EZEKIYELI 13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Imbūri zo kuri ba kamenyi 1 Ijambo ry’Uhoraho rinzako, 2 riti Mwana w’umuntu, būrira ba kamenyi bo mu Bisirayeli, ubūrire abagenda bavugishwa n’ibiva mu mitima yabo ubgabo, ubabarire, uti Ni mwumve ijambo ry’Uhoraho: 3 uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Bazobona ibara, abo ba kamenyi b’ibipfu, bakurikira ivyiyumviro vyabo ubgabo, kand’ ata co beretswe! 4 Yemwe Bisirayeli, ba kamenyi banyu bameze nk’imbgebge zo mu bitongozi! 5 Ntimwarushe mudūga ngo muje mu birengero vyo ku rugo rw’inzu ya Isirayeli, canke ngo mubizibire, kugira ngo babone ingene bashikama mu ntambara ku musi w’Uhoraho. 6 Abavuga ngo Ni k’Uhoraho agize, kand’ Uhoraho atābatumye; beretswe ubusa bo n’indagu z’ibinyoma, kandi bizigiza abantu kw ijambo ryabo rizoshika. 7 Mbega ntimwarose inzozi z’ubusa, n’indagu mwavuze s’ibinyoma, ko muvuga ngo Ni k’ Uhoraho agize, na we ata co yavuze? 8 Nuko rer’ uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Ko mwavuze ibitagira ikimazi, mukerekwa ibinyoma, ngw Ehe muzohigūra na we, ni k’Umwami Uhoraho agize. 9 Ngo Kand’ ukuboko kwiwe kuzorwanya abo ba kamenyi berekwa ibitagira ikimazi, bakaragura ibinyoma: ngo Nta ho bazoba mu nama y’abantu biwe na mba, canke ngo bandikwe mu gitabo c’amazina c’inzu ya Isirayeli, canke ngo bashike mu gihugu c’Abisirayeli; ngo Kandi muzomenya kw ari we Mwami Uhoraho. 10 Ngw Ivyo bizoba kuko bama bazimiza abantu biwe, bavuga ngo N’amahoro; kand’ ata mahoro ariho; ngo Kand’ iyo hagize uwubaka urusika, baruhomakw ingwa. 11 Barira abaruhomakw ingwa yuko ruzohomvoka: hazogwa imvura y’ isegenya; namwe mwa mināna y’urubura, muzogwa; maz’ umuyaga w’ikirura urusiture. 12 Non’ urwo rusika ni rwahomvoka, mbega ntimuzobazwa, ngw Iryo homa mwāruhomye ryagiye hehe? 13 Nuko rero, ni jewe Umwami Uhoraho mbivuze, nti Mbere nzorusituza umuyaga w’ikirura nshangashiwe; hazogwa imvura y’isegenya izanywe n’uburake bganje, kand’ ubushangashirwe bganje buzotuma imināna y’urubura irukombora. 14 Uko ni ko nzohomvora urusika mwahomesheje ingwa, ndarusenyurire hasi, bitume itanguriro ryarwo rigaragazwa: nuko ruzohomvoka, namwe muherengeterezwe hagati muri rwo; ni ho muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho. 15 Uko ni ko nzoshitsa uburake bganje ku rusika no ku bāruhomesheje ingwa; kandi nzobabgira, nt’ Urusika ntirukiriho, cank’ abāruhomye, 16 ari bo ba bandi ba kamenyi bo mu Bisirayeli bavuga ivy’ i Yerusalemu, bakaharotera inzozi z’amahoro, kand’ ata mahoro ariho, ni jewe Umwami Uhoraho mbivuze. 17 Nuko nawe, mwana w’umuntu, tungīra ijisho abakobga b’ ubgoko bganyu, bavuga ibiva mu mitima yabo ubgabo; ubabūrire, 18 ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Bazobona ibara, abagore bapfundika ibiheko mu ngingo z’amaboko yose, bakabarīra imyitwikiro yo ku mitwe y’abantu, ukw ikirēho c’umuntu wese kiri, uti Kugira ngo babone ingene bafata abantu! Uti Mbega mwofata abantu biwe, namwe mukīkiza? 19 Uti Mwamutītūje mu bantu biwe ngo mwironkere ingemu z’ amashi ya sayiri n’ubumanyagu bg’imitsima, uti Kugira ngo mwice abantu batāri bakwiye gupfa, mukize abatāri bakwiye kubaho, uti Mu buryo mubesha abantu biwe bakunda kwumviriza ibinyoma. 20 Uti Nuko rero, uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngw Ehe azohigūra n’ivyo biheko vyanyu, ivyo mutegesha abantu nk’ abatega inyoni; ut’ Azobibashikura ku maboko; uti Maz’ agobōtore abo bantu mwateze ngo bīgīre, nk’ūgobotora inyoni. 21 Ngo N’iyo myitwikiro yanyu azoyitabagura, uti Maze ngw akize abantu biwe, abakūre mu maboko yanyu, ngo Kandi nta ho bazokwongera kuba mu maboko yanyu nk’abāfashwe; uti Nuko muzomenya yukw ari we Uhoraho. 22 Ut’ Ibinyoma vyanyu ko mwabibabarishije umutima w’umugororotsi uwo jewe ntābabaje, mukaremesha umunyakibi kugira ngo ntāhindukire ngw ave mu nzira yiwe mbi, ngw akire; 23 uti Ni co gituma mutazokwongera kwerekwa ibitagira ikimazi, canke kugira indagu muragura; uti Kand’ azokiza abantu biwe, abakūre mu maboko yanyu: uti Nuko muzomenya yukw ari we Uhoraho. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi