Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -

EZEKIYELI 10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)


Ezekiyeli yerekwa amakara yaka arekurirwa kuri Yerusalemu

1 Maze ngize ntya mbona mw itāzānure ry’ijuru ryo hejuru y’imitwe ya ba bakerubi, haboneka igisa n’ibuye ryitwa safiro, kimeze nk’igisa n’intebe y’ubgami.

2 Maz’ Uhoraho abarira wa muntu yambaye impuzu zera, ati Genda uce hagati ya ya makurudumu yizinguriza, musi y’umukerubi, wuzuze amashi yawe yompi amakara yaka, uyakūye hagati y’abakerubi, uyakwiragize hejuru y’igisagara. Nukw ahaca mbona.

3 Kandi ba bakerubi bāri bahagaze i buryo bg’ ingoro igihe wa muntu yahaca; maz’ igipfungu cuzura mu nyubakwa y’imbere.

4 Nuk’ ubgiza bg’Uhoraho buradūga buva ku mukerubi, buhagarara imbere y’ irebe ry’ingoro; maz’ ingoro yuzura igipfungu, inyubakwa na yo yuzura ugukayangana kw’ubgiza bg’Uhoraho.

5 Kand’ uguhinda kw’amababa y’abakerubi kwarumvikana kugashika no mu ntangaro, kumeze nk’ijwi ry’ Īshobora vyose iy’ ivuze.

6 Nukw imaze kubarira wa muntu yambaye impuzu zera, it’ Abīra umuriro uwukūye hagati ya ya makurudumu yizinguriza, no hagati y’abakerubi, araheza arahaca, ahagarara i ruhande y’ikurudumu.

7 Maz’ umukerubi umwe atuma ukuboko hagati ya ba bakerubi, ku muriro wari hagati yabo, awābīrako, awushira mu mashi y’uwo yambaye impuzu zera; arawābīra, aragenda.

8 Kandi musi y’amababa ya ba bakerubi hāboneka ibisa n’amaboko y’umuntu.


Ezekiyeli akomeza kwerekwa ivy’ amakurudumu n’abakerubi

9 Nuko ngize ntya, mbona amakurudumu ane i ruhande y’abakerubi, ikurudumu imwe ir’ i ruhande y’umukerubi umwe, iyindi ir’ i ruhande y’uwundi, birtyo birtyo: kand’ ayo makurudumu ishusho yayo yar’ imeze nk’ akabuyenge kitwa tarushishi.

10 Kand’ uko yasa, yose ukw ar’ ane yar’ afise ishusho imwe, nk’ ah’ umenga n’ikurudumu isobekeranye n’iyindi.

11 Iy’ agiye, yashobora kugenda ah’ agomvye mu mpande zose ukw ari zine: nta ho yahindukira iy’ agenda, arikw ahantu umutwe utumbereye ni ho yajana: nta ho yahindukira iy’ agenda.

12 Kand’ imibiri yabo yose, no mu migongo yabo, n’ amaboko yabo, n’amababa yabo, bo na ya makurudumu, ni yo ya makurudumu nyene yabo ukw ari bane, vyari vyuzuyekw amaso impande zose.

13 Kand’ ayo makurudumu yitwa Nyawizinguriza: yiswe artyo numva.

14 Kand’ umwe‐umwe yar’ afise mu maso hane: mu maso ha mbere hāri mu maso h’umukerubi, mu maso ha kabiri hāri mu maso h’ umuntu, mu maso ha gatatu hāri mu maso h’intambge, kandi mu maso ha kane hāri mu maso h’ inkukuma.

15 Maz’ abo bakerubi bādūga intumbgejuru; abo ni bo vya binyabugingo nari naraboneye ku ruzi Kebari.

16 Kand’ abo bakerubi iyo bagiye, ya makurudumu yagendera i ruhande yabo: kand’ iy’ abakerubi bateruye amababa ngo badūge bave kw isi, na ya makurudumu ntiyakebanuka ngw abave i ruhande.

17 Iyo bahagaze na yo yarahagarara; bādūga intumbgejuru akadūgana na bo: kukw impwemu y’ikinyabugingo cose yari muri yo.

18 Maz’ ubgiza bg’Uhoraho buragenda buva imbere y’irebe ry’ingoro, buhagarara hejuru y’abakerubi.

19 Maz’ abakerubi baterura amababa yabo, baradūga bava kw isi mvyibonera aho bāgenda, na ya makurudumu yabagendera i ruhande: maze bahagarara ku rugi rw’ikirimba co ku ngoro y’Uhoraho kirābana n’i burasirazuba; kand’ ubgiza bg’Imana y’Abisirayeli bgari hejuru yabo.

20 Abo ni bo vya binyabugingo nari narabonye biri musi y’Imana y’Abisirayeli ku ruzi Kebari; ndaheza mmenya kw ari bo bakerubi.

21 Umwe‐umwe yar’ afise mu maso hane, kand’ umwe‐umwe yar’ afise amababa ane; kandi hār’ ibisa n’ amaboko y’umuntu musi y’amababa yavyo.

22 Kand’ ishusho yo mu maso habo uko yar’ iri n’imwe nyene n’iyo naboneye ku ruzi Kebari, n’uko bāsa ni kumwe, mbere ni bo nyene; bose bāgenda babanze.

Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967

Bible Society of Burundi
ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:



ကြော်ငြာတွေ