EZEKIYELI 30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Izindi mbūri zo kuri Egiputa 1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako, 2 riti Mwana w’umuntu, vuga ubūre, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ni muboroge, muti Yō! Ewe wa musi wo kuzobona ibara! 3 Koko uwo musi uri hafi, mber’ umusi w’Uhoraho uri hafi, n’umusi wo gufurangana; igihe c’abanyamahanga kizoba kigeze. 4 Inkota izorekurirwa kuri Egiputa, ubusinzikare buzoba muri Etiyopiya, igihe abariritswe bazohindikirana muri Egiputa; bazokūrah’ abantu baho b’isinzi, kand’ amatanguriro yaho azohomvagurwa. 5 Etiyopiya n’i Puti n’i Ludi, n’amahanga yose y’ikivange, n’i Kubi, n’abo mu gihugu gifatanije na bo, bazogwa hamwe bariritswe n’inkota. 6 Uku ni k’Uhoraho agize, at’ Abahagarikiye Egiputa na bo bazogwa, kand’ ubgibone buterwa n’ ububasha bgaho buzocishwa bugufi; bazogwa bariritswe n’inkota, uhereye i Migidoli ugashitsa i Sevene, ni k’Umwami Uhoraho agize. 7 Bazosigara mu matongo hagati y’ibindi bihugu vyacitse amatongo, n’ibisagara vyaho bizoharūrwa hagati y’ibindi bisagara vyacitse imisaka. 8 Maze bazomenya yuko nd’Uhoraho, igihe nzoba mmaze kwanda umuriro Egiputa, abatabazi babo bahonnye. 9 Kur’ uwo musi intumwa zizova imbere yanje zigende mu māto, ngo zibe agacavutu ku Banyetiyopiya bībera ngaho ata co binona: hazoba kwembemba muri bo, nk’ ukwabaye ku musi wo muri Egiputa; kand’ ehe biraje. 10 Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ikindi, nzoherengeteza isinzi ry’abantu bo muri Egiputa, mbikoresheje ukuboko kwa Nebukadineza, umwami w’i Babuloni. 11 We n’abantu biwe b’agaterabgoba bo mu mahanga, bazozanwa no kugeseza igihugu; bazosokōrera inkota zabo Egiputa, buzuze igihugu imivyimba. 12 Inzūzi nzozikamya, igihugu nkigabure mu maboko y’abantu b’abanyakibi; kand’ igihugu n’ibirimwo vyose nzogihindura amatongo nkoresheje amaboko y’abantu b’akavantara: ni jewe, Uhoraho, mbivuze. 13 Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati N’ibigirwamana na vyo nzobihonnya, kandi nzoherengeteza ibishushanyo muri Nofu; nta muganwa azosubira kuboneka mu gihugu ca Egiputa; kandi nzoshira ibiteye ubgoba mu gihugu ca Egiputa. 14 I Patirosi nzohahindura amatongo, nande umuriro i Sowani, kandi nzoshitsa amateka nciriye ku hitwa No. 15 Nzorekurira uburake bganje kuri Sini, ari co gihome ca Egiputa; kand’ abantu b’isinzi bo muri No nzobarandura. 16 Na Egiputa nzohanda umuriro; muri Sini hazoba kwembemba kwinshi, no muri No hazosangangurwa; kand’ i Nofu hazotsindwa n’abansi ku murango w’amaminangohe. 17 Imisore yo muri Aveni n’iy’ i Pibeseti izoririkwa n’inkota: kand’ abo mur’ ivyo bisagara bazojanwa ar’ inyagano. 18 I Tahapanesi hazoba ubgirakabiri, igihe nzohavunagurira ingōgo Egiputa hahatwarisha igitugu, n’ubgibone buterwa n’ ububasha bgaho buzoshirira aho nyene; igicu kizohubikiza, kand’ abakobga baho bazojanwa ar’ inyagano. 19 Uko ni ko nzoshitsa amateka nciriye Egiputa; maze bazomenya yuko nd’ Uhoraho. Ingen’ Imana yaciye inkokora Farawo 20 Nuko mu mwaka w’icumi na rimwe, mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira indwi w’ukwo kwezi, ijambo ry’Uhoraho ryanjeko, 21 riti Mwana w’umuntu, navunnye ukuboko kwa Farawo, umwami wa Egiputa; ntikwarushe gutubikwa canke ngo gusomōzwe imiti, ntikwanashizwekw igitambara co kugutubika ngo gukire, kubone kuzofata inkota. 22 Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ehe nzohigūra na Farawo umwami wa Egiputa, kandi nzomuvuna amaboko yompi, ukugikomeye bo n’ukwari kwavunitse; kandi nzotuma inkota yari mu kuboko kwiwe imwiyaka ikoroke. 23 Abanyegiputa nzobasābagiriza mu mahanga, mbashwiragirize mu bihugu. 24 Maz’ amaboko y’ umwami w’i Babuloni nzoyakomeza, inkota yanje ndayishire mu kuboko kwiwe; arikw amaboko ya Farawo nzoyavuna, kand’ azonihira imbere yiwe umuniho nk’uw’ ūkomeretse uruguma rw’intakira. 25 Nuko nzokomeza amaboko y’ umwami w’i Babuloni, arikw aya Farawo azodendebuka; maze bazomenya yuko nd’ Uhoraho, igihe nzoshira inkota yanje mu kuboko kw’umwami w’i Babuloni, na we akayibāngurira ku gihugu ca Egiputa. 26 Kand’ Abanyegiputa nzobasābagiriza mu mahanga, mbashwiragirize mu bihugu; maze bazomenya yuko nd’ Uhoraho. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi