Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

EZEKIYELI 16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ukw Imana yatoye Abayuda nk’umwana w’umutorano

1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako,

2 riti Mwana w’ umuntu, menyesha Yerusalemu ibizira vyaho,

3 uvuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho abarira Yerusalemu, at’ Amāmo yawe n’ amavuka yawe ur’ uwo mu gihugu c’i Kanani; so yar’ Umwamori, nyoko yar’ Umuhetikazi.

4 Mu mavuka yawe umusi wavutseko uruzogi rwawe ntirwagabiwe, ntiwarushe wuhagirwa amazi ng’ utungane; nta wakwiritse mu munyu na mba, canke ngw agushire mu twahi.

5 Nta wagushizekw akajisho ngw akugirire akagongwe, kugira ngw agire ico agukorera mur’ ivyo, ngw akugirire ikibabarwe; ariko washiburiwe mu gahinga umusi wavutseko, kuko war’ uteye ishishi.

6 Maze nguserutseko, mbona ingen’ ukumbagara mu bisanza vy’amaraso, ndakubarira, nti Nah’ uri mu maraso yawe, ndaguteretse, baho! Mbere narakubariye, nti Nah’ uri mu maraso yawe, ndaguteretse, baho!

7 Nakugwije nk’urumerēra rwo mw itongo, uragwira, urakura, ushika kuba umunyakaranga keza; amabere yawe arahagarara, n’ umushatsi wawe urakura; ariko wari gusa ugenda amēnya.

8 Maze ndaguserukako, ndakwitegereza, mbona yuk’ ushitse mu gihe uteye igomwe; maze ngutērerak’ umwambaro wanje, nambika ubgambure bgawe; mbere narakurahiye, nsezerana nawe isezerano, ucika uwanje, ni k’ Umwami Uhoraho agize.

9 Ndaheza nkwuhagiza amazi, mbere nkwuhagira amaraso yawe rwose, ngusīga amavuta.

10 Kandi nkwambika impuzu zijererenze amabara, nkwambika inkweto zo mu nsāto z’ibikōko vyitwa tahashi, ngukenyeza umukenyero wera derere, ngutwikira ihariri.

11 Ngusakarak’ utugenegene, nkwambika imiringa ku maboko n’umugufu mw izosi.

12 Nkwambika impeta ku zuru no ku matwi, n’igitsibo ciza mu mutwe.

13 Uko ni ko wasakawe izahabu n’ifeza; kand’ imyambaro yawe yar’ impuzu zera derere n’amahariri, n’ izijererenze amabara; wama urya ivy’ ifu isētse neza, n’ubūki, n’ amavuta; kandi wari n’akaranga bihebuje, uraroranirwa ushitsa no ku kwamikara.

14 Ucika rurangiranwa mu mahanga kubg’ ubgiza bgawe, kuko bgagizwe agahore n’icubahiro canje nagushizeko, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Uwo mugeni ata Imana umugabo wiwe

15 Ariko wishimiye ubgo bgiza bgawe, wihindura maraya, ubitewe n’uko wabaye rurangiranwa, ugasambana n’ūhise wese, ukaba uwiwe.

16 Kandi wābīra mu myambaro yawe, ukīshingira ibitabo ku mpinga z’imisozi, ukabishariza ivy’ amabara atar’ amwe, maz’ ukabisambaniramwo: nta bimeze nk’ivyo vyigeze kubaho, nta n’ ibizokwongera kuboneka.

17 Kandi wābiriye utugenegene twawe twiza tw’amazahabu yanje n’amafeza yanje, utwo naguhaye, utwicuriramw’ ibishushanyo vy’abagabo, maz’ usambana na vyo;

18 kandi wābīra imyambaro yawe ijererenze amabara urayivyambika; maz’ ubiterekereza amavuta yanje ya elayo n’imibavu yanje.

19 Mbere n’ivyo kurya vyanje naguhaye, ivy’ ifu isētse neza n’amavuta ya elayo n’ubūki, ivyo nakugaburira, warabibiterekereje ngo bibibere umubabge umota neza; uko ni ko vyagenze, ni k’Umwami Uhoraho agize.

20 Ikigeretseko, wābiriye abahungu bawe n’abakobga bawe, abo wamvyariye, ubatanga kw ibimazi ngo bibarye. Mbeg’ ubumaka bgawe ubgita ikintu coroshe,

21 ko wungikanya ukica n’abana banje, ukabatanga, ukabibosereza mu muriro nk’ ibimazi?

22 Mbega mur’ ivyo bizira vyawe vyose n’ubumaka bgawe, ntiwarushe wibuka imisi yo mu buyoya bgawe, igihe wari gusa ur’amēnya, ukumbagara mu bisanza vy’amaraso?

23 (Ereg’ ubonye ibara, ubonye ibara! ni k’Umwami Uhoraho agize.) Ukūye n’ivyo bibi vyawe vyose,

24 wiyubakiye akanyabugoro ahibonekeza, ukītabira ibitabo mu nzira zose.

25 Wītabiye ibitabo mu mayirabiri yose, ubgiza bgawe ubugira igihumane, witega ūhise wese, ugwiza ubumaka bgawe.

26 Kandi wasambanye n’ Abanyegiputa b’ababanyi bawe b’ amasekanya; ugwiza ubumaka bgawe ng’ untere ishavu.

27 Nuko rero, ehe rāba, ngushingirije ukuboko kwanje, ntuvye ingaburo yawe, nkugabure mu bakwanka ngo bakugire uko bagomba, ni bo bakobga b’Abafilisitiya, bāmāramājwe n’ubgēruzi bgawe.

28 Kandi wigize maraya ku Bashuri, kuk’ ur’ intashirwa; mbere wigize maraya kuri bo, yamara na ho nyene ntiwashirwa.

29 Ikigeretseko wagwije ubusambanyi bgawe mu gihugu c’i Kanani, gushitsa n’i Bukaludaya; yamara na ho nyene ntivyatuma ushirwa.

30 Ewe kuntu umutima wawe uhuha, ni k’Umwami Uhoraho agize; k’ukora ivyo vyose, ar’ ivyokorwa n’umugore w’igishegu w’umusambanyikazi;

31 ko wiyubakiye akanyabugoro ahibonekeza mu mayirabiri yose, ugataba ibitabo vyawe ku nzira zose; mbere ntiwabaye nka maraya, kuk’ utārinda no guhērwa.

32 Ewe wa mugore usambana kand’ ufise uwawe! Ukemerera impirahisi mu gishingo c’umugabo wawe!

33 Ba maraya bose bāhora bahērwa: ariko weho, ni wewe uhēra abūzure bawe bose, ukabagurira, kugira ngo baze iy’uri baturutse impande zose ngo basambane nawe.

34 Ubumaraya bgawe bunyuranije n’ubg’ abandi bagore, kukw ata wugukurikirana ngo musambane: ariko wewe, k’uhēra ntuhērwe, unyuranije n’abandi.


Igihano ca wa musambanyikazi w’umwicanyi

35 Nuko rero, wewe maraya, ni wumve ijambo ry’Uhoraho:

36 Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Kubg’ imyanda yawe ibaye agasumbirije, n’ibiteye isoni vyawe bitwikuruwe n’ubumaka bgawe n’abūzure bawe, kandi kubg’ ibigirwamana vyose vy’ ibizira vyawe, no kubg’ amaraso y’abana bawe wabishikaniye,

37 nuko rāba, nzokoraniriza abūzure bawe bose hamwe, ari bo bāguhimbara, bo n’abo wagomwa bose, hamwe n’abo wanka bose, nzobaguteranirizako baguturuke impande zose, maze ntwikurure ibiteye isoni vyawe, kugira ngo babibone vyose.

38 Kandi nzogucira urubanza ruhwanye n’urwo bacira abagore b’abasambanyikazi n’abagore bavisha amaraso; ishavu n’ifuhe ngufitiye nzotuma bikuvisha amaraso nawe.

39 Kandi nzokugabura mu maboko yabo, na bo bazosambura ka kanyabugoro kar’ ahibonekeza, basangangure na vya bitabo vyawe; bazogukoba n’imyambaro yawe, bakwake na twa tugenegene twawe twiza: maze bagusige uri gusa ur’amēnya.

40 Ikindi bazokugomorera igitero, kigutere amabuye, bagusogoteshe inkota zabo.

41 Amazu yawe bazoyatongoza umuriro, bagushitsekw iteka uciriweko, abagore benshi babirorēra; nanje nzozimiriza ugusambana kwawe, kandi ntuzokwongera gutanga impēra yakwo ukundi.

42 Uko ni ko nzoba ntuye ubushangashirwe ngufitiye, n’ifuhe ryanje nkugirira rizoba rikuvuyeko; nanje kizoba giciye, nzoba ntakiratse.

43 Kuk’ utibutse imisi yo mu buto bgawe, arik’ ukantera ishavu kubg’ ivyo vyose; nuko rero, ehe ngira ngusubize ku mutwe ingeso zawe, ni k’Umwami Uhoraho agize: kandi ntuzoba ukigereka ubgo bushakanyi ku bizira vyawe vyose.

44 Eh’ ūca imigani wese azogucak’ uyu mugani, ngo Nyina n’ umukobga n’iz’ imina.

45 Ur’ umwana wa nyoko, yabihiwe n’ umugabo wiwe n’abana biwe; uvukana na bene nyoko, babihiwe n’abagabo babo n’abana babo: nyoko yar’ Umuhetikazi, so yar’ Umwamori.

46 Mukurwawe ni Samariya, aherereye i bumoso bgawe, bo n’abakobga biwe; murumunawe aherereye i buryo bgawe ni we Sodomu n’abakobga biwe.

47 Yamara ntiwagendeye mu ngeso zabo gusa, canke ng’ ukurikire ibizira vyabo; ariko wabifashe nk’ivyoroshe, ubarusha kwihumanya mu ngeso zawe zose.

48 Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, yuko Sodomu murumunawe n’abakobga biwe batākoze nkawe n’abakobga bawe.

49 Rāba, ibi ni vyo bigabitanyo vya murumunawe Sodomu: kugira ubgibone, n’ukwibera mu gahimbo k’indya, n’ ugutsindaza ata co yinona; ivyo ni vyo vyari muri we no mu bakobga biwe; kandi ntiyatabaye impahazwa n’umukene.

50 Bābaye abībone, kandi bākorera ibizira imbere yanje: nuko mbibonye mbakūraho.

51 Mbere na Samariya ntiyakoze ivyaha bingana n’ igihimba c’ivyo wakoze; ariko weho wagwije ibizira kubarusha, ibizira vyawe vyose wakoze bituma ivya bene nyoko bitanībazwako.

52 Nawe ukorwe n’isoni, kuko wari wahinyuye bene nyoko; kubg’ ivyaha vyawe wakoze birusha ivyabo kuba bibi, bakurushije kuba abagororotsi: mber’ umāramāre, kand’ ukorwe n’isoni, kuko watumye bene nyoko batiyumvirwako ko bākoze nabi.

53 Nanje nzotuma bahindukira bave mu ngoyi zabo, ni bo Sodomu n’ abakobga biwe bari mu ngoyi, na Samariya n’abakobga biwe bari mu ngoyi, bo n’abawe b’imbohe bari mu ngoyi hagati muri bo;

54 kugira ng’ ukorwe n’isoni wewe ubgawe, umāramāzwe n’ivyo wakoze vyose, kuko wabaremesheje.

55 Kandi bene nyoko, Sodomu n’ abakobga biwe, bazokwongera kumera nk’uko bamye, na Samariya n’abakobga biwe, na bo bazokwongera kumera nk’uko bāmye, nawe n’abakobga bawe muzokwongera kumera nk’uko mwamye.

56 Murumunawe Sodomu ntiwarushe umucisha no mu kanwa mu gihe c’ubgibone bgawe,

57 ububi bgawe butaraseruka, nk’uko vyabaye mu gihe co gutēterezwa n’abakobga b’i Siriya n’abahakikije bose, bo n’abakobga b’Abafilisitiya bagushinyagurira impande zose.

58 Ubushakanyi bgawe n’ibizira vyawe vyaragukoze, ni k’Uhoraho agize.

59 Kuk’ ukw ari k’ Umwami Uhoraho agize, ati Nzokugirira nk’uko nawe wagize, wakēngereye indahiro wica isezerano.


Isezerano rya mbere ryishwe, Imana isubizah’ irisha

60 Yamara nzokwibuka isezerano nasezeranye nawe mu gihe c’ubuto bgawe, kandi nzogushirirah’ isezerano ry’ibihe bidashira.

61 Nawe ni ho uzoca wibuka ingeso zawe, ukamāramāra, ah’ uzokwākīrira bene nyoko, bakuru bawe na barumuna bawe; kandi nzobaguha bakubere abakobga, ariko si kubg’ isezerano ryawe.

62 Nuko nzogushirirah’ isezerano ryanje, maz’ uzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho:

63 kugira ng’ ubone kwibuka, utētērwe, ntukūreko n’umunwa, kubg’ isoni uzoba ufise, ni naheza kuguharira ivyo wakoze vyose, ni k’Umwami Uhoraho agize.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ