Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

EZEKIYELI 34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Imbūri yo ku bungere baragira Abisirayeli nabi

1 Ijambo ry’Uhoraho ryanjeko,

2 riti Mwana w’umuntu, būrira abungere baragira Abisirayeli, ubabūrire, ubgire abo bungere, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Bazobona ibara, abungere b’Abisirayeli bīragira ubgabo! Mbeg’ abungere ntibāri bakwiye kuragira intama?

3 Ut’ Ariko mweho muzirya ibinure, mukambara ubgoya bgazo, mukabāga izinuze; ariko ntimuragira intama.

4 Īdakomeye ntimwayisindagije, n’īrwaye ntimwayivūye, n’īvunitse ntimwayunze, n’iyirukanywe ntimwayigarukanye, canke ngo murondere iyazimiye; ariko mwazitwaje igitugu n’amanyama.

5 Nuko zirasābagira kukw ata mwungere; zihinduka ivyo kurya vy’ibikōko vyose vyo mw ishamba, zirasābagira.

6 Intama zanje zayerereye ku misozi yose, no ku gasozi kose karekare; mber’ intama zanje zāsābagiriye mw isi yose; kandi nta warushe azirondera canke ngw azibariritse.

7 Nuko rero, ni mwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe mwa bungere:

8 ngo Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, n’ ukuri intama zanje ko zahindutse inyagano, zikaba ivyo kurya vy’ ibikōko vyose vyo mw ishamba, kubgo kutagira umwungere, kand’ abungere banje ntibarondere intama zanje, ariko bakīragira ubgabo, ntibaragire intama zanje;

9 nuko rero, ni mwumve ijambo ry’ Uhoraho, yemwe mwa bungere:

10 Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba abo bungere tuzohigūra twe na bo; kand’ intama zanje nzozibaronderako, ndababuze gusubira kuziragira; kand’ abo bungere ntibazoba baciragira ukundi; nzokiza intama zanje amenyo yabo, zoye kuba inyama zabo.

11 Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba jewe, jewe ubganje, ndīgīriye kurondera intama zanje, ndazibariritse.

12 Nk’ uk’ umwungere abariritsa umukuku wiwe mu gihe ari mu ntama ziwe zāsābagiriye kure, ni ko nanje nzobariritsa intama zanje; nzozikiza ndazikūre ahantu hose zāsābagiriye ku musi wo gufurangana w’ubgirakabiri.

13 Kandi nzozizana ndazikūye mu mahanga, ndazikoranirize hamwe ndazikūye mu bihugu, nzozizana ndazishikane mu gihugu cazo bgite; nzoziragira ku misozi y’i Bgisirayeli, i ruhande y’imigende y’amazi, n’ ahantu hose har’ abantu mu gihugu.

14 Nzoziragira mu canya ciza, kandi mu mpinga z’imisozi miremire y’i Bgisirayeli ni ho zizogira umugutu; aho ni ho zizovyagira, ziri mu mugutu mwiza, zirishe mu canya c’ubgatsi buremvye ku misozi y’i Bgisirayeli.

15 Ni jewe ubganje nzokwiragirira intama zanje, ndazivyagize, ni k’ Umwami Uhoraho agize.

16 Nzorondera iyazimiye, ngarukane iyahuvye, nunge īvunitse, nsindagize īrwaye, izivyibushe n’izikomeye ndazibogeke; zose nzoziragira mu buryo buroranye.

17 Kandi nawe, mukuku wanje, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba, ngira nce urubanza hagati y’ibitungwa n’ibindi, hagati y’impfizi z’intama n’iz’ impene.

18 Mbega muvyita icoroshe, iyo murishije umugutu mwiza, uwo mwāri mushigaje mukawutakangisha inzāra? Cank’ iyo mushōtse amazi y’umusarara, ayo mwāri mushigaje mukayaca iyondoyondo?

19 Maz’ intama zanje zo, zisigaye zirya ivy’ inzāra zanyu zātakanze, zigashōka ay’ inzāra zanyu zāciye iyondoyondo.

20 Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho azibariye, at’ Ehe jewe, jewe nyene, ngira nce urubanza hagati y’ibitungwa bivyibushe n’ ibindi binanutse.

21 Ko muzisitisha imbavu n’ibitugu, izirwaye zose mukazisunikisha amahembe yanyu, gushitsa muzisanzarije kure;

22 ni co gituma ngira nkize umukuku wanje ngo ntube ukiba inyagano ukundi; kandi nce urubanza hagati y’ibitungwa n’ibindi.

23 Nzoziha umwungere umwe, na we azoziragira, ni we musavyi wanje Dawidi; azoziragira, abe umwungere wazo.

24 Nanje Uhoraho, nzoba Imana yazo, n’ umusavyi wanje Dawidi azoba segaba muri zo; ni jewe Uhoraho mbivuze.

25 Kandi nzosezerana na zo isezerano ry’amahoro, kandi nzoherengeteza ibikōko vy’inkazi mu gihugu: maze zizokwibera amahoro mu gahinga, zīryamire mu mashamba.

26 Nzoziha umugisha hamwe n’uturambi duherereye ku musozi wanje; kandi nzorekura imvura mu gihe cayo; hazogwa imvura ihesha umugisha.

27 Maz’ igiti co mw ishamba kizokwama, isi yimbuke ivyimburo vyayo; na zo zizokwibera amahoro mu gihugu cazo; kandi zizomenya yuko jewe nd’Uhoraho, igihe nzoba mmaze kuvuna ibiti vy’ingōgo zambitswe, no kuzirokora mu maboko y’abāzihinduye abaja.

28 Ntizizokwongera kuba inyagano z’abanyamahanga ukundi, cank’ ibikōko vyo kw isi ngo bizirotse; ariko zizokwibera amahoro, ata kiziteye ubgoba.

29 Nzozimereza umuyigwe w’agahagarika, kandi ntizizosubira kumarwa n’inzara mu gihugu, canke gutēterezwa n’abanyamahanga ukundi.

30 Maze zizomenya yuko jewe Uhoraho Imana yazo ndi kumwe na zo, kandi yukw ar’ abantu banje, ari bo ab’ inzu ya Isirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.

31 Kandi namwe ntama zanje, mwa ntama z’icibare canje, mur’ abantu, nanje nd’ Imana yanyu, ni k’ Umwami Uhoraho agize.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ