EZEKIYELI 3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Imana ibarira Ezekiyeli kubūrira abantu 1 Nukw arambarira, ati Mwana w’umuntu, ico ubonye ukirye; urye uwo muzingo, uheze ugende, ubarire inzu ya Isirayeli. 2 Nuko nasamika akanwa, angaburira uwo muzingo. 3 Arambarira, ati Mwana w’umuntu, hāza inda yawe, n’amara yawe uyuzuze uyu muzingo nguhaye. Nuko ndawurya; mu kanwa unsosera nk’ubūki. 4 Maz’ arambgira, ati Genda, ushikīre ab’ inzu ya Isirayeli, ubabarire amajambo yanje. 5 Kuko ntagutumye kw ihanga ry’abavuga imvugo itumvikana n’ururimi rugoye, ariko ni ku b’inzu ya Isirayeli; 6 si ku mahanga menshi avuga imvugo zitumvikana n’indimi zigoye, abo mudashobora kwumvikana mu majambo. N’ukuri, iyaba ari bo ngutumyeko, bo bokwumviye. 7 Arikw inzu ya Isirayeli ntizokwumvira, kuko nanje banse kunyumvira: kukw ab’ inzu ya Isirayeli bose mu ruhanga rwabo ar’abanyakadāda, bikomantaje imitima. 8 Ehe mpinduye mu maso hawe ngo hakomere hahangare mu maso habo, n’uruhanga rwawe ngo rukomere ruhangare impanga zabo. 9 Uruhanga rwawe ndaruhaye gukomera nk’intosho rurushe isare: ntuz’ ubatinye canke ng’ urandurwe umutima n’igitsure cabo, nah’ ar’ inzu y’abagarariji. 10 Maz’ arongera arambarira, ati Mwana w’umuntu, amajambo yanje yose nzogenda nkubarira uz’ uyākīre mu mutima wawe, uyumvishe n’amatwi yawe. 11 Uheze ugende, ushikīre abo mu bgoko bganyu b’abanyagano, uvugane na bo ubabgire, bovyumva, batovyumva, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize. 12 Maze Mpwemu aranterura, numva inyuma yanje ijwi rihinda cane, rivuga, ng’ Ubgiza bg’ Uhoraho bushemagirizwe ahantu hiwe. 13 Kandi numva uguhinda kw’amababa ya vya binyabugingo yagenda arakomanako, n’uguhinda kwa ya makurudumu yar’ i ruhande yavyo, mbere kwar’ uguhinda kw’ugusūma gukomeye. 14 Nuko Mpwemu aranterura, aranjana; ngenda nshavuye, nitonganya; arik’ ukuboko kw’Uhoraho kwari kunshikamiye. 15 Maze nshikīra ba banyagano i Telabibu, bāba ku ruzi Kebari, nshika aho hantu bāba; mpamara imisi ndwi numiwe nicaye hagati yabo. Ingen’ umuntu w’Imana akwiye kubūrira abari mu vyaha 16 Nukw iyo misi ndwi ishize, ijambo ry’Uhoraho rinzako, 17 riti Mwana w’umuntu, nkugize umushibamyi w’inzu ya Isirayeli; nuko wumve ijambo riva mu kanwa kanje, ubammenyeshereze ivyo mbabūrira. 18 Ni nabgira umunyakibi, nti Ntuzobura gupfa: nawe ugaheza ntumubūrire, canke ng’ ugire ico uvuga co kubūrira umunyakibi ngw ave mu nzira yiwe mbi, ng’ ukize ubugingo bgiwe, uwo munyakibi azopfira mu bigabitanyo vyiwe; arikw amaraso yiwe nzoyakuronderako. 19 Ariko ni wabūrira umunyakibi, ntahindukire ngw areke ibibi vyiwe, canke ngw ave mu nzira yiwe mbi, azopfira mu bigabitanyo vyiwe; ariko weho uzoba urokoye ubugingo bgawe. 20 Ikindi, umugororotsi ni yahindukira akareka ubugororotsi bgiwe, agakora ivy’ ukugabitanya, nanje ngashira igitsitaza imbere yiwe, azopfa: kuk’ utāmubūriye, azopfira mu caha ciwe; kand’ ibikorwa vyiwe bigororotse yakoze ntazobiharūrwako, arikw amaraso yiwe nzoyakuronderako. 21 Yamara ni wabūrira umugororotsi, uwo mugororotsi ngo yoye gukora icaha, na we ntagikore nyene, ntazobura kubaho, kuko yemeye kubūrirwa; kandi nawe uzoba urokoye ubugingo bgawe. Ezekiyeli agobga ururimi ngw abe ikimenyetso 22 Aho hantu nyene ni ho ukuboko kw’Uhoraho kwanziyeko; arambarira, ati Va hasi, uje mu kiyaya, iyo ni ho nja kubonanira nawe. 23 Nca mva hasi nja mu kiyaya; mbona ubgiza bg’Uhoraho buhahagaraye, bumeze nk’ubgiza naboneye ku ruzi Kebari: maze nikubita hasi nubamye. 24 Nuko Mpwemu anyinjiramwo, ampagarika n’ibirenge vyanje; avugana nanje, arambarira, ati Genda wiyugaranire mu nzu yawe. 25 Ariko rero, mwana w’umuntu, bazoguta mu migozi, bayikuboheshe, nawe ntuzobona uk’ usohoka ng’ uje muri bo. 26 Nzotuma ururimi rwawe rufatana n’uruhekenyero, ugobge ururimi, woye kubabera imbūri; kukw ar’inzu y’ abagarariji. 27 Arikw igihe nzovugana nawe, nzogobotora akanwa kawe, nawe uz’ uheze ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ng’ Ūgomba kwumva ni yumve, ūtabigomba n’areke: kukw ar’ inzu y’abagarariji. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi