Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

EZEKIYELI 2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ihamagarwa rya Ezekiyeli

1 Arambarira, ati Mwana w’ umuntu, vyuka uhagarare n’ ibirenge vyawe, mbone kugira ico nkubarira.

2 Akivugana nanje Mpwemu anyinjiramwo, ampagarika n’ibirenge vyanje; maze numva uyo avugana nanje.

3 Arambarira, ati Mwana w’umuntu, ngutumye ku Bisirayeli, kw ihanga ry’abagarariji bāngararije. Bāncumuyeko, bo na ba sekuruza, gushitsa no kur’ uyu musi nyene.

4 N’abana b’inshinyaguza b’imitima ikomantaye: abo ni bo ngutumyeko. Uz’ ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize.

5 Na bo bazokwumva canke batazokwumva, (kukw ar’ inzu y’ abagarariji), ariko rero bazomenya yuk’ ūvugishwa n’Imana yabaye muri bo.

6 Kandi nawe, mwana w’umuntu, ntuz’ ubatinye, ntuz’ utinye n’amagambo yabo, n’iyo woba mu mikere no mu mahwa, ukabana na za sikorupiyo: ntuz’ utinye amagambo yabo, canke ng’urandurwe umutima n’igitsure cabo, nah’ ar’ inzu y’abagarariji.

7 Nuk’ uz’ ubabarire amajambo yanje, bovyumva batovyumva; kukw ar’ abagarariji.

8 Ariko weho, mwana w’umuntu, ni wumve ico nkubgira; ntube umugarariji nk’ iyo nzu y’abagarariji: asamika akanwa kawe, maz’ ico nguha ukirye.

9 Ngize ntya, mbona ukuboko kuramvuye kuza iyo ndi; maze mbona gufise umuzingo w’ igitabo;

10 akizingururira imbere yanje: kandi cari canditswe imbere n’inyuma; canditswemw’ intimba n’amaborogo n’amahano.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ