EZEKIYELI 4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Imana igira Ezekiyeli akarorero ko kuneshwa kw’i Yerusalemu 1 Nuko nawe, mwana w’umuntu, wiyabīrire itafari, urirambike imbere yawe, urishushanyekw igisagara, ari co Yerusalemu: 2 maz’ ukiziguze, wubake ibihome vyo kuhatera, ukirundire ibigunguzi vyo kwūririrako, ugisagazeko n’ insago, ugikikizeko hirya no hino ibiti vy’imigogo vyo kugihomvora. 3 Kandi wiyabīrire umubehe w’ icuma, uwukike ng’ukubere uruzitiro rw’icuma hagati yawe n’ igisagara: ugishinge ijisho ngo kiziguzwe, wewe ubgawe ukiziguze. Ivyo bizoba ikimenyamenya c’inzu ya Isirayeli. 4 Utek’ uryamire urubavu rwawe rw’i bumoso, ururemeke ibigabitanyo vy’inzu ya Isirayeli: ukw igitigiri c’imisi uzoruryamira kingana, ni k’uzokwishirakw ibigabitanyo vyabo. 5 Kuk’ ukw imyaka yo guhanirwa ibigabitanyo vyabo ingana, nguciriye igitigiri c’ imisi kingana na yo, n’imisi amajana atatu na mirongwicenda: uko ni k’uzokwishirakw ibigabitanyo vy’inzu ya Isirayeli. 6 Maz’ urangije ivyo, uz’ uheze uryamire urubavu rw’i buryo, wishirekw ibigabitanyo vy’inzu ya Yuda: nguciriye imisi mirongwine, umusi‐umusi uhwana n’umwaka. 7 Kand’ uz’ ushinge ijisho kuri Yerusalemu hajigujwe, ukumye impuzu ku kuboko kwawe; uhabūrire ibizoba. 8 Kandi rāba, ngushize mu ngoyi, nta ho uzohindukirira urundi rubavu, gushitsa ah’ imisi yo kuhaziguza kwawe izoba irangiye. 9 Kandi wironderere ingano na sayiri n’ibiharage n’inkōre n’amasaka n’uburo, maz’ ubishire mu nkono imwe, ubicemw’ uturobe tw’udutsima; nk’ukw igitigiri c’imisi kiri uzoryamira urubavu, ukw ar’ amajana atatu na mirongwicenda, ivyo ni vyo bizogutunga. 10 Kand’ ivyo kurya vyawe uze wame ubirya ku rugero, ari rwo shekeli mirongwibiri mu musi mu musi: uzokwama urya rimwe ku musi. 11 Kandi n’ amazi uzokwama uyanywa ku rugero, ari rwo gihimba ca gatandatu c’ingero yitwa hini: na yo uzokwama uyanywa rimwe ku musi. 12 Uzokwama ubirya nk’ udutsima twa sayiri, kand’ uzokwama uducaniriza amavyi y’ abantu imbere yabo. 13 Kand’ Uhoraho aravuga, at’ Uko ni kw Abisirayeli bazorīra ivyo kurya vyabo vyandavuye mu mahanga nzobashwiragirizamwo. 14 Maze ndavuga, nti Yo! Ewe Mwami Uhoraho! Erega kuva aho nakabereye nta ho nigeze mpumana: kuk’ uhereye mu buto bganje ugashitsa n’ubu ata ho nigeze kurya icipfiriye, cank’ icātabaguwe n’ igikōko; kandi nta ho inyama zihumanye zigeze kuja mu kanwa kanje. 15 Maz’ arambarira, ati Rāba, nguhaye ibisheshe vy’amase y’inka mu gishingo c’amavyi y’ abantu: ivyo ni vyo uzocaniriza ukora utwo dutsima twawe. 16 Arongera arambarira, ati Mwana w’umuntu, ehe ngira mvune inkoni ab’ i Yerusalemu bishimikije, ari wo mutsima; kandi bazosigara barya umutsima ku rugero, bahagaritse umutima; n’amazi bazoyanywa ku rugero bihebuye: 17 uko ni ko bazokena ivyo kurya n’amazi, bazazanirwe iyo bava bakagera, bashire umunywera kubg’ ibigabitanyo vyabo. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi