EZEKIYELI 23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Umugani w’abasambanyikazi, ni bo Samariya na Yerusalemu 1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako, 2 riti Mwana w’umuntu, habayeh’ abagore babiri basangiye nyina: 3 maze basambanira muri Egiputa; bahēreye gusambana bakir’ inkumi; aho ni ho amabere yabo yakabakabiwe, amabere yabo yo mu bukumi bakayakorakora. 4 Amazina yabo, umukuru yitwa Ohola, na murumuna we yitwa Oholiba: hanyuma ndabābīra, bacika abanje, bavyara abahungu n’abakobga. Ayo mazina yabo, Ohola ni we Samariya, na we Oholiba ni Yerusalemu. 5 Maze, Ohola amaze kuba uwanje, acika maraya; kandi yagomwa abūzure biwe, ni bo Bashuri, ababanyi biwe; 6 bose bār’ imisore iteye igomwe, bār’ abagabisha n’ abatware, bambaye impuzu z’ amasufe, bagendera ku mafarasi. 7 Nukw abahurumbira nk’ikimaka, ni bo ntōre zose zo muri Ashuri, yiyanduza k’uwo yagomba wese no ku bigirwamana vyabo vyose. 8 Kandi ntiyaretse ubumaka bgiwe yagize uhereye ari muri Egiputa; kuko mu buto bgiwe bāryamanye na we, bagakorakora ku mabere yo mu bukumi bgiwe, kandi bakamugwizak’ ubusambanyi bgabo. 9 Ni co catumye ndamutanga mu maboko y’abūzure biwe, mu maboko y’Abashuri, abo yagomwa. 10 Nukw abo batwikurura ibiteye isoni vyiwe; batwara abahungu biwe n’abakobga biwe, na we ubgiwe bamwicisha inkota: nuko kuko bāmuciriyekw iteka, ahinduka akābarore mu bagore. 11 Nuko murumuna we Oholiba abona ivyo, yamar’ amurusha kwihumanya mu kugenda agomwa kwiwe, ubumaka bgiwe buruta ubga mukuru we. 12 Yagomwa Abashuri ni bo babanyi biwe, bār’ abagabisha n’abatware, bāri bambaye ibishajije rwose, bagendera ku mafarasi, bose ar’ imisore iteye igomwe. 13 Nuko mbona ko yononekaye, kandi ko bompi barondetse mu nzira imwe. 14 Mbere agwiza ubumaka bgiwe; kuko yitegereje abagabo bashushanijwe ku rusika, ibishushanyo vy’Abakaludaya bishushanijwe mw ibara ry’agahama, 15 bakenyeje imikanda mu rukenyerero, bīteze ibitambara vy’amabara bitendera mu mitwe yabo, bose baboneka kw ar’ abo mu nda y’ingoma, basa n’ab’i Babuloni h’i Bukaludaya, igihugu c’amavuka yabo. 16 Ako kanya abakubise amaso, aca arabagomwa, abatumakw intumwa i Bukaludaya. 17 Maz’ ab’i Babuloni baraza, bamusanga ku buriri yabengukirwako, bamwononesha ubusambanyi bgabo, mbere ahumanywa na bo; hanyuma umutima wiwe urabazinukwa. 18 Uko ni ko yagaragaje ubusambanyi bgiwe, agatwikurura ibiteye isoni vyiwe: nanje umutima wanje uca uramuzinukwa na we, nk’uko wazinutswe mukuru we. 19 Yamara yakomeje kugwiza ubumaka bgiwe, yibuka imisi yo mu buto bgiwe, igihe yīgira maraya mu gihugu ca Egiputa. 20 Agomwa abasambanyi baho, bafise umubiri umeze nk’uw’ indogoba, bagashuha nk’ amafarasi. 21 Uko ni ko wibukirije ubushakanyi bgo mu buto bgawe, igihe Abanyegiputa bakabakaba amabere yawe, bagakorakora ku mabere yo mu bukumi bgawe. Urubanza abo basambanyikazi bāciriwe 22 Nuko rero, yewe Oholiba, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Rāba, ngiye kukuvyukiriza ba būzure bawe, abo umutima wawe wazinutswe, mbazane kugutera baguturutse impande zose: 23 ni bo b’i Babuloni, n’Abakaludaya bose, n’ab’i Pekodi n’i Showa n’i Kowa, bo n’abo muri Ashuri bose; imisore iteye igomwe, abagabisha n’abatware bose, n’abaganwa n’ abantu ba rurangiranwa, bose bagendera ku mafarasi. 24 Nuko bazogutera bafise ibirwanishwa, n’imikogote y’intambara n’iyitwara ibintu, n’isinzi ry’amahanga; bazotonda urugamba bakurwanye, bagutangatanze impande zose, bafise inkinzo nto‐nto na nini‐nini n’inkofero z’ivyuma: kandi nzoshira imanza mu maboko yabo, bagucire urubanza, nk’ukw imanza zabo ziri. 25 Nzokurekurirakw ifuhe ryanje, na bo bazoguhanana inzigo; bazoguca amazuru n’ amatwi, kand’ amasigarira yawe azoririkwa n’inkota; bazotwara abahungu bawe n’abakobga bawe, maz’ amasigarira yawe azotikizwa n’umuriro. 26 Bazogukoba n’imyambaro yawe, bakwake n’utugenegene twawe twiza. 27 Uko ni ko nzozimiriza ubushakanyi bgawe, n’ubumaka bgawe wakūye mu gihugu ca Egiputa, woye no kuzosubira kubunamurirakw amaso canke no kuzokwibuka Egiputa ukundi. 28 Kuk’ ukw ari k’ Umwami Uhoraho agize, ati Rāba ngira nkugabure mu maboko y’ abo wanka, mu maboko y’abo umutima wawe wazinutswe; 29 na bo bazoguhanana urwanko, bakunyage ivyo waruhiye vyose, bagusige amēnya wambaye ubusa; kand’ ubgambure bg’ubumaka bgawe buzogaragazwa, ubushakanyi bgawe n’ubumaka bgawe vyompi. 30 Ivyo ni vyo uzogirirwa, kukw amahanga wayahurumbiye nk’ikimaka, ukanduzwa n’ibigirwamana vyayo. 31 Watoye inzira ya mukurwawe, ni co gituma igikombe ciwe ngira ndagishire mu kuboko kwawe. 32 Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Uzonywera ku gikombe ca mukurwawe, ni kirekire kandi ni kinini; uzoba agatwengo n’agashinyo: kand’ ico gikombe n’akamaramwaga. 33 Uzokwuzura ububorerwe n’ umubabaro, kukw ar’ igikombe c’ akajoreza gitera ibitongozi, ni co gikombe ca mukurwawe Samariya. 34 Uzokinywerako, ucīrāngūze, uhekenye n’ibibarara vyaco, witabagure ku mabere; kukw ari jewe mbivuze, ni k’Umwami Uhoraho agize. 35 None rero, uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, ati Ko wanyibagiye, ukanshiburira inyuma yawe, ubushakanyi bgawe n’ ubumaka bgawe ni wewe biriko. 36 Uhoraho yongera kumbarira, ati Mwana w’umuntu, Ohola na Oholiba mbega ntiwobacira urubanza? Bamenyeshe rero ibizira vyabo. 37 Kuko basambanye, kand’ amaraso bavishije ari ku ntoke zabo; basambanye n’ibigirwamana vyabo; kandi n’abahungu babo bamvyariye babatanze kw ibimazi ngo boswe mu muriro, babashikaniye ivyo bigirwamana ngo bibarye. 38 Ikigeretseko bankoreye n’ikindi: kur’ uwo musi nyene bahumanije ahēra hanje, kandi bazirūye n’amasabato yanje. 39 Kuko bamaze kwica abana babo, babashikaniye ibigirwamana vyabo, kur’ uwo musi nyene baca baza ahēra hanje kuhahumanya: mber’ uko ni ko bakoze mu ngoro yanje. 40 Ubabgire, ut’ Ikigeretseko, mwatumye ku bagabo ba kure; na bo batumwekw intumwa baraza; muriyuhagira ngo mubarābikire, mwiraba amarangi mu maso, mwisakara utugenegene twanyu, 41 mwicara ku musegamuro mutimbitse, har’ ameza agemetse imbere yawo, muyaterekakw imibavu yanje n’amavuta yanje ya elayo. 42 Maz’ urwamo rw’ishengero ryidibamiye rwahōga aho muri; kandi hamwe n’abantu ba nyarucari hazanywe n’ababorewe bavuye mu bugaragwa; babambika mwempi imiringa ku maboko, n’ibitsibo vyiza mu mitwe. 43 Maze mvuga ivy’ uwo asāziye mu busambanyi, nti N’ubu nyene bagiye kumusambanya, na we asambane na bo. 44 Bītera i we nk’abītera kwa maraya: uko ni ko bīteye kwa Ohola no kwa Oholiba, ba bashakanyikazi. 45 Kand’ abagororotsi ni bo bazobacira urubanza ruberanye n’abasambanyikazi, kandi ruberanye n’abagore b’abicanyi; kukw ar’ abasambanyikazi koko, kand’ amaraso bavishije ari ku ntoke zabo. 46 Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobavyukiriza igitero, mbatange bateragiranwe hirya no hino kandi basahurwe. 47 Ico gitero kizobicisha amabuye, kibahindikiranishe inkota; cice n’abahungu babo n’abakobga babo, giturire n’amazu yabo. 48 Uko ni ko nzoca ubushakanyi mu gihugu, kugira ngw abagore bose bigishwe kudatora ubushakanyi bganyu. 49 Kandi bazobasubiriza mu nkōko ibikwiranye n’ubushakanyi bganyu, mugibgeko n’ivyaha vy’uko mwagize ibigirwamana; kandi muzomenya yuko jewe nd’ Umwami Uhoraho. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi