bakuru bār’ imbere y’ingoro.

7 Kand’ arababgira, ati Ni muhumanye iyi ngoro, mwuzuze inyubakwa imivyimba: hogi ni mugende. Nuko baragenda, batikiza abo mu gisagara.

8 Maze bakiriko barabatikiza, nanje nsigaye jenyene, nikubita hasi nubamye, ndaboroga, nti Yō! nti Yewe Mwami Uhoraho! nti Mbeg’ ugira ugeseze amasigarira yose yar’ asigaye ku Bisirayeli, urekuriye uburake bgawe kuri Yerusalemu?

9 Maz’ arambarira, at’ Ibigabitanyo vy’inzu ya Isirayeli n’iya Yuda birarengeranye rwose, kand’ igihugu cuzuye ibitenga vy’amaraso, n’igisagara cuzuye kugoreka imanza: kuko bavuga, bat’ Uhoraho yāhevye igihugu, bati Kand’ Uhoraho nta co abona.

10 Ati Nanje rero, ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, nta n’akagongwe nzogira, arikw ingeso zabo nzozibasubiza ku mutwe.

11 Maze mbona wa muntu yambaye impuzu zera, afise ka gahembe karimwo wino akambaye kw itako, agarukanye inkuru, ati Nakoze ivyo wantumye.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ