EZEKIYELI 18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Umuntu wese ni we azokwibarizwa ivyo yakoze 1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako, 2 riti N’iki gituma mucira uyu mugani mu gihugu c’i Bgisirayeli, ngo Ba se barya inzabibu z’ibitumbge, amenyo y’abana akajiginyurwa? 3 Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, ntimuzokwongera kuronka inyanduruko yo guca uwo mugani mu Bisirayeli. 4 Eh’ abantu bose n’ abanje; nk’uk’ umwana ar’ uwanje, ni ko na se ar’ uwanje: umuntu akora icaha ni we azopfa. 5 Arik’ umuntu namb, ar’ umugororotsi, agakora ibitunganye n’ ibikwiye, 6 akaba atārīriye mu bitabo ku misozi, ntiyunamurire amaso ibigirwamana vy’inzu ya Isirayeli, kand’ akaba atononnye umugore wa mugenzi we, akaba atēgereye umugore mu gihe ari mu miziro; 7 atāgize uwo agunga, arikw akaba yarashubije ingwati nyeneyo; atāgize uwo anyaga ku gahahazo, arikw akaba yaragaburiye ūshonje, akambika impuzu uwambaye ubusa; 8 akaba atāgurāniye kuzohabga ay’ inyungu, canke ngo yake ibirenzeko na bikeya, arikw agatinyisha ukuboko kwiwe ivyaha, agaca ururoranye ku muntu na mugenzi we, 9 akagendera mu vyagezwe vyanje, akitondera amabgirizwa yanje ngw akore ivy’ ukuri; ben’ uyo aba ar’ umugororotsi, ntazobura kubaho, ni k’Umwami Uhoraho agize. 10 Arikw avyaye umwana akaba umwambuzi, akaba n’umwicanyi, akagira ico akora muri ben’ ivyo, 11 ntagire ico akora co mu vyari bikwiye, arikw akarīra mu bitabo ku misozi, akonona umugore wa mugenzi we, 12 akagunga impahazwa n’umukene, akanyaga ku gahahazo, akima ingwati nyeneyo, akunamurira amaso ibigirwamana, kand’ agakora ibizira, 13 akagurānira kuzohabga ay’ inyungu, akāka ibirenzeko: ben’ uyo mbega yobaho? Eka ntiyobaho: ko yoba yarakoze ivyo bizira vyose, ntiyobura gupfa; kand’ amaraso yiwe azoba kuri we. 14 Nuko rero n’uyo na we yovyara umwana, akitegereza ivyaha vyose vya se yakoze, agatinya, ntakore ibisa na vyo, 15 kand’ akaba atārīriye mu bitabo ku misozi, ntiyunamurire amaso ibigirwamana vy’inzu ya Isirayeli, ntiyonone umugore wa mugenzi we, 16 ntāgire uwo agunga, ntāgire uwo yaka ingwati, ntānyage ku gahahazo, arikw akaba yaragaburiye ūshonje, akambika impuzu uwambaye ubusa, 17 agatinyisha ukuboko kwiwe ngo ntigufyonderanye impahazwa, akaba atāgurāniye kuzohabga ay’ inyungu, ntiyake ibirenzeko, arikw agashitsa amabgirizwa yanje, akagendera mu vyagezwe vyanje: uyo ntazopfa azira ibigabitanyo vya se, mbere ntazobura kubaho. 18 Ariko se wiwe, kuko yahahaza cane, akanyaga mugenzi we ku gahahazo, agakora ibitaroranye mu bgoko bgabo, uyo ni we azopfa azize ibigabitanyo vyiwe. 19 Yamara muravuga ng’ Umwana n’iki kimubujije kuzira ibigabitanyo vya se? Ereg’ umwana ni yakora ibitunganye n’ibikwiye, akitondera ivyagezwe vyanje vyose, akabishitsa, ntazobura kubaho. 20 Umuntu akora icaha ni we azopfa: umwana ntazozira ibigabitanyo vya se, na se ntazozira ibigabitanyo vy’umwana wiwe; ubugororotsi bg’umugororotsi azobuharūrwako, ivyaha vy’umunyavyaha azobiharūrwako. 21 Arik’ umunyavyaha ni yahindukira akava mu vyaha vyiwe vyose yakora, akitondera ivyagezwe vyanje vyose, agakora ibitunganye n’ibikwiye, n’ukuri azobaho, ntazopfa. 22 Ibicumuro vyiwe vyose yacumuye nta na kimwe kizokwibukwa ngo gishirwe kuri we; azobeshwaho n’uko yakoze ivy’ ukugororoka. 23 Mbega mugira ngo mpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa? ni k’ Umwami Uhoraho abaza; ikimpimbara s’uko yohindukira akava mu ngeso ziwe akabaho? 24 Arik’ umugororotsi ni yahindukira akava mu bugororotsi bgiwe, agakora ivy’ ukugabitanya, akīgāna ibizira vyose umunyakibi akora, mbega yobaho? Mu bikorwa vy’ubugororotsi vyose yakoze, nta na kimwe kizokwibukwa: ubuhemu bgiwe yagize, n’ivyaha vyiwe yakoze, ni vyo azopfa azize. 25 Yamara muravuga, mut’ Inzira y’Umwami Imana ntiroranye. Enda ni mwumve, mwa b’inzu ya Isirayeli: mbega mugira ngw inzira yanje ni yo itaroranye? Non’ izanyu nzira si zo zitaroranye? 26 Umugororotsi ni yahindukira akava mu bugororotsi bgiwe, agakora ivy’ ukugabitanya, azopfa abizize; ibigabitanyo vyiwe yakoze ni vyo azopfa azize. 27 Ariko kandi, umunyavyaha ni yahindukira akava mu vyaha vyiwe yakora, agakora ibitunganye n’ ibikwiye, azokiza ubugingo bgiwe urupfu. 28 Kuko yīrīmbūye agahindukira akava mu bicumuro vyiwe vyose yakoze, n’ukuri azobaho, ntazopfa. 29 Yamar’ ab’ inzu ya Isirayeli baravuga, ngw Inzira y’Umwami Imana ntiroranye. Mwa b’inzu ya Isirayeli, mbega mugira ngw inzira yanje ni yo itaroranye? Non’ izanyu nzira si zo zitaroranye? 30 Ni co gituma, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli, ngira mbacire urubanza, umuntu wese nk’ukw inzira ziwe zimeze, ni k’Umwami Uhoraho agize. Ni mugaruke, muhindukire muve mu bicumuro vyanyu vyose, ibigabitanyo vyoye kubazanira kugesezwa. 31 Ni mute kure ibicumuro vyanyu vyose mwacumuye, mwironkere umutima musha n’impwemu nsha: n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli? 32 Erega simpimbarwa n’ urupfu rw’ūpfuye, ni k’Umwami Uhoraho agize: nuko ni muhindukire, mubeho. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi