Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

EZEKIYELI 12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ezekiyeli yerekwa ingen’ umwami Zedekiya azokwambukanwa i Babuloni

1 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako,

2 riti Mwana w’ umuntu, uba hagati mu b’inzu y’ abagarariji, bafise amaso yo kubona ariko ntibabona, bafise amatwi yo kwumva ariko ntibumva; kukw ar’ inzu y’abagarariji.

3 Nuko rero wewe mwana w’ umuntu, ni witegure ibintu vyo ku nzira, uheze ujonjore ku murango bakubona; ujonjore uve i wawe uje ahandi bakubona: kumbure vyobatera kwibaza, nah’ ar’ inzu y’abagarariji.

4 Usohore ibintu vyawe ku murango bakubona, nk’ ibijonjoranwa: nawe ubgawe uhenge mu kagoroba usohoke bakubona, nk’ukw abantu bāmbukanywe bagenda.

5 Uheze wimbe utobore uruzitiro bakubona, uhacane ivyo bintu.

6 Ubishire ku rutugu bakubona, ubijane bumaze kwira; witwikire mu maso ngo ntubone igihugu: kuko nagushizeho kubera akarorero inzu ya Isirayeli.

7 Nuko ndabigenza nk’uko nabariwe: ibintu vyanje ndabisohora ku murango, ari nk’ibintu vyo ku nzira, maze mpenga mu kagoroba, ubganje nyene ndimba n’ amaboko yanje, ntobora uruzitiro; mbihacana bumaze kwira, mbishira ku rutugu babona.

8 Bukeye mu gitondo ijambo ry’ Uhoraho rinzako,

9 riti Mwana w’umuntu, mbeg’ ab’ inzu ya Isirayeli, ya nzu y’abagarariji, ntibakubajije ngw Ivyo ukora n’ibiki?

10 Ubishure, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, at’ Izi mbūri zibūrira segaba ar’ i Yerusalemu, n’ab’ inzu ya Isirayeli bose babayo.

11 Uvuge uti Mbabereye akarorero: uko nagenjeje ni ko bazogirirwa; bazokwambukanwa bajanwe ar’ inyagano.

12 Kandi segaba ari muri bo azokwikorera ku rutugu mw ijoro, asohoke: bazokwimba batobore uruzitiro ngo bahacane ibintu; na we azokwitwikira mu maso, ngo ntaz’ abone igihugu.

13 Kandi nzomutega ururiba rwanje, afatwe n’umutego wanje; nzomujana i Babuloni mu gihugu c’Abakaludaya; kandi ntazohabona nah’ ari ho azogwa.

14 Kand’ abamushagajeko bose bo kumutabara, n’imitwe y’ingabo ziwe zose, nzobashwiragiriza mu birēre vyose, kandi nzosokora inkota ibirukane.

15 Maze bazomenya yuko jewe nd’Uhoraho, igihe nzobasābagiriza mu mahanga, nkabashwiragiriza mu bihugu.

16 Ariko nzosiga bake muri bo mbakize inkota n’inzara n’ikīza, kugira ngo baze bāturire ibizira bākoze vyose mu mahanga aho bazoba bāraroye; kandi bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.

17 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako,

18 riti Mwana w’umuntu, uz’ urye ivyo kurya vyawe uhinda agashitsi, kand’ uz’ unywe amazi yawe uri mu gatengo uhagaritse umutima;

19 kand’ ubarire abantu bo mu gihugu, ut’ Uku ni k’ Umwami Uhoraho agize ku vy’ abar’ i Yerusalemu no mu gihugu c’i Bgisirayeli, ati Bazorya ivyo kurya vyabo bahagaritse imitima, banywe amazi yabo bumiwe, kukw igihugu kizohinduka imisaka, ivyaho bigasahurwa vyose, bazize umuryano w’abakibamwo bose.

20 Kand’ ibisagara vyuzuyemw’ abantu bizocika ibitongozi, igihugu na co gihinduke imisaka; namwe muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.

21 Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako,

22 riti Mwana w’umuntu, uyu mugani n’uw’ iki, muca mu gihugu c’i Bgisirayeli, ngw Imisi iratevye, kandi ng’ Ukwerekwa kwose kurabuze?

23 None rer’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzotuma uwo mugani uzimangana, ntibongere kuwuca mu Bisirayeli nk’umugani; arik’ ubabgire, ut’ Imisi irēgereje, n’ivyerekanywe vyose bigira bishike.

24 Nta kwerekwa kw’ ibinyoma cank’ indagu y’akabirya bizokwongera kuba mu nzu ya Isirayeli.

25 Kuko jewe nd’Uhoraho: nzovuga, kand’ ijambo nzovuga rizoshika; ntirizokwongera kurekerwa mu rutendeko: kuko mu gihe canyu, mwebge ab’ inzu y’abagarariji, nzovuga kandi nshitse ico navuze, ni k’Umwami Uhoraho agize.

26 Ijambo ry’Uhoraho ryongera kunzako,

27 riti Mwana w’umuntu, ereg’ ab’ inzu ya Isirayeli baravuga, ngw Ivyo weretswe bizoshika imisi yigiyeyo, kandi ng’ubūra ivy’ ibihe bikiri kure.

28 Nuko rer’ ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Amajambo yanje yose nta na rimwe rizosubira kurekerwa mu rutendeko, arikw ijambo nzovuga rizoshika, ni k’ Umwami Uhoraho agize.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ