EZEKIYELI 32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Kuborogera Farawo na Egiputa 1 Maze mu mwaka w’icumi na kabiri, mu kwezi kw’ icumi na kabiri, ku musi wa mbere w’ukwo kwezi, ijambo ry’Uhoraho ryanjeko, 2 riti Mwana w’umuntu, cura intimba uririre Farawo umwami wa Egiputa, umubgire, uti War’ ūhwanye n’umugunza w’ intambge yo mu mahanga; yamar’ umeze nk’ingona iri mu kiyaga; widimbagura mu nzūzi zawe, amazi uyatobesha ibirenge, uca iyondoyondo inzūzi zabo. 3 Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzoguhwikiza urusenga rwanje, ndi kumwe n’igitero c’abanyamahanga benshi; kandi bazogukwegesha urusenga rwanje. 4 Kandi nzogusiga ngaho i musozi, ngushiburire mu gahinga ka sabaderi, kandi nzotuma ibiguruka vyose vyo mu kirēre biguhundarako, n’ ibikōko vyo kw isi yose nzobihāza inyama zawe. 5 Mbere nzokwiragiza inyama zawe ku misozi, n’ imyonga ndayuzuze ubutumbazi bgawe. 6 Kand’ igihugu ugenda wogamwo nzogitotesha amaraso yawe gushitsa no ku misozi miremire; n’ibihoro vy’imigezi bizokwuzura wewe. 7 Igihe nzokudorongeza, nzotwikira ijuru, n’ inyenyeri ntume zicura umwiza; izuba nzoritwikiriza igicu, kand’ ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo. 8 Imuri zose zaka kw ijuru nzotuma zicura umwiza hejuru yawe, igihugu cawe ncubikizek’ umwiza, ni k’Umwami Uhoraho agize. 9 Nzotuma imitima y’amahanga menshi ihagarara igihe nzokwiza ivy’ ukugesera kwawe mu mahanga, gushitsa no mu bihugu utigeze kumenya. 10 Mbere nzotuma amoko menshi agutangarira, kand’ abami babo bazofatwa n’ubgoba bginshi kubgawe, igihe nzorabagiriza inkota yanje imbere yabo; bazohinda agashitsi urudaca, umuntu wese aririre amagara yiwe, ku musi wo kugesezwa kwawe. 11 Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, at’ Inkota y’umwami w’i Babuloni izogushikako. 12 Nzotuma ishengero ryawe riririkwa n’inkota z’ abahizi; abo bose ni bo b’agaterabgoba bo mu mahanga. Ubgibone bga Egiputa bazobuhindura ubusa, n’ishengero ryaho ryose rizohona. 13 Kandi nzohonnya ibitungwa vyaho vyose bir’ i ruhande y’amazi menshi; kandi nta kirenge c’umuntu kizokwongera kuyatoba, n’inzāra z’ibitungwa ntizizoba zikiyatoba. 14 Ni ho nzotuma amazi yaho atonganuka, ntume n’inzūzi zaho zitemba nk’ amavuta ya elayo, ni k’Umwami Uhoraho agize. 15 Igihe nzohindura igihugu ca Egiputa amatongo n’imisaka, igihugu kitakirimw’ ivyahora bicuzuye, nishe abākibamwo bose, ni ho bazomenya yuko nd’ Uhoraho. 16 Ako ni ko gacurantimba bazocura; abakobga b’amahanga bazocura intimba bartyo: ni ko bazocurira intimba Egiputa n’ishengero ryaho ryose, ni k’Umwami Uhoraho agize. 17 Maze mur’ uwo mwaka w’ icumi na kabiri nyene, ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwezi, ijambo ry’Uhoraho rinzako, 18 riti Mwana w’umuntu, borogera ishengero ryo muri Egiputa, urikororane n’abakobga b’amahanga ya rurangiranwa, gushitsa i bgina i kuzimu, hamwe n’abamanuka baja muri rwa rwobo. 19 Uti Ni nde urusha ubgiza? Manuka uryamikwe mu batākebge. 20 Bazohindikirana hagati y’abicishijwe inkota: Egiputa hāgaburiwe inkota: ni muhakwegane n’ishengero ryaho ryose. 21 Abanyenkomezi bo mu bahizi bazovugana na bo bar’ epfo iyo i kuzimu, hamwe n’ abāhatabara; bat’ Abatākebge bāramanutse, barambaraye badakoma, bicishijwe inkota. 22 Uwa Ashuri ni yo ari, bo n’ ingabo ziwe zose; imva z’abiwe ziramukikije; bose n’abishwe, bahindikiranijwe n’inkota. 23 Imva zabo ziri mu bgigobeko bga rwa rwobo, kand’ ingabo ziwe zikikije imva yiwe: bose n’abishwe, bahindikiranijwe n’inkota, kand’ ari bo bār’ agaterabgoba mw isi y’ abariho. 24 Uwa Elamu ni yo ari, bo n’ ishengero ryiwe ryose rikikije imva yiwe: bose n’abishwe, bahindikiranijwe n’inkota, bamanutse batākebge baja i bgina i kuzimu, kand’ ari bo bār’ agaterabgoba mw isi y’abariho, bajanye ibitētērwa vyabo hamwe n’abamanuka baja muri rwa rwobo. 25 Bāmwubakiye uburiri hagati y’abishwe ari kumwe n’ishengero ryiwe ryose; imva z’abiwe ziramukikije; abo bose n’abatākebge, bahindikiranijwe n’inkota; kuko bār’ agaterabgoba mw isi y’abariho, kandi bājanye ibitētērwa vyabo hamwe n’abamanuka baja muri rwa rwobo: yashizwe hagati y’abishwe. 26 Uw’ i Mesheki n’uw’ i Tubali ni yo bari, bo n’ishengero ryabo ryose; imva z’ababo zirabakikije; bose n’abatākebge, bahindikiranijwe n’inkota, kuko bār’ agaterabgoba mw isi y’abariho. 27 Kandi ntibaryamye hamwe n’abahizi bāhindikiranye bo mu batākebge, bāmanukanye i kuzimu n’ibirwanishwa vyabo vy’intambara, bīseguye inkota zabo, ibigabitanyo vyabo biri ku magufa yabo; kuko bār’ agaterabgoba ku bahizi mw isi y’abariho. 28 Nawe nyene uzovunagurirwa hagati y’abatākebge, uryame hamwe n’abahindikiranijwe n’inkota. 29 Uwa Edomu ni yo ari, n’abami baho n’abaganwa baho bose, bārambitswe hamwe n’abahindikiranijwe n’inkota naho bār’ abahizi; bāryamye hamwe n’abatākebge, bo n’abamanuka baja muri rwa rwobo. 30 Abaganwa b’i burārūko ni yo bari bose, n’ab’i Sidoni bose, bāmanukanye n’abishwe; bāratēterewe, naho bār’ agaterabgoba kubg’ ubuhizi bgabo; barambaraye batākebge hamwe n’ abahindikiranijwe n’inkota, bajanye ibitētērwa vyabo hamwe n’ abamanuka baja muri rwa rwobo. 31 Farawo azobibona, ashire umubabaro w’ishengero ryiwe ryose: Farawo ubgiwe nyene n’ ingabo ziwe zose, bāhindikiranijwe n’inkota, ni k’Umwami Uhoraho agize. 32 Kuko nashize ivy’ agaterabgoba kiwe mw isi y’abariho; na we azorambikwa hagati y’abatākebge, hamwe n’abahindikiranijwe n’inkota, Farawo ubgiwe n’ ishengero ryiwe ryose, ni k’Umwami Uhoraho agize. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi