EZEKIYELI 1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)Ezekiyeli yerekwa ibinyabugingo bine n’icubahiro c’Imana 1 Mu mwaka wa mirongwitatu, mu kwezi kwa kane, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, nari kumwe n’abājanywe ar’ inyagano turi ku ruzi Kebari; ijuru riruguruka, maze mbona ivyo neretswe bivuye ku Mana. 2 Kur’ uwo musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, hāri mu mwaka ugira gatanu umwami Yehoyakina yambukanywe ar’ inyagano, 3 ijambo ry’ Uhoraho ryanjeko jewe umuherezi Ezekiyeli mwene Buzi, ndi mu gihugu c’Abakaludaya ku ruzi Kebari; kand’ aho hantu nyene ni ho ukuboko kw’Uhoraho kwaziye kuri jewe. 4 Ngize ntya, mbona umuyaga w’ikirura uje uturutse i burārūko, igicu kininiya kirabagizamw’ umuriro, gikikijwe n’ibibatsi bituruka hagati muri wo, biboneka nk’ umuringa w’umujumbu, bituruka hagati mur’ uwo muriro. 5 Kandi muri wo hagati havamw’ ishusho y’ibinyabugingo bine. Kand’ uku ni ko vyasa: vyari bifise ishusho y’umuntu. 6 Kimwe‐kimwe cari gifise mu maso hane, kandi kimwe‐kimwe nyene cari gifise amababa ane. 7 Kand’ ibirenge vyavyo vyar’ inambi; mu bgōro bg’ ibirenge vyavyo hari hameze nk’ imbere mu nzāra z’inyana: kandi vyakayangana nk’umuringa w’ umwakaka. 8 Kandi vyari bifise amaboko nk’ay’ umuntu musi y’amababa yavyo mu mpande zavyo ukw ari zine; ivyo ukw ari bine, uku ni ko mu maso havyo n’ amababa yavyo vyari bimeze: 9 amababa yavyo yar’ asomanye; nta ho vyahindukira iyo bigenda; vyose vyagenda bibanze. 10 Mu maso havyo uko hāsa, vyari bifise mu maso nk’ah’ umuntu; kand’ ukw ari bine, vyari bifise mu maso nk’ah’ intambge mu ruhande rw’i buryo; kand’ ukw ari bine, vyari bifise mu maso nk’ah’ inka mu ruhande rw’i bumoso; kand’ ukw ari bine, vyari bifise mu maso nk’ ah’ inkukuma. 11 Kandi mu maso havyo n’amababa yavyo vyari bihānye inta ahahera hejuru; amababa abiri ya kimwe‐kimwe yasomana n’ay’ ikindi, yandi abiri agatwikira umubiri waco. 12 Kandi vyose vyagenda bibanze; aho Mpwemu yerekeje ni ho vyaja; nta ho vyahindukira iyo bigenda. 13 Kandi ku vy’ishusho y’ivyo binyabugingo uko yar’ imeze, vyasa n’amakara y’umuriro yaka, kandi vyasa n’imuri; uwo muriro waca hirya no hino hagati y’ivyo binyabugingo: uwo muriro wakayangana cane, kandi muri wo havamw’ imiravyo. 14 Ivyo binyabugingo vyariruka bigakimirana, bisa n’imiravyo irabagiza. 15 Nuko ncitegereza ivyo binyabugingo, mbona amakurudumu ahagaze hasi, imwe‐imwe i ruhande y’ivyo binyabugingo, imbere mu maso yavyo ukw ari bine. 16 Ayo makurudumu, ishusho yayo n’ uburyo yakozwe vyari bimeze nk’ akabuyenge kitwa tarushishi; kandi yose ukw ar’ ane yarasa: ishusho yayo n’uburyo yakozwe, vyasa n’ah’ umenga n’ikurudumu isobekeranye n’iyindi. 17 Iy’ agiye, yagenda yerekeye mu mpande zayo ukw ari zine: nta ho yahindukira iy’ agenda. 18 Ahihese hayo hāshika hejuru biteye ubgoba; kandi yose ukw ar’ ane, ahihese hayo hāri huzuyekw amaso impande zose. 19 Kand’ ivyo binyabugingo iyo bigiye, ya makurudumu yagendera i ruhande yavyo: kand’ iy’ ivyo binyabugingo biteruwe ngo bive kw isi, na ya makurudumu yaraterurwa. 20 Aho Mpwemu yerekeje hose ni ho vyaja, ari ho nyene Mpwemu yerekeje kugenda: ya makurudumu akagenda ateruwe i ruhande yavyo, kukw impwemu y’ikinyabugingo cose yari mu makurudumu. 21 Iyo bigiye na yo yaragenda; vyahagarara agahagarara; vyaterurwa ngo bive kw isi, na ya makurudumu agaterurwa i ruhande yavyo, kukw impwemu y’ ikinyabugingo cose yari mu makurudumu. 22 Hejuru y’imitwe y’ ivyo binyabugingo hār’ ikimeze nk’itāzānure ry’ijuru, gisa n’urubona ruca mu jisho, kibamvye hejuru y’imitwe yavyo. 23 Kandi musi y’iryo tāzānure, amababa yavyo yaranambikiriye, rimwe ryerekeye irindi: kimwe‐kimwe cari gifise abiri atwikiriye umubiri. 24 Kand’ iyo bigiye, numva guhinda kw’amababa yavyo, ni nko guhinda kw’amazi menshi, nk’ ijwi ry’Īshobora vyose, nk’uguhinda kw’ingabo: iyo bihagaze vyabumba amababa yavyo. 25 Kandi hirya y’itāzānure ry’ijuru ryo hejuru y’imitwe yavyo hār’ ijwi: nuko vyarahagarara bikabumba amababa yavyo. 26 Hirya y’iryo tāzānure ryo hejuru y’imitwe yavyo hār’ igisa n’intebe y’ubgami imeze nk’akabuyenge kitwa safiro; kandi hejuru kur’ ico kintu casa n’intebe y’ubgami hār’ igisa n’umuntu. 27 Uhereye ahobaye mu rukenyerero rwiwe ugasubiza ahahera haruguru, mbona ibiboneka nk’ umuringa w’umujumbu, n’igisa n’ umuriro umuziguje impande zose; kand’ uhereye ahobaye mu rukenyerero rwiwe ugasubiza ahahera hepfo, mbona umenga har’ ibisa n’umuriro, kand’ ibibatsi vyamukikiza hirya no hino. 28 Nk’uk’ umunywamazi wo ku gicu usa ku musi w’imvura, ni k’ugukayangana kwari kumukikije hirya no hino kwasa. Ivyo vyari bimeze nk’ibisa n’ubgiza bg’Uhoraho. Mbibonye, nikubita hasi nubamye, numva ijwi ry’ūvuga. |
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967
Bible Society of Burundi