EZEKIYELI 14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ivy’ ababangikanya Uhoraho n’ibigirwamana 1 Maze bamwe bo mu bakuru b’Abisirayeli baza aho ndi, bicara imbere yanje. 2 Nukw ijambo ry’Uhoraho rinzako, 3 riti Mwana w’umuntu, abo bantu bakimagije ibigirwamana vyabo mu mitima, kandi bashize imbere yabo igitsitaza kibatsinda mu bigabitanyo vyabo: none noshobora nte kw abo bogira ico bansiguza na kimwe? 4 Nuko rero vugana na bo, ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli akimagiza ibigirwamana vyiwe mu mutima, agashira imbere yiwe igitsitaza kimutsinda mu bigabitanyo vyiwe, maz’ akaza gusiguza ūvugishwa nanje; jewe Uhoraho nzomwishura ibihwanye n’isinzi ry’ibigirwamana vyiwe, 5 kugira ngw ab’inzu ya Isirayeli mbafatane ibiri mu mitima yabo, kuko bose twahubanywe kubg’ ibigirwamana vyabo. 6 Nuko rero barira inzu ya Isirayeli, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ni mugaruke, mutere ibitugu ibigirwamana vyanyu, mukūre amaso yanyu ku bizira vyanyu vyose. 7 Kuk’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga aba muri bo, yitandukanya nanje, agakimagiza ibigirwamana vyiwe mu mutima, agashira imbere yiwe igitsitaza kimutsinda mu bigabitanyo vyiwe, maz’ akaza k’ūvugishwa nanje ngw amunsigurize; jewe Uhoraho nzomwiyishurira ubganje: 8 nzotungīra igitsure uwo muntu, ndamuhindure akajoreza n’ikimenyetso n’iciro ry’imigani, kandi nzomurandura mmukūre hagati mu bantu banje; nuko muzomenya ko jewe nd’ Uhoraho. 9 Kandi kamenyi ni yasukwa akagira ijambo avuga, ni jewe Uhoraho nzoba ndamusutse, kandi nzomushingiriza ukuboko kwanje, ndamurandure ndamukūre hagati mu bantu banje b’Abisirayeli. 10 Kandi bazogibgako n’ ibigabitanyo vyabo: ibigabitanyo vya kamenyi bizohwana n’ivy’ ūje kumusiguza ijambo; 11 kugira ngw ab’inzu ya Isirayeli ntibongere kwāngāra ngo bamveko, canke ngo bongere kwihumanisha ibicumuro vyabo vyose; ariko baze babe abantu banje, nanje mbe Imana yabo, ni k’Umwami Uhoraho agize. Abanyavyaha ntibazokizwa n’uko babana n’abagororotsi 12 Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako, 13 riti Mwana w’umuntu, igihugu ni cakora icaha kikancumurako, nanje nkagishingiriza ukuboko kwanje, nkavuna inkoni yaco cishimikije, ni yo mutsima waco, nkakirekuriramw’ inzara, nkakiranduramw’ abantu n’ibitungano, 14 naho coba kirimwo Nowa na Daniyeli na Yobu, abo ukw ari batatu, ukugororoka kwabo kwokiza ayabo magara gusa, ni k’ Umwami Uhoraho agize. 15 Kandi ni natērēra igihugu ibikōko vy’inkazi, bikagisivya kigahinduka amatongo, ntihabe hakigira umuntu agicamwo kubg’ ivyo bikōko, 16 naho coba kirimw’ abo bantu batatu, ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, nta we borokora, ar’ abahungu babo cank’ abakobga babo; ni bo borokoka gusa, arikw igihugu co coba amatongo. 17 Cank’ ico gihugu ni nagitērēra inkota, nkavuga, nti Wa nkota we, genda unyuragire mu gihugu, kugira ngo nkiranduremw’ abantu n’ibitungano, 18 naho coba kirimw’ abo bantu batatu, ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, nta we borokora, ar’ abahungu babo cank’ abakobga babo; ni bo borokoka gusa. 19 Cank’ ico gihugu ni nagitērēra ikīza, nkakirekuriramw’ ubushangashirwe bganje busēsa ibitenga vy’ amaraso, nkakiranduramw’ abantu n’ibitungano, 20 naho coba kirimwo Nowa na Daniyeli na Yobu, ndahiye ukubaho kwanje, ni k’ Umwami Uhoraho agize, nta we borokora, ar’ umuhungu wabo cank’ umukobga wabo; atar’ ayabo magara gusa bokiza, kubg’ ukugororoka kwabo. 21 Kuk’ ukw ari k’Umwami Uhoraho agize, ati Mbega ntibizorushiriza kuba birtyo kuri Yerusalemu, igihe nzoharekurira ivyo bihano bihambaye ukw ari bine, ni vyo nkota n’inzara n’ibikōko vy’inkazi n’ ikīza, kugira ngo ndaharandure abantu n’ibitungano? 22 Ariko rero hazosigara amasigarira azokūrwayo, y’abahungu n’abakobga; ehe bazoza iyo muri, namwe muzobona ingeso zabo n’ibikorwa vyabo; kandi muzoshira umwikomo w’ivyago vyose nzoba narateje i Yerusalemu. 23 Nuko bazobamara umwikomo, ni mwabona ingeso zabo n’ibikorwa vyabo; ni ho muzomenya yukw ivyo nahakoreye vyose ntabitewe n’ubusa, ni k’Umwami Uhoraho agize. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi