EZEKIYELI 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ihamagarwa rya Ezekiyeli 1 Arambarira, ati Mwana w’ umuntu, vyuka uhagarare n’ ibirenge vyawe, mbone kugira ico nkubarira. 2 Akivugana nanje Mpwemu anyinjiramwo, ampagarika n’ibirenge vyanje; maze numva uyo avugana nanje. 3 Arambarira, ati Mwana w’umuntu, ngutumye ku Bisirayeli, kw ihanga ry’abagarariji bāngararije. Bāncumuyeko, bo na ba sekuruza, gushitsa no kur’ uyu musi nyene. 4 N’abana b’inshinyaguza b’imitima ikomantaye: abo ni bo ngutumyeko. Uz’ ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize. 5 Na bo bazokwumva canke batazokwumva, (kukw ar’ inzu y’ abagarariji), ariko rero bazomenya yuk’ ūvugishwa n’Imana yabaye muri bo. 6 Kandi nawe, mwana w’umuntu, ntuz’ ubatinye, ntuz’ utinye n’amagambo yabo, n’iyo woba mu mikere no mu mahwa, ukabana na za sikorupiyo: ntuz’ utinye amagambo yabo, canke ng’urandurwe umutima n’igitsure cabo, nah’ ar’ inzu y’abagarariji. 7 Nuk’ uz’ ubabarire amajambo yanje, bovyumva batovyumva; kukw ar’ abagarariji. 8 Ariko weho, mwana w’umuntu, ni wumve ico nkubgira; ntube umugarariji nk’ iyo nzu y’abagarariji: asamika akanwa kawe, maz’ ico nguha ukirye. 9 Ngize ntya, mbona ukuboko kuramvuye kuza iyo ndi; maze mbona gufise umuzingo w’ igitabo; 10 akizingururira imbere yanje: kandi cari canditswe imbere n’inyuma; canditswemw’ intimba n’amaborogo n’amahano. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi