EZEKIYELI 8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ezekiyeli yerekwa ibizira Abayuda bakorera i Yerusalemu 1 Nuko mu mwaka wa gatandatu, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, nari nicaye mu nzu yanje, n’ abakuru b’i Buyuda bicaye imbere yanje: maz’ ukuboko kw’Umwami Uhoraho kunsūmirira hano nyene. 2 Ngize ntya, mbona nk’ūfise ishusho isa n’umuriro; kand’ uhereye ahobaye mu rukenyerero rwiwe ugasubiza ahahera hepfo, yar’ umuriro: uhereye ahobaye mu rukenyerero rwiwe ugasubiza ahahera haruguru, hāsa n’ibica ibibatsi, biboneka nk’umuringa w’ umujumbu. 3 Maz’ aramvura igisa n’ukuboko, afata umushatsi wo ku mutwe wanje; maze Mpwemu aranterura, ancisha hagati y’ ijuru n’isi mur’ ukwo kwerekwa n’Imana, mbona anjana i Yerusalemu, anshikana ku rugi rw’ikirimba c’inyubakwa kirābana n’i burārūko, ahār’ intebe y’igishushanyo c’ikēba, gikēba Imana. 4 Kandi rāba, ubgiza bg’Imana y’Abisirayeli ni ho bgāri buri, nk’uko nari narabgerekewe mu kiyaya. 5 Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, enda ni wunamure amaso yawe urābe ahahera i burārūko. Nuko nunamura amaso, ndāba ahahera i burārūko, mbona ca gishushanyo c’ikēba kiri mw irasukiro ry’ikirimba c’igicaniro, ku ruhande rw’i burārūko rwaco. 6 Maz’ arambaza, ati Mwana w’ umuntu, mbeg’ ubonye ivyo bakora? Ubonye n’ibizira bikomeye, ivyo ab’ inzu ya Isirayeli bakorera hano vyanteye kwīgira kure y’ ahēra hanje? Arik’ uhava wongera kubona ibindi bizira bikomeye. 7 Nukw anshikana ku rugi rw’ inyubakwa; maze nitegereje, mbona umwenge ku nzu. 8 Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, imba aho nyene ku nzu. Nuko mmaze kwimba, mbona urugi. 9 Nukw arambarira, at’ Injira, urābe ibizira bibi bakorera hano hantu. 10 Nuko ndinjira nditegereza; mbona amoko yose y’ibikwega inda hasi, n’ay’ ibikōko bizira, n’ibigirwamana vyose vy’ab’ inzu ya Isirayeli, bishushanijwe ku nzu impande zose. 11 Kand’ imbere yavyo hāri hahagaze abantu mirongwirindwi bo mu bakuru b’ inzu ya Isirayeli; no hagati yabo hāri hahagaze Yazaniya mwene Shafani; kand’ umuntu wese yar’ afise icotero ciwe mu minwe, hagapfunduka imyotsi itāmirana y’ imibavu. 12 Maz’ arambaza, ati Mwana w’umuntu, mbeg’ ubonye ivyo abakuru b’inzu ya Isirayeli bakorera mu mwiza, umuntu wese mu gafuruka kiwe k’ibishushanyo? Kuko bavuga ng’ Uhoraho ntatubona; kandi ng’ Uhoraho yahevye igihugu. 13 Arongera arambgira, at’ Uhava wongera kubona ibindi bizira bikomeye bakora. 14 Maz’ anshikana ku rugi rw’ ikirimba co ku ngoro y’Uhoraho carābana n’i burārūko; maze mbona abagore bicaye baborogera ikigirwamana Tamuzi. 15 Maz’ arambaza, ati Mbeg’ ivyo urabibonye, ga mwana w’umuntu? Uhava wongera kubona ibizira bikomeye biruta ivyo. 16 Nukw anshikana mu nyubakwa y’imbere yo ku ngoro y’ Uhoraho; maze mbona ku rugi rw’urusengero rw’Uhoraho, hagati y’umuryango n’igicaniro, abantu bashika nko kuri mirongwibiri na batanu, bateye ibitugu urusengero rw’Uhoraho, berekeje amaso i burasirazuba, kandi bāriko barasenga izuba, batumbereye iyo rirasira. 17 Maz’ arambaza, ati Mbeg’ ivyo urabibonye ga mwana w’umuntu? Mbeg’ ab’ inzu ya Yuda kibabereye ikibangutse gukora ivyo bizira bakorera hano hantu? Kukw igihugu bacujuje umuryano, bakongeranya kwihindagura ngo bandatse: mbere bagashira udushami ku mazuru yabo. 18 Ni co gituma nanje nzobakorera ivy’ uburake; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: naho bazontakambira mu matwi, bashize amajwi hejuru, sinzobumviriza. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi