Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

EZEKIYELI 5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Uk’ umushatsi wabaye ikimenyetso c’ivyago vyagira bitere i Yerusalemu

1 Nuko mwana w’umuntu, wiyabīrire inkota y’ubuhwe, uyābīre bga rupfuhe, uyicīshe ku mutwe wawe no ku bganwa bgawe: uheze wiyabīrire umunzane wo kugeresha, ugabanye iyo mishatsi wimoye.

2 Ikigira gatatu cayo uz’ ugituririre hagati mu gisagara, igihe imisi yo gutabga hagati kwaho izoba ihereye; ikindi kigira gatatu cayo ugicagagurize inkota hirya no hino yaho; kand’ ikindi kigira gatatu cayo ukirekurire mu muyaga ng’ugishwiragize, nanje nzosokora inkota icirukane.

3 Kand’ iyo mishatsi uz’ uyigabanyeko mukeya, uwutekere mu mutwe w’impuzu yawe.

4 Kandi kur’ uwo nyene uwukūrekw akandi gakeya, ugaterere mu muriro, ugaturire; aho ni ho hazova umuriro uzoshika ku nzu yose ya Isirayeli.

5 Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ehe ngaha i Yerusalemu, aho natabitse hagati y’amahanga n’ibihugu bihakikije!

6 Ariko hāgararije amabgirizwa yanje, hakora ibibi kurusha abanyamahanga; hāgararije ivyagezwe vyanje kurusha ibihugu bihakikije; bāshibuye amabgirizwa yanje, n’ ivyagezwe vyanje ntibābigenderamwo.

7 Nuko rero, uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Kuko mur’ abanyamivurungano kurusha amahanga abakikije, kandi mukaba mutāgendeye mu vyagezwe vyanje, ntimwitondere n’amabgirizwa yanje, canke ngo mukore n’ivyo amabgirizwa y’amahanga abakikije yashinze:

8 nuko rero, uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Rāba jewe ubganje nyene nzohigūra nawe: kandi nzocira amateka hagati muri wewe, amahanga abirorēra.

9 Kandi nzokorera muri wewe ico ntigeze gukora, mbere ntazokwongera gukora ukundi, nguhōye ibizira vyawe vyose.

10 Ni co gituma ba se b’abana bazobarīra hagati muri wewe, n’ abana bazorya ba se; kandi nzocira amateka muri wewe, n’amasigarira yawe yose nzoyashwiragiriza mu birēre vyose.

11 Ni co gituma ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, kuko wahumanishije ahēra hanje ibintu vyawe vyankwa urunuka, n’ibizira vyawe vyose, ni co gituma nanje ntazobura kugutūvya; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira.

12 Ikigira gatatu cawe kizokwicwa n’ikīza, na kigoyi kizobamarira hagati muri wewe; ikindi kigira gatatu kizoririkirwa n’inkota impande zawe zose; n’ikindi kigira gatatu nzogishwiragiriza mu birēre vyose, kandi nzosokōra inkota ibirukane.

13 Uko ni ko nzoba nimaze ishavu, n’ubushangashirwe nabagiriye nzoba ndabutuye, kandi nzoba nshizwe: nuko bazomenya yuko jewe, Uhoraho, nabivuganye agatsi, ni naheza kwimara uburake mbafitiye.

14 Kand’ ikindi nzoguhindura umusaka n’igitutsi mu mahanga agukikije, no mu maso y’abahita bose.

15 Maz’ uzoba igitutsi n’agatwengo n’akabarore n’akajoreza mu mahanga agukikije, ni nagucirakw iteka mfise uburake n’ubushangashirwe, nguhambariranye ishavu: ni jewe Uhoraho mbivuze;

16 kandi nkabarasa imyampi mibi ya kigoyi yo kubageseza, iyo nzorungika kubatikiza; kandi nzobagwizamw’ amapfa, mvune inkoni yanyu mwishimikije, ni wo mutsima;

17 kandi nzobatēza kigoyi n’ibikōko vy’inkazi, bikugire nyakamara; ikīza n’ibitenga vy’amaraso bizoca muri wewe, kandi nzogutērēra inkota: ni jewe Uhoraho mbivuze.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ