EZEKIYELI 11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ezekiyeli yerekwa inkigi mbi yo mu bakuru b’i Yerusalemu 1 Maze Mpwemu yongera kunterura, anjana ku kirimba c’i burasirazuba co ku ngoro y’ Uhoraho kirābana n’i burasirazuba: mbona abantu mirongwibiri na batanu bari ku rugi rwo ku kirimba; kandi hagati muri bo mbona Yazaniya mwene Azuri, na Pelatiya mwene Benaya, abaganwa b’iryo hanga. 2 Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, abo ni ba bantu bīgīra imigabo y’ivyo kugabitanya, bakagīra abo mur’ iki gisagara inama z’ibibi; 3 bakavuga, bat’ Ereg’ igihe ntikiragera: enda ni twiyubakire amazu; bat’ Iki gisagara n’inkono, natwe tur’ inyama ziri muri yo. 4 Nuko rer’ ubabūrire, mwana w’umuntu, ubabūrire. 5 Maze Mpwemu w’Uhoraho aramanuka, anzako, arambarira, ati Vuga, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize: at’ Ivyo ni vyo mwavuze, yemwe ab’inzu ya Isirayeli; kuko nzi ivyo mwiyumvira. 6 Mwahindikiranije abo mwishe mur’ iki gisagara, mwujuje inzira zaho imihindigiti. 7 Nuko rer’ uku ni k’ Umwami Uhoraho agize, at’ Imihindigiti y’abo mwishe, mukayirunda hagati muri co, abo ni zo nyama, iki gisagara na co n’inkono: ariko namwe muzogikūrwamwo. 8 Inkota ni yo mwatinye, nanje inkota ni yo nzobatērēra nyene, ni k’Umwami Uhoraho agize. 9 Nzokibakūramwo, mbagabure mu maboko y’abanyamahanga, mbacirekw iteka. 10 Muzoririkwa n’inkota; nzobacira urubanza ndi mu rugabano rw’i Bgisirayeli: namwe muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho. 11 Iki gisagara ntikizobabera inkono, kandi namwe ntimuzoba inyama ziri muri yo; nzobacira urubanza ndi mu rugabano rw’i Bgisirayeli; 12 namwe muzomenya yuko jewe nd’ Uhoraho: kuko mutāgendeye mu mabgirizwa yanje, ntimushitse n’ amateka yanje, ariko mwakurikiye ivyagezwe vy’amahanga abakikije. 13 Maze ndabibabūriye, Pelatiya mwene Benaya aca arahwera. Nanje nca nikubita hasi nubamye, ntera ijwi hejuru, nti Yō! nti Yewe Mwami Uhoraho! nti Mbeg’ ugira uherengeteze rwose amasigarira y’ Abisirayeli? 14 Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako, 15 riti Mwana w’umuntu, bene wanyu, bene wanyu nyene, abo mu muryango wawe, bo n’inzu yose ya Isirayeli iy’ iva ikagera, ni bamwe bābariwe n’ababa i Yerusalemu, bati Ni mwīgire kure y’ Uhoraho: tweho iki gihugu ni co twahawe kw ishamvu. 16 Nuko rer’ uvuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nah’ abo nabangarije kure mu banyamahanga, kandi naho nabasābagirije mu bindi bihugu, ariko nzomara igihe mbabereye umwanya wera mu bihugu bagiyemwo. 17 Nuko rer’ uvuge, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzobakoranya mbakūre mu mahanga, kandi mbakoranirize hamwe mbakūye mu bihugu aho mwari mwarasābagirijwe, maze mbahe igihugu c’i Bgisirayeli. 18 Nuko bazojayo, bahakūre ibintu vyaho vyose nanka urunuka, n’ibizira vyaho vyose. 19 Nanje nzobaha umutima umwe, mbashiremw’ impwemu nsha; nzokūra umutima ukomeye nk’ibuye mu mibiri yabo, mbahe umutima woroshe nk’inyama; 20 ngo babone kugendera mu vyagezwe vyanje, no kwitondera amabgirizwa yanje ngo babishitse: maze bazoba ihanga ryanje, nanje nzoba Imana yabo. 21 Ariko ku vy’abo bafise imitima ihuramye ku bigirwamana vyabo nanka urunuka n’ibizira vyabo, izo ngeso zabo nzozibasubiza ku mitwe, ni k’ Umwami Uhoraho agize. 22 Maze ba bakerubi baterura amababa yabo, na ya makurudumu yar’ i ruhande yabo; kand’ ubgiza bg’Imana y’Abisirayeli bgari hejuru yabo. 23 Maz’ ubgiza bg’Uhoraho buradūga buva ku murwa hagati, buhagarara ku musozi ur’ i ruhande y’umurwa ahahera i burasirazuba. 24 Maze Mpwemu aranterura, mbona ansubiza i Bukaludaya ku bajanywe ar’ inyagano, ndi mur’ ukwo kwerekwa neretswe na Mpwemu w’Imana. Maz’ ukwo kwerekwa nabonye guca kumvako. 25 Mperako mbarira abājanywe ar’ inyagano ivyo Uhoraho yanyeretse vyose. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi